Kuvayo 7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Uhoraho asubira gutuma Mose kuri Farawo 1 Uhoraho abarira Mose, ati Rāba, nkugize nk’imana kuri Farawo, kandi Aroni mwene nyoko azokuvugira. 2 Uz’ uvuge ico nkubarira cose, maze Aroni mwene nyoko abibarire Farawo, kugira ngw arekure Abisirayeli bave mu gihugu ciwe. 3 Ariko nzokomantaza umutima wa Farawo, mpeze ngwize ibimenyetso vyanje n’ibitangaza vyanje mu gihugu ca Egiputa. 4 Yamara Farawo ntazobumvira; maze nzobangurira ukuboko kwanje kuri Egiputa, nkūrey’ ingabo zanje, ni bo bantu banje b’Abisirayeli, mbakūze mur’ ico gihugu ca Egiputa ibihano bikomeye. 5 Igihe nzobangurira ukuboko kwanje kuri Egiputa, ngakūra Abisirayeli muri bo, Abanyegiputa bazomenya ko nd’ Uhoraho. 6 Nuko Mose na Aroni bagenza bartyo, uk’ Uhoraho yabageze, aba ari ko bakora. 7 Mose yar’ amaze imyaka mirongumunani, igihe babarira Farawo, Aroni na we yar’ amaze mirongumunani n’itatu. Abanyamarēba ba Farawo bīgāna ivya ca kimenyetso c’inkoni 8 Uhoraho abarira Mose na Aroni, 9 ati Farawo ni yabaronderakw ikimenyetso kibamenyekanisha, ubgire Aroni, uti Zana iyo nkoni witwaje, uyiterere hasi imbere ya Farawo, kugira ngw ihinduke inzoka. 10 Nuko Mose na Aroni binjira kwa Farawo, bagira nk’uk’ Uhoraho yababariye: Aroni aterera inkoni yiwe hasi imbere ya Farawo n’abantu biwe, ihinduka inzoka. 11 Farawo na we ahamagaza abanyabgenge n’abapfumu: abo ni bo banyamarēba bo muri Egiputa, na bo babigira bartyo, babikoresheje amarēba yabo. 12 Umuntu wese muri bo aterera inkoni yiwe hasi, iba inzoka; maz’ inkoni ya Aroni imira izabo. 13 Umutima wa Farawo urakomantara, ntiyabumvira, nk’uk’ Uhoraho yari yaravuze. Icago ca mbere: amazi ahinduka amaraso 14 Uhoraho abarira Mose, at’ Umutima wa Farawo urakomeye, yanse kureka abo bantu ngo bagende. 15 Mu gatondo uz’ uje iyo Farawo ari; eh’ azoba aja ku ruzi, nawe uz’ uhagarare ku nkombe y’uruzi, umurorēre; kand’ uze witwaze ya nkoni yahinduka inzoka. 16 Umubarire, ut’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, yakuntumyeko, ngo Reka abantu biwe bagende, bamusabire mu bugaragwa: uti Kandi none gushitsa ubu nturamwumvira. 17 Ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Iki ni co kizokumenyesha yukw ar’ Uhoraho: ut’ Ehe ngira nkubitishe inkoni nitwaje amazi y’ uruzi, ahinduke amaraso: 18 amafi yo mu ruzi apfe, uruzi runuke; Abanyegiputa babihirwe n’amazi yo mu ruzi. 19 Uhoraho abarira Mose, ati Bgira Aroni, uti Jana inkoni witwaje, uramvure ukuboko kwawe hejuru y’amazi yo muri Egiputa, ku nzūzi zabo, no ku migende y’amazi yabo, no ku bidengeri vyabo, n’ah’ amazi ateze hose, ahinduke amaraso; kandi mu gihugu cose ca Egiputa haraba amaraso, ari mu māto, canke mu mpange zābājwe mu mabuye. 20 Nuko Mose na Aroni bagira nk’uk’ Uhoraho yababariye; amanika iyo nkoni, akubitira amazi yo mu ruzi imbere ya Farawo n’ imbere y’abantu biwe; amazi yose yo mu ruzi ahinduka amaraso. 21 Amafi yo mu ruzi arapfa; uruzi ruranuka, Abanyegiputa ntibashobora kunywa amazi yo mu ruzi; amaraso aba mu gihugu cose ca Egiputa. 22 N’abanyamarēba bo muri Egiputa na bo babigira bartyo babikoresheje amarēba yabo: umutima wa Farawo urakomantara, ntiyumvira Mose na Aroni, nk’ uk’ Uhoraho yari yaravuze. 23 Farawo arahindukira, yīgīra i we, n’ivyo ntiyabibabara. 24 Abanyegiputa bose bimba hafi y’ uruzi, kugira ngo baronke amazi yo kunywa, kuko batāshobora kunywa amazi yo mu ruzi. 25 Uhoraho yononye uruzi, hashira imisi ndwi. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi