Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Kuvayo 33 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Uhoraho yanka kujana n’ Abisirayeli

1 Uhoraho abarira Mose, ati N’ugende, uve ino, mwe n’ abantu wakūye mu gihugu ca Egiputa, mudūge muje mu gihugu narahiye Aburahamu na Isaka na Yakobo ko nzogiha uruvyaro rwabo.

2 Nanje ndarungika umumarayika abaje imbere, kandi nzocirukanamw’ Abanyakanani, n’ Abamori, n’Abaheti, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi:

3 muje mur’ ico gihugu gitemba amata n’ ubūki. Ariko jeho sindūgana namwe, ngo ngendere hagati muri mwebge; kuko mur’ ihanga ritagonda izosi: nohava mbatikiriza mu nzira.

4 Abantu bumvise iyo nkuru mbi bagira umubabaro, ntihaba hakigira umuntu yambara utugenegene twiwe two gushaza.

5 Uhoraho abarira Mose, ati Barira Abisirayeli, uti Mur’ ihanga ritagonda izosi; uti Yogendera hagati muri mwebge n’akanya isase, yobatikiza: uti Nuko rero ni mwiyambure utugenegene twanyu two gushaza, kugira ngw amenye ukw abagirira.

6 Nukw Abisirayeli biyambura utugenegene twabo, uhereye bakiva ku musozi Horebu, no mu rundi rugendo rwabo rwose.


Ihema ryo kubonaniramwo n’Imana

7 Mose yajana ihema, akarishinga hirya y’aho bashagaje, ahītāngūye, yaryita ihema ry’ibonaniro. Uwagomba gusigūza Uhoraho wese yava aho bashagaje, akaja kw ihema ry’ibonaniro hirya yaho.

8 Kand’ uko Mose yava aho bashagaje, agiye kur’ iryo hema, abantu bose bāva hasi, umuntu wese agahagarara ku muryango w’ihema ryiwe, bakamukurikiza amaso, gushitsa aho yinjiriye mur’ iryo hema.

9 Mose yamara kwinjira mw ihema, ya nkingi y’igicu ikamanuka, igahagarara ku muryango waryo: Uhoraho akagānīra na Mose.

10 Abantu bose bakabona iyo nkingi y’igicu ihagaze ku muryango w’iryo hema, bakava hasi, umuntu wese agasenga ari ku muryango w’ihema ryiwe.

11 Uhoraho akīgānīrira na Mose imbonankubone, nk’uk’ umuntu agānīra na mugenzi we. Maze Mose agasubira aho bashagaje; arik’ umufasha wiwe, Yosuwa mwene Nuni, w’umusore, ntiyava kur’ iryo hema.


Mose yerekwa ubgiza bg’Uhoraho

12 Maze Mose abgira Uhoraho, ati Rāba, wambariye ngo Dūgana abo bantu, ariko ntiwammenyesha uwo udutumanye. Yamara waravuze, uti Ndakuzi izina, kandi wagiriwe ubuntu imbere yanje.

13 None rero, ndakwinginze, asangwa nagiriwe ubuntu imbere yawe koko, n’unyereke imigendere yawe, kugira ngo nkumenye, mbone kurushiriza kugirirwa ubuntu imbere yawe: kandi wibuke yukw iryo hanga ar’ iryawe.

14 Aramwishura, at’ Ubganje nzokwijanira namwe, mbashikane amahoro.

15 Mose aramwishura, at’ Ubgawe n’utajana natwe, ntudukūre ino.

16 None n’iki comenyekanisha yuko nagiriwe ubuntu imbere yawe, twe n’iryo hanga? Mbega s’uko wojana natwe, bigatuma twe n’ihanga ryawe dutandukanywa n’amahanga yose ashagaje kw isi?

17 Uhoraho yishura Mose, ati N’ico uvuze na co ndagikora, kuko nakugiriye ubuntu, nkakumenya izina.

18 Mose aramwishura, ati Ndakwinginze, nyereka ubgiza bgawe.

19 Uhoraho aramwishura, at’ Ukugira neza kwanje kwose nzogucisha imbere yawe, nivuge mw izina ko nd’ Uhoraho nd’ imbere yawe; kandi nzogirira ubuntu uwo nzobugirira, ngirire n’ikigongwe uwo nzokigirira.

20 Kand’ ati Ntiworāba mu nyonga hanje: kuk’ umuntu atondāba mu nyonga ngw abeho.

21 Uhoraho arongera aravuga, at’ Ehe rāba, harih’ ahantu hafi yanje, nawe uz’ uhagarare ku gitandara;

22 maz’ ubgiza bganje bukiriko buraguca i ruhande, nzogushira mur’ ico gitandara, ahameze nk’igihoro, ngukingirize urushi rwanje, gushitsa aho nzoba ndēngāniye,

23 mpeze nkūreh’ urushi rwanje, urābe mu bitugu vyanje: ariko mu nyonga hanje ntihashobora kuboneka.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan