Luka 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Icatumye Luka yandika Ubutumwa Bgiza 1 Abantu benshi bāgerageje kwandika amajambo adonda ivyābaye muri twebge, 2 nk’uko twabirazwe n’abāhereye ubga mbere ar’ivyabona vyavyo n’abasuku b’ijambo ry’Imana. 3 Nuko nanje, mpejeje gukurikiranya vyose neza mpereye ku vya mbere, nabonye kw ari vyiza kubikwandikira uko bikurikirana, wewe Teyofilo umwubahwa, 4 kugira ng’ umenye neza yukw amajambo wigishijwe ar’ ay’ ukuri adakekeranywa. Umumarayika abgira Zakariya yukw azovyara Yohana 5 Ku ngoma ya Herode, umwami w’i Yudaya, hārih’ umuherezi yitwa Zakariya, wo mu mutigiri wa Abiya, kandi yar’ afise umugore wo mu nzu ya Aroni, yitwa Elisabeti. 6 Bompi bāgororoka imbere y’Imana, bāgendera mu vyagezwe n’amabgirizwa vy’Umwami Imana vyose, batagawa. 7 Ariko ntibagira umwana, kuko Elisabeti yar’ ingumba, kandi bompi bāri bageze mu zabukuru. 8 Maze yarikw arakora igikorwa c’ubuherezi imbere y’Imana, ukw imbu zabo zikurikirana; 9 kandi nk’uk’ umugenzo w’abaherezi war’ uri, ni we yari yatoranijwe n’ubupfindo kwinjira ahēra h’urusengero rw’Umwami Imana, kwosa imibavu: 10 kand’ ishengero ryose ry’ubgo bgoko ryariko rirasengera hanze mu gihe co kwosa. 11 Maz’ umumarayika w’Umwami Imana aramwiyereka, ahagaze i buryo bg’igicaniro boserezakw imibavu. 12 Zakariya amubonye ahagarika umutima, aterwa n’ubgoba. 13 Umumarayika aramubgira, ati Nta co utinya, Zakariya, kukw ivyo wasavye vyumviswe, umugore wawe Elisabeti azokuvyarira umuhungu, uz’ umwite Yohana: 14 uzonezerwa, uzohimbarwa, kandi benshi bazonezererwa ukuvuka kwiwe; 15 kukw azoba mukuru mu nyonga z’Umwami Imana; ntazonywa vino cank’ ikiboreza na kimwe; azokwuzuzwa Mpwemu Yera, ahereye ku kuva mu nda ya nyina, 16 kand’ azosanganya benshi bo mu Bisirayeli n’Umwami Imana yabo. 17 Azoyiza imbere ari n’umutima wa Eliya n’ubushobozi bgiwe, ngw asanganye imitima ya ba se n’iy’ abana, n’intabarirwa azisubize ku bgenge bg’abagororotsi, ategurire Umwami Imana ubgoko burorane. 18 Zakariya abaza umumarayika, at’ Ivyo nzovyerekwa n’iki, ko nd’umutāma, n’umugore wanje akaba ageze mu zabukuru? 19 Umumarayika aramwishura, ati Ndi Gaburiyeli, nama mpagaze mu nyonga z’Imana, kandi natumwe kubonana nawe no kukubgira ubgo butumwa bgiza. 20 Umve, uragobga ururimi, kandi ntuzoshobora kuvuga, kugeza ku musi ivyo bizoberako, kuk’ utemeye ijambo ryanje, rizoshika mu gihe caryo. 21 Abantu bāri barorereye Zakariya batangazwa n’ukw atevye ahēra h’urusengero. 22 Maz’ asohotse ntiyagira ico ashobora kuvugana na bo, bamenya yuko har’ ico yerekewe ahēra h’urusengero: arabagereraniriza, agumya kuba ikiragi. 23 Maz’ imisi yo gusasa kwiwe ishize, asubira i we. 24 Iyo misi ishize, umugore wiwe Elisabeti asama inda, atinya abantu amezi atanu, 25 at’ Uku ni k’Umwami Imana inkoreye mu misi yandābiyemwo kunteturura mu bantu. Gaburiyeli abgira Mariya yukw azovyara Yesu 26 Kandi mu kwezi kwa gatandatu, umumarayika Gaburiyeli atumwa n’Imana mu gisagara c’i Galilaya citwa Nazareti, 27 ku nkumi ikowe n’umugabo yitwa Yosefu, wo mu nzu ya Dawidi, izina ry’iyo nkumi ni Mariya. 28 Yinjira ah’ ari, aramubgira, ati N’amahoro, ugiriwe ubuntu, Umwami Imana ari kumwe nawe. 29 Ariko we ahagarika umutima cane w’iryo jambo, yibaza iyo ndamukanyo iy’ ari yo. 30 Umumarayika aramubgira, ati Nta co utinya, Mariya, kuk’ ugiriwe ubuntu n’Imana. 31 Umve, uzosama inda, uvyare umuhungu, kand’ uz’ umwite YESU. 32 Azoba mukuru, azokwitwa Umwana w’Īsumba vyose, kand’ Umwami Imana azomuha intebe y’ubgami ya sekuruza Dawidi, 33 ahangame mu nzu ya Yakobo ibihe bidashira; ubgami bgiwe ntibuzogira iherezo. 34 Mariya abaza umumarayika, at’ Ivyo bizobaho bite, ko ntaramenya icitwa umugabo? 35 Umumarayika aramwishura, ati Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bg’Īsumba vyose buzogutera igitūtu: ni co gituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w’Imana. 36 Kand’ umve, Elisabeti mwene wanyu na we atwaye inda y’umuhungu mu butāmakazi bgiwe, uwitwa ingumba uku n’ukwezi kwiwe kwa gatandatu: 37 kukw ata jambo rivuye ku Mana ribura ububasha. 38 Mariya aramubgira, at’ Ehe nd’ umugurano w’Umwami Imana, bimbere ukw ijambo ryawe rivuzwe. Maz’ umumarayika ava ah’ ari, aragenda. Mariya agendera Elisabeti, ashima Imana 39 Mur’ iyo misi Mariya arikora, agenda yihuta, aja mu mugamba mu gisagara c’i Yudaya, 40 yinjira mu nzu kwa Zakariya, aramukanya na Elisabeti. 41 Maze Elisabeti yumvise indamukanyo ya Mariya, inda ikinagira muri we, Elisabeti yuzuzwa Mpwemu Yera, 42 avuga n’ijwi rirenga, ati Mu bagore urahiriwe, n’imbuto yo mu nda yawe irahiriwe. 43 Kand’ iki kimbereyekw iki, nyina w’Umwami wanje kuza aho ndi? 44 Kukw ijwi ry’indamukanyo yawe ryinjiye mu matwi yanje, inda igakinagizwa muri jewe n’umunezero. 45 Kandi hahirwa wewe wizeye, kukw ivyo wabgiwe n’Umwami Imana bizoshika. 46 Mariya aravuga, at’ Ubugingo bganje butazira Umwami Imana, 47 Umutima wanje unezererewe Imana Umukiza wanje: 48 Kuko yabonye ubufafara bg’umugurano wayo, Kand’ uhereye none, ab’ ibihe vyose bazonyita umuhirwa. 49 Kukw Iy’ ubushobozi inkoreye ibikomeye, Kand’ izina ryayo n’iryera. 50 Imbabazi zayo ziri ku bayubaha ku buzukuru no ku buzukuruza‐kuruza babo: 51 Yerekanishije ubushobozi ukuboko kwayo, Yasābagije abībona mu vyo biyumvira mu mitima yabo. 52 Yirukanye abaganza ku ntebe zabo, Yashize hejuru abafafara. 53 Abashonje yabahāgije ivyiza, Yirukanye abatunzi bagenda imvumure. 54 Yatabaye Isirayeli umusavyi wayo, Maze ngw imbabazi zayo izibuke, 55 Nk’uko yabgiye ba sogokuruza, Kuzigirira Aburahamu n’uruvyaro rwiwe, ibihe bidashira. 56 Kandi Mariya amarana na we amezi nk’atatu, asubira i wabo. Ukuvuka kwa Yohana Umubatizi 57 Igihe co kuvyara kwa Elisabeti kirashika, avyara umuhungu. 58 Ababanyi biwe n’incuti ziwe bumva yuk’ Umwami Imana yamugiriye imbabazi nyinshi, banezeranwa na we. 59 Ku musi ugira umunani baza gukeba uwo mwana, bagomba kumwitiranya na se Zakariya. 60 Nyina arababgira, at’ Oya, ni yitwe Yohana. 61 Baramubgira, bati Mu muryango wanyu kw ata witwa iryo zina. 62 Bagereraniriza se, bamubaza ukw agomba ko yitwa. 63 Yaka ico kwandikako, arandika, at’ Izina ryiwe ni Yohana. 64 Bose baratangara. Uwo mwanya akanwa kiwe karazibūka, n’ururimi rwiwe ruragobodoka, aravuga, ashima Imana. 65 Ababanyi babo bose baterwa n’ubgoba: ayo majambo yose akwira mu mugamba wose w’i Yudaya. 66 Abavyumvise bose babishira mu mitima yabo, bati Mbe non’ uyo mwana azoba umuntu ki? Kuk’ ukuboko kw’Umwami Imana kwari kumwe na we. Zakariya ashima Imana 67 Se Zakariya yuzuzwa Mpwemu Yera, avugishwa n’Imana, 68 at’ Umwami ashimwe, Imana y’Abisirayeli, Kukw igendeye abantu bayo, ikabacungura; 69 Kand’ iduhagurukirije ihembe ry’agakiza Mu nzu ya Dawidi umusavyi wayo, 70 Nk’uko yavugiye mu kanwa k’abera yavugisha, bāhereye mbere na mbere, 71 Ngw idukize abansi bacu n’amaboko y’abatwanka bose: 72 Kand’ igirire ba sogokuruza imbabazi, Yibuke isezerano ryayo ryera, 73 Indahiro yarahiye sogokuruza Aburahamu, 74 Kw izoduha gukizwa amaboko y’abansi bacu, Tukayisenga ata bgoba, 75 Tur’ abera tugororoka mu nyonga zayo imisi yacu yose. 76 Kandi nawe, mwana, uzokwitwa umuntu avugishwa n’Īsumba vyose, Kuk’ uzokwītangira imbere y’Umwami Imana gutegūra inzira ziwe: 77 Kumenyesha abantu biwe agakiza, Kw ar’ uguharirwa ivyaha vyabo, 78 Kubg’ umutima w’imbabazi w’Imana yacu, Ni wo uzotuma umutwenzi utugendera, uvuye mw ijuru, 79 Ng’utambikire abicaye mu mwiza no mu gitūtu c’urupfu, Urōngōrere ibirenge vyacu mu nzira y’amahoro. 80 Nya mwana arakura, agwiza inkomezi z’umutima, aba mu bugaragwa kugeza umusi yerekewekw Abisirayeli. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi