Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Kuvayo 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Imana yongera kwibarira Mose

1 Uhoraho abarira Mose, at’ Uhereye none uzorāba ivyo nzogirira Farawo: ukuboko kw’ ubushobozi kuzomugondōza, abarekure, mber’ ukuboko kw’ubushobozi kuzomugondōza, abirukane mu gihugu ciwe.

2 Imana ibarira Mose, iti Nd’ UHORAHO;

3 kandi niyeretse Aburahamu, na Isaka, na Yakobo, ko nd’ Imana Ishobora vyose, ariko sinabīmenyesha mur’ iryo zina ryanje UHORAHO.

4 Kandi nakomeje isezerano ryanje na bo, ko nzobaha igihugu c’i Kanani, igihugu bābayemw’ ar’ inyambukīra.

5 Kandi numvise amaborogo y’Abisirayeli, Abanyegiputa bazigiye mu buja; nibuka isezerano ryanje.

6 Nuko barira Abisirayeli yuko nd’ Uhoraho, kandi nzobakūra ku bikebere Abanyegiputa babakebera, mbakūre mu buja barimwo, mbacunguze ukuboko kuramvuye, n’ibihano bikomeye:

7 kandi nzobagira abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu; ni ho muzomenya ko nd’ Uhoraho Imana yanyu, ibakūye ku bikebere Abanyegiputa babakebera.

8 Kandi nzobajana mu gihugu narahiye mmanitse ukuboko ko nemeye kuzogiha Aburahamu na Isaka na Yakobo; nzokibaha kibe ishamvu yanyu; nd’ Uhoraho.

9 Mose abibarira Abisirayeli nk’uko nyene; ariko ntibāmwumvira kubg’ ubgihebe bgo mu mitima, no kubg’ ubuja bārimwo bg’agahahazo.

10 Uhoraho abarira Mose,

11 ati Genda kwa Farawo umwami wa Egiputa, umubarire arekure Abisirayeli bave mu gihugu ciwe.

12 Mose arishura ar’ imbere y’ Uhoraho, ati Rāba, Abisirayeli ntibanyumviye, none Farawo yonyumvira ate, kand’ iminwa yanje ihumanye?

13 Arik’ Uhoraho abarira Mose na Aroni, abatuma ku Bisirayeli no kuri Farawo umwami wa Egiputa, ngo bakūre Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa.


Amamo ya Mose na Aroni

14 Aba ni bo bakuru b’amazu ya ba sekuruza. Bene Reyubeni imfura ya Isirayeli ni Henoki na Palu na Hesironi na Karumi: abo ni bo mazu ya Reyubeni.

15 Bene Simeyoni ni Yemuweli na Yamini na Ohadi na Yakini na Sohari, bo na Sauli umwana yavyaye ku Munyakananikazi: abo ni bo mazu ya Simeyoni.

16 Aya ni yo mazina ya bene Lewi, nk’ uko bagiye bavyarana: bene Lewi ni Gerushoni na Kohati na Merari; imyaka Lewi yamaze n’ijana na mirongwitatu n’indwi.

17 Bene Gerushoni ni Libuni na Shimeyi, nk’ukw amazu yabo ari.

18 Bene Kohati ni Amuramu na Isihari na Heburoni na Uziyeli: imyaka Kohati yamaze n’ijana na mirongwitatu n’itatu.

19 Bene Merari ni Mahili na Mushi; abo ni bo mazu y’Abalewi, nk’uko bagiye bavyarana.

20 Amuramu arongora Yokebedi inasenge: bavyarana Aroni na Mose; imyaka Amuramu yamaze n’ijana na mirongwitatu n’indwi.

21 Bene Isihari ni Kora na Nefegi na Zikiri.

22 Bene Uziyeli ni Mishayeli na Elisafani na Sitiri.

23 Aroni arongora Elisheba, umukobga wa Aminadabu, mushiki wa Nahashoni; bavyarana Nadabu na Abihu na Eleyazari na Itamari.

24 Bene Kora ni Asiri na Elikana na Abiyasafu; abo ni bo mazu y’ Abakora.

25 Eleyazari mwene Aroni arongora umwe mu bakobga ba Putiyeli; bavyarana Finehasi. Abo ni bo bakuru b’amazu ya ba sekuruza b’Abalewi, nk’ukw inzu zabo ziri.

26 Abo ni bo ba bandi Aroni na Mose, Uhoraho yabariye, ati Ni mukūre Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa, mubakurikiranye mu mice yabo.

27 Mose na Aroni abo, ni bo bavuganye na Farawo umwami wa Egiputa ivy’ ugukūra Abisirayeli muri Egiputa.

28 Ku musi Uhoraho yabaririye Mose mu gihugu ca Egiputa,

29 yaramubariye, ati Nd’ Uhoraho: bgira Farawo umwami wa Egiputa ico nkubarira cose.

30 Ariko Mose yishura ar’ imbere y’Uhoraho, ati Rāba, iminwa yanje imeze nk’umubiri utākebge: none Farawo yonyumvira ate?

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan