Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Kuvayo 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Imana yiyerekera Mose mu gisaka caka umuriro

1 Ico gihe Mose yaragira umukuku w’intama za Yetiro sebukwe, umuherezi w’i Midiyani: aturukiriza umukuku hirya y’ ubugaragwa, ashika ku musozi w’Imana, i Horebu.

2 Umumarayika w’Uhoraho amubonekerera mu rubeya rw’umuriro uva hagati mu gisaka c’amahwa: aritegereza, abona ico gisaka cakamw’ umuriro, ariko nticatemuka.

3 Mose arīvuganya, ati Hinge nkīkame ndābe karya katābonetse, mmenye igituma igisaka kidatemutse.

4 Uhoraho abonye yukw akīkamishwa no kubirāba, Imana imuhamagara iri hagati mur’ ico gisaka, iti Mose, Mose! Aritaba, ati Sabge!

5 Iramubarira, iti Reka kwēgēra hano, kandi kūra inkweto mu birenge vyawe, kukw aho hantu uhagaze ar’ahēra.

6 Kand’ iti Nd’ Imana ya so, Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo. Mose aca yipfuka mu maso, kukw atinye kwitegereza Imana.

7 Uhoraho aramubarira, ati N’ukuri abantu banje bari muri Egiputa nabonye amarushwa barimwo, numvise gutaka kwabo batakishwa n’ababakoresha babahindagiza; kuko nzi imibabaro yabo,

8 kandi mmanukanywe no kubarokora, mbakūre mu maboko y’ Abanyegiputa, mbadūgane, mbakūre mur’ ico gihugu, mbajane mu gihugu ciza cāgutse, gitemba amata n’ubūki, kibamw’ Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abamori, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi.

9 Nuko none ehe rāba, ugutaka kw’Abisirayeli kwanshitseko, kandi nabonye agahahazo Abanyegiputa babahahaza.

10 Nuko none ngwino, ngutume kuri Farawo, ukūre abantu banje b’Abisirayeli muri Egiputa.

11 Mose yishura Imana, ati Mbega ubona nd’ iki, guhangara kuja kwa Farawo, no gukūra Abisirayeli muri Egiputa?

12 Iramwishura, it’ Erega nzoba ndi kumwe nawe, kand’ iki ni co kizokubera ikimenyamenya kw ari jewe nagutumye: ni wamara gukūra ubgo bgoko muri Egiputa, kur’ uyu musozi nyene ni ho muzonsabira.


Imana yibarira Mose izina ryayo

13 Mose abaza Imana, ati Ni nashika ku Bisirayeli, nkababarira nt’ Imana ya ba sogokuruza yabantumyeko; bakambaza, bati Yitwa nde? nzobishura iki?

14 Imana yishura Mose, iti NDI UWO NDI WE: kandi, it’ Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, uti NDIHO yabantumyeko.

15 Imana yongera kubarira Mose, it’ Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, ut’ UHORAHO, Imana ya ba sogokuruza, yabantumyeko, ni yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo: iryo ni ryo zina ryanje ry’ibihe bitazoshira, iryo ni ryo rizobabera icibutso canje, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana.

16 Genda, uz’ ukoranye abashingantahe b’Abisirayeli, ubabgire, ut’ Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza, yaranyiyeretse, ari yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo, irambarira, iti N’ukuri nabagendeye, mbona ivyo babagirira muri Egiputa:

17 ndavuga, nti Nzobakūra mu marushwa barimwo muri Egiputa, mbadūgane mu gihugu c’ Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abamori, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’ Abayebusi, igihugu gitemba amata n’ubūki.

18 Na bo bazokwumvira: kand’ uz’ ugende ku mwami wa Egiputa, mwe n’ abashingantahe b’Abisirayeli, mumubarire, mut’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, yaratwiyeretse: none turakwinginze, turekure tuje mu bugaragwa, tugende urugendo rw’imisi itatu, kugira ngo tuze dushikanire Uhoraho Imana yacu ibimazi.

19 Kandi ndazi yuk’ umwami wo muri Egiputa atazobakundira ko mugenda, shit’ ukuboko kw’inkomezi kumugondoje.

20 Nuko nzobangura ukuboko kwanje, nkubitishe Egiputa ibitangaza vyanje vyose, ivyo nzokorera hagati muri ho: hanyuma y’ivyo azobarekura.

21 Kandi nzotuma ubu bgoko bugirira amahirwe ku Banyegiputa: ni mwagenda, ntimuzogenda iminwe misa;

22 arik’ umugore wese azosaba umubanyi wiwe, mber’ azosaba n’umugore yashembereje, utugenegene tw’ifeza n’ utw’ izahabu, bo n’imyambaro: kandi muzovyambika abahungu banyu n’abakobga banyu; uko ni ko muzonyaga Abanyegiputa.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan