Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Kuvayo 34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Mose abāza ibindi bisate vy’ivyagezwe

1 Uhoraho abarira Mose, ati Wībāzire ibisate vy’amabuye bibiri bisa n’ivya mbere: nanje nzokwandika kur’ ivyo bisate amajambo yari ku vya mbere wamennye.

2 Ejo mu gatondo buce witeguye, uz’ udūge umusozi Sinayi mu gatondo, urenguke imbere yanje ku gatwe k’uwo musozi.

3 Ntihaze hagire umuntu mudūgana, canke ngo hagire umuntu n’umwe azoboneka kur’ uwo musozi wose, kandi ntihaze hagire imikuku cank’ amasho birisha hafi yawo.

4 Nuko Mose abāza ibisate vy’amabuye bibiri bisa n’ivya mbere, azinduka kare mu gatondo, adūga uwo musozi Sinayi, nk’uk’ Uhoraho yamubariye, atwaye vya bisate vy’ amabuye vyompi mu minwe.

5 Uhoraho amanuka ari muri ca gicu, ahagararana na we aho hantu, yivuga izina kw ar’ Uhoraho.

6 Uhoraho aca imbere yiwe, arīvuga, ati Nd’ Uhoraho, nd’ Uhoraho, Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu, nteba kuraka, ngira ikigongwe cinshi, mpora nd’ umwizigirwa,

7 nama ngirira imbabazi abantu ibihumbi n’ibihumbi, mparira ibigabitanyo n’ibicumuro n’ ivyaha, ariko simperereza urubanza k’ūtarugira; mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku buzukuru no ku runganwe rwabo rugira gatatu no ku rugira kane.

8 Ako kanya Mose aca yunamika umutwe, arasenga.

9 Aravuga, ati Mwami, namba ngiriwe ubuntu imbere yawe, none ndakwinginze Mwami, n’ugendere hagati muri twebge, nah’ ar’ ihanga ritagonda izosi; uharire ibigabitanyo vyacu n’ibicumuro vyacu, wemere kuduhindura ishamvu yawe.

10 Uhoraho aramwishura, ati Rāba, ndasezerana isezerano: nzokorera ibitangaza imbere y’ihanga ryanyu ryose, bitigeze gukorwa mw isi yose canke mu rindi hanga na rimwe; abantu bose urimwo bazobona igikorwa nzokora, kuko nzogukoresha ibiteye ubgoba.

11 Uz’ uhore witondera ivyo nkugera uyu musi: rāba, nzokwirukana Abamori, n’Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi, babave imbere.

12 Muze mwirinde, ntimuze musezerane isezerano n’ abari mur’ ico gihugu mugiyemwo, ntibize bihave bibabera umutego hagati muri mwebge;

13 ariko muze musangangure ibicaniro vyabo, mumenagure amabuye bāshinze, mutemagure inkingi bāshingiye Ashera;

14 kuko mudakwiye kugira iyindi mana musenga na mba: kuko jewe Uhoraho, izina ryanje nd’ Inyefūhe, nd’ Imana ifūha.

15 Ntimuze mugire isezerano musezerana n’abari mur’ ico gihugu, kugira ngo, igihe bazohurumbira ibigirwamana vyabo nk’ ibimaka, bakabiha ibimazi, ntihaze hagire ūbatumira, ngo murye ku kimazi ciwe;

16 mugahava musaba abageni babo mukabaha abahungu banyu, abo bakobga babo bagahava bahurumbira ibigirwamana vyabo mu bumaka bgabo, bagakwegera abahungu banyu, na bo bagahinduka ibimaka vyavyo.

17 Ntimuze mwironderere ibigirwamana mubivugutiye mu nkero.

18 Muze mugire imisi mikuru y’ imitsima itambiwe: nk’uko nababariye, mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe, mu gihe cashinzwe co mu kwezi Abibu, kuk’ ukwezi Abibu ari kwo mwaviriyemwo muri Egiputa.

19 Icitwa ubuzibūra cose n’icanje: ubuzibūra bg’icitwa ikigabo cose co mu vyo mutunze, ari mu nka canke mu ntama.

20 Kand’ icana c’indogoba c’uburiza muze mugicunguze umwagazi w’intama; na ho ni mutāgomba kugicungura, muze mukivune izosi; kand’ imfura yose y’umuhungu yo mu bana banyu muze muyicungure. Kandi ntihaze hagire ūza iminwe misa imbere yanje.

21 Mu misi itandatu muze mukore ibikorwa, ariko ku musi ugira indwi muze muruhūke; no mw irima no mw iyimbura muze mwame muwuruhūkako.

22 Kand’ umusi ukurikira amasabato ndwi muze muwugire mukuru, ari wo w’intangamarāra wo kugenya ingano, bo n’ umusi w’iyimbura rya vyose wo ku mpera y’umwaka.

23 Haze harenguke uwitwa umuhungu wese imbere yanje, jewe Umwami Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, gatatu‐gatatu mu mwaka.

24 Kuko nzokwirukana amahanga agahunga imbere yanyu, ngasunika hirya imbibe zanyu; kandi nta wuzokebēra igihugu canyu, igihe muzodūga gatatu‐gatatu mu mwaka, murengutse imbere yanje, Uhoraho Imana yanyu.

25 Amaraso y’ikimazi mpawe ntimuze muyahēreze hamwe n’imitsima yambiwe; ikimazi gitanzwe ku musi mukuru wa Pasika ntikize kirāre ngo gishitse mu gitondo.

26 Ivy’ intangamarāra vyo mu vy’ imishuzo yo mu mirima yanyu muze mwame mubizana mu ngoro yanje, jewe Uhoraho Imana yanyu. Ntimuze mutekeshe umwagazi w’ impene amata ya nyina.

27 Uhoraho abarira Mose, at’ Andika ayo majambo: kukw isezerano nsezeranye nawe n’Abisirayeli rihagaze kur’ ayo majambo.

28 Amara imisi mirongwine n’amajoro mirongwine ari kumwe n’Uhoraho aho hantu, ata co kurya atamira, ata n’amazi anywa. Uhoraho yandika kuri vya bisate amajambo y’isezerano, ni yo vya vyagezwe, ukw ar’ icumi.


Mose akayangana mu maso

29 Mose amanuka uwo musozi Sinayi, afise mu minwe vya bisate vyompi birikw Ibishinga intahe; kand’ aho yamanuka uwo musozi ntiyar’ azi yuko mu maso hiwe haca ibibatsi kubg’ Uwo bāhora bakebukana.

30 Aroni n’ Abisirayeli bose babonye Mose, basanga mu maso hiwe haca ibibatsi; batinya kumwēgēra.

31 Nuko Mose arabahamagara; maze Aroni n’abakuru b’ikoraniro bagaruka kuri we, Mose ababgira amajambo.

32 Hanyuma Abisirayeli bose na bo baramwegera, abashikiriza ivyagezwe vyose, ivyo Uhoraho yamubaririye ku musozi Sinayi.

33 Mose amaze kubibabarira, yitwikira mu maso.

34 Arikw iyo yinjiye imbere y’ Uhoraho ngw abonane na we, yakūra uwo mwitwikiro gushitsa asohotse; amaze gusohoka agashikiriza Abisirayeli ivyo abariwe;

35 Abisirayeli bakabona mu maso ha Mose haca ibibatsi; Mose akīsubizako wa mwitwikiro, gushitsa yongeye kwinjira ngw abonane n’Uhoraho.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan