Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Kuvayo 40 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Uhoraho abarira Mose gushinga iryo hema

1 Uhoraho abarira Mose,

2 ati Ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere uz’ ushinge iryo hema, ari ryo hema ry’ibonaniro.

3 Uheze ushiremwo ya sandugu y’ Ibishinga intahe, uyikingirize ca gihuzu.

4 Maze winjizemwo ya meza, uyaterekekw ibintu vyayo, ubiroranye; winjize na ca gitereko c’amatara, ugishirekw amatara yaco;

5 na ca gicaniro c’izahabu co kwoserezakw imibavu uz’ ugitereke hino ya ya sandugu y’Ibishinga intahe, ukinge ca gihuzu ku muryango w’iryo hema.

6 Uheze ushire ca gicaniro co kwoserezakw ibimazi imbere y’ umuryango w’iryo hema, ari ryo hema ry’ibonaniro.

7 Maz’ utereke ca kigārigāri co gukaraba hagati y’ihema ry’ibonaniro n’ico gicaniro, ugisukemw’ amazi.

8 Uheze ushireh’ urugo rukikuza impande zose, umanike n’impuzu yo gukinga mw irembo ryarwo.

9 Uheze wābire ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, uyarobanuze iryo hema n’ibirimwo vyose, uryezanye n’ibintu vyaryo vyose: nuko rizoba ribaye iryera.

10 Uyarobanuze n’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, n’ibintu vyaco vyose, uceze: nuko kizoba kibaye icera cane.

11 Uyarobanuze n’ikigārigāri bo n’intebe yaco, uceze.

12 Uheze uzane Aroni n’abana biwe ku muryango w’iryo hema ry’ibonaniro, ubuhagire.

13 Wambike Aroni ya myambaro yejejwe, umurobanuze ayo mavuta, umweze, kugira ngw ankorere igikorwa c’ubuherezi.

14 Uheze uzane n’abana biwe, ubambike ya makanzo.

15 Ubarobanuze amavuta, nk’uk’ uyarobanuje se, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi: ukwo kurobanurwa kwabo kuzoba kubahaye ubuherezi bg’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.

16 Nuko Mose abigenza artyo: uk’ Uhoraho yamubariye kwose, ni ko yabikoze.


Mose ashinga ihema, arobanura Aroni

17 Nuko mu kwezi kwa mbere kwo mu mwaka ugira kabiri, ku musi wakwo wa mbere, iryo hema ry’ imbere rirashingwa.

18 Mose ararishinga, ashirah’ ibitereko vyaryo, ashingamw’ imbaho zaryo, azisobekamw’ ibiti vyazo vy’ intumba, ashinga inkingi zaryo.

19 Araheza arirenzako rya hema ryo hejuru, iryo hema na ryo arirenzakw ikindi hejuru, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.

20 Yābīra vya Bishinga intahe, abishira muri ya sandugu, ayisobekakw iminiho yayo, arumika wa mutemere wo guhongerako kur’ iyo sandugu hejuru:

21 yinjiza iyo sandugu mw ihema, amanika ca gihuzu co gukingīra Ahēra cane, gikingīra iyo sandugu y’Ibishinga intahe, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.

22 Ashira ya meza mur’ iryo hema ry’ibonaniro, ayaherereza ku ruhande rw’i burārūko rw’iryo hema, hino y’ico gihuzu.

23 Ayaterekako ya mitsima imbere y’Uhoraho, nk’uk Uhoraho yari yaramubariye.

24 Ashira na ca giterekwakw amatara mur’ iryo hema ry’ibonaniro, aharābana n’ ayo meza, ku ruhande rw’i bumanuko rw’iryo hema.

25 Agishirakw amatara imbere y’ Uhoraho, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.

26 Ashira na ca gicaniro c’izahabu mur’ iryo hema ry’ibonaniro, hino ya ca gihuzu,

27 acoserezakw imibavu y’ibintu bimoga, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.

28 Akinga ca gihuzu ku muryango w’iryo hema.

29 Ashira ca gicaniro co kwoserezakw ibimazi imbere y’umuryango w’iryo hema, ari ryo hema ry’ibonaniro, agitangirakw ikimazi, aracosa, agitangirako n’ishikanwa ry’ ifu, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.

30 Atereka ca kigārigāri hagati y’ihema ry’ibonaniro n’ico gicaniro, agisukamw’ amazi yo gukaraba,

31 Mose ubgiwe na Aroni n’abana biwe barayakaraba, bayoga n’ibirenge;

32 iyo bagiye kwinjira mw ihema ry’ ibonaniro, n’iyo bagiye kwēgēra ico gicaniro, bārakaraba, bakoga ibirenge, nk’uk’ Uhoraho yari yarabariye Mose.

33 Araheza ashirah’ urugo rukīkūza iryo hema n’igicaniro impande zose, ashiraho n’impuzu yo gukinga mw irembo ryarwo. Uko ni ko Mose yarangije ico gikorwa.


Ubgiza bg’Uhoraho bguzura mur’ iryo hema

34 Maze ca gicu gipfuka ihema ry’ibonaniro, ubgiza bg’Uhoraho bguzura mw ihema ry’imbere.

35 Mose ntiyashobora kwinjira mur’ iryo hema ry’ibonaniro, kukw ico gicu cari kuri ryo, n’ubgiza bg’Uhoraho bguzuye mur’ iryo hema ry’imbere.

36 Kandi mu rugendo rwabo rwose, iy’ ico gicu kivuye kur’ iryo hema kigasubira hejuru, Abisirayeli bāca bafata inzira;

37 arikw iy’ ico gicu kidasubiye hejuru, ntibāgenda, gushitsa ku musi gisubiye hejuru.

38 Kukw ico gicu c’Uhoraho ku murango caba kur’ iryo hema, mw ijoro kikākamw’ umuriro, imbere y’ab’ inzu ya Isirayeli bose, mu rugendo rwabo rwose.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan