Luka 12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ntidutinye abantu 1 Mur’ ico gihe, ishengero ry’abantu ibihumbi vyinshi rikoranira kuri we, bakandagirana, ahēra ku bigishwa biwe, arababarira, ati Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ni wo buryarya. 2 Nta catwikiriwe kitazotwikururwa, canke kinyegejwe kitazomenyekana. 3 Nukw ivyo mwavugiye mu mwiza vyose bizokwumvikanira mu muco, n’ico mwongoreraniye mu mazu haruguru kizovugirwa ku mazu hejuru. 4 Kandi ndabgira mwebge abakunzi banje: Ntimugatinye abica umubiri, hanyuma batagira ikindi bazobagira. 5 Ariko ndabereka iyo mukwiye gutinya: mutinye Iyiheza kwica umuntu, ikagira ububasha bgo kumukororera muri Gehinomu. Ni koko, ndababgire, abe ari yo mutinya. 6 Mbeg’ utunyoni dutanu ntitugurwa amakuta abiri? Ariko kamwe muri two ntigahundukwa imbere y’Imana. 7 Ariko n’umushatsi wo ku mitwe yanyu wose waraharūwe. Ntimutinye; muruta utunyoni twinshi. 8 Kandi ndababgire; Umuntu wese azonyaturira imbere y’abantu, Umwana w’umuntu azomwaturira imbere y’abamarayika b’Imana. 9 Arik’ ūnyihakanira imbere y’abantu, azokwihakanirwa imbere y’abamarayika b’Imana. 10 Kand’ umuntu wese azodedemba ku Mwana w’umuntu, azobiharirwa; arik’ ūzorogota kuri Mpwemu Yera ntazobiharirwa. 11 Kandi ni bābajana mu masinagogi bakabashīra abakuru n’abaganza, ntimuze muhagarikire imitima ico mwireguza n’ingene mwiregura, n’ico muvuga. 12 Kuko Mpwemu Yera mur’ ako kanya nyene azobategekera ivyo mukwiye kuvuga. Umutunzi w’igipfu 13 Maz’ umuntu wo mw ishengero aramubgira, ati Mwigisha, mbaririra mwene mama tugabure umwandu. 14 Aramubaza, ati Mbega wa mugabo, ni nde yanshizeho kuba umucamanza wanyu, canke kubagaburira ivyanyu? 15 Kand’ arababarira, ati Murumva, mwirinde ukwifuza kwose, kuk’ ubugingo bg’umuntu butava mu bihinda vy’ibintu atunze. 16 Kand’ abacira umugani, ati Hābaye umuntu w’umutunzi yar’ afise itongo rimera cane. 17 Yiyumvira mu mutima wiwe, ati Ndagira nte, ko ntagira aho nimburira imirima yanje? 18 Ati Ndabigenza ntya: ndasambura ibigega vyanje, nubake ibindi binini‐binini, abe ari ho nimburira imirima yanje yose n’ibintu vyanje vyose. 19 Nzobgira umutima wanje, nti Mutima, ufise ibintu vyinshi bizohitikirana imyaka myinshi, ruhuka, urye, unywe, unezerwe. 20 Maz’ Imana iramubgira, iti Wa gipfu we, mur’ iri joro barakwaka ubugingo bgawe: non’ ivyo wohitikiranije bizoba ivya nde? 21 Umuntu yishingurira ni kw amera, atar’ umutunzi mu vy’Imana. Ntitwiganyire 22 Abgira abigishwa biwe, ati Ni co gitumye ndababarira, nti Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya, cank’ umubiri wanyu ku vyo muzokwambara. 23 Kukw amagara aruta ivyo kurya, n’umubiri uruta ivyambarwa. 24 Ni mwitegereze ibikōna, ingene bitabiba, ntibishwabure, ntibigire ububīko cank’ ikigega, kand’ Imana irabitunga: erega mwebge muruta ibisīga cane. 25 Ni nde muri mwebge yoshobozwa n’amaganya kwisumvya uko yareha nk’ukuboko kumwe? 26 Nuko ni mutāshobora gukora igito rwose, n’iki gituma mwiganyira ibindi? 27 Ni mwitegereze amashurwe, ingen’ akura: ntiyīrirwa aratama, ntajisha impuzu: ariko ndababgire: Na Salomo mu bgiza bgiwe bgose ntiyar’ ashajije nka rimwe mur’ ayo. 28 Non’ Imana ko yambika ivyatsi vyo ku misozi irtyo, birih’ uyu musi, ariko nk’ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebge ab’ ukwizera guke mwe? 29 Kandi ntimukītwaririke ivyo murya n’ivyo munywa, ntimukiganyire. 30 Kukw ivyo vyose abanyamahanga bo mw isi ari vyo bitwaririka, ariko So arazi ko mukena ivyo. 31 Ariko mwitwaririke ubgami bgiwe, ni ho ivyo muzovyongerwa. 32 Yemwe mwa busho buto, ntimutinye: kuko So bimuhimbara kubaha ubgami. 33 Mugure ivyo mufise, mutange ibiguzi vyavyo kubg’ ubuntu; mwibarīrire imipfuko idashira, ubutunzi budashira buri mw ijuru, ahatēgērwa n’igisuma, ata n’inyenzi zōnōna: 34 kukw ah’ ubutunzi bganyu buri ari ho imitima yanyu izoba. Tube maso, turorēre Databuja 35 Mwame mukenyeye, kand’ amatara yanyu yame yaka: 36 namwe muse n’abantu barorereye shebuja, igihe agarukira ava mu bukwe, ngo ni yaza, akaramutsa, bace bamwugururira. 37 Hahirwa abo bashumba, abo shebuja azoza agasanga bari maso: ndababgire ukuri: Azokenyera, abicarike, aze, abagaburire. 38 Ni yaza mu gicugu canke mu nkoko, akabasanga artyo, bazoba abahirwe. 39 Kandi mumenye iki, yukw iyaba nyen’ urugo yar’ asanzwe azi igihe igisuma kiziramwo, yogavye, ntiyokunze kw inzu yiwe yimbga. 40 Namwe mwame mwiteguye, kuk’ Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye. 41 Petero aramubaza, ati Mbega Mugenzi, uwo mugani ni twebge twenyene uwuciriye, canke n’abandi bose? 42 Umwami Yesu na we aramubaza, ati Ni nde mubgiriza wo kwizigirwa w’ubgenge, shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngw abagaburire ku ngero yabo igihe kigeze? 43 Hahirwa uwo mushumba shebuja agarutse azosanga akora artyo. 44 Ndababgira ukuri yukw azomuha kugaba ivy’ afise vyose. 45 Arik’ uwo mushumba ni yibgira mu mutima wiwe, ati Databuja aracatevye kuza; maz’ agatangura gukubita abashumba n’incoreke, no kurya no kunywa no kuborerwa, 46 shebuja w’uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze, no mu gihe atazi, azomucamwo kubiri, amusangize umugabane wiwe n’abatizera. 47 Kand’ uwo mushumba yar’ azi ivyo shebuja agomba, ntiyitegure, ntakore ivyo agomba, azokubitwa nyinshi. 48 Arik’ ūtar’ abizi, agakora ibikwiye kumukubitisha, azokubitwa nkeya. Uwahawe vyinshi wese azobazwa vyinshi; uwabīkijwe vyinshi ni we bazorushiriza kwaka vyinshi. Avuga yukw abantu bazotandukana kubgiwe 49 Naje guta umuriro mw isi, non’ iyaba war’ umaze gufatwa, mba nkigomba iki kandi? 50 Ndi n’umubatizo, uwo nkwiye kubatizwa; emwe uko mbabazwa kugeza ah’ uzoherera! 51 Mbega mwiyumvira ko naje kuzana amahoro mw isi? 52 Ndababgire, si ko biri, ariko naje kuzana umucano. Kuk’ uhereye none hazobaho batanu mu nzu imwe batandukanye, batatu na babiri, na babiri na batatu. 53 Umwana azotandukana na se, na se n’umwana n’uko; umukobga azotandukana na nyina, na nyina n’umukobga n’uko; inabukwe azotandukana n’umukazana wiwe, n’umukazana na inabukwe n’uko. Abgira abantu ivyo kugendeza igihe cabo 54 Kand’ abgira ishengero, at’ Iyo mubonye igicu kivuye i burengerazuba, muca mugira ngw Imvura iraguye; kandi ni ko biba. 55 Iyo mubonye umuyaga uturutse i bumanuko mugira ngo Haraba indugumba, kandi ni ko biba. 56 Mwa ndyarya mwe, murazi kugendeza isi n’ijuru, n’iki kibabuza kugendeza iki gihe? 57 Kandi namwe ubganyu n’iki kibabuza kugenzura ivyo kugororoka? 58 Ni wajana n’ūkurega muja ku mushingantahe, mukiri mu nzira ushishikare kwikiranura na we, ngo ntagukwegere ku mucamanza, umucamanza akaguha umusoda, akagushira mw ibohero. 59 Ndakubgire, Ntuzohava na gatoya, utishuye n’isenge ry’imperēra. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi