Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Kuvayo 25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Imana ibarira Mose ivyo gukora ihema ryayo

1 Uhoraho abarira Mose,

2 ati Barira Abisirayeli bankoranirize amashikanwa; muze mwākīrire umuntu wese aritanze rivuye ku mutima.

3 Kand’ amashikanwa muzobākīrira az’ abe aya: amazahabu, n’amafeza, n’imiringa,

4 n’inyuzi z’amasufe n’iz’ amashigisha n’izisa n’agahama n’ izera derere, n’ubushenza bg’ impene;

5 n’insāto z’impfizi z’ intama zazizwe mu gahama, n’ insāto z’ibikōko vyitwa tahashi, n’imbaho z’ibiti vyitwa imishita,

6 n’amavuta y’amatara, n’ibintu bimoga vyo kuvanga n’amavuta yo kurobanuza abahabga ibango, n’ ibindi vyo kwosa bitamirana;

7 n’utubuyenge twitwa shohamu, n’utundi tubuyenge two gutēra ku mwambaro witwa efodi no ku mwambaro wo mu gikiriza.

8 Kandi bangirire ahēra ho kuba, kugira ngo nze ngerēre hagati muri bo.

9 Nk’ukw ivyo ngira nkwereke vyose bimeze, mu vy’ikigereranyo c’iryo hema nzobamwo, no mu vy’ikigereranyo c’ibintu vyaryo vyose, abe ari ko muzobikora.


Ivy’ isandugu y’isezerano

10 Nuko baze babāze isandugu mu giti citwa umushita: uburebure bg’umurambararo bgayo buze bube amatambge abiri n’igice y’ ukuboko uciriye mu nkokora, ubaguke bgayo bube itambge rimwe n’igice, uburebure bg’igihagararo bube itambge rimwe n’igice nyene.

11 Uz’ uyomekekw izahabu iramuye imbere n’inyuma, kand’ uz’ uyikīkūzek’ umuguno w’izahabu impande zose.

12 Kand’ uz’ uvugutire izahabu, ukūremw’ ibigombo bine vyo kuyitērako, ubitēre ku maguru yayo ukw ar’ ane, ibigombo bibiri bibe ku ruhande rumwe, bindi bibiri bibe ku rundi.

13 Kand’ uz’ ubāze iminiho mu mushita, uyomekekw izahabu.

14 Uheze winjize iyo miniho yo kurerura iyo sandugu mur’ ivyo bigombo vyo ku mpande zayo.

15 Iyo miniho yame mu bigombo vy’isandugu, ntiz’ isokōrwe.

16 Kand’ uz’ ushire mur’ iyo sandugu Ibishinga intahe nzoguha.

17 Uz’ ucure n’umutemere wo guhongerako mw izahabu iramuye; uburebure bgawo bg’ umurambararo buze bube amatambge abiri n’igihimba y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgawo bube itambge rimwe n’igihimba.

18 Kand’ uz’ ukore abakerubi babiri mw izahabu, mu mitwe yompi y’uwo mutemere wo guhongerako, ubakoze mu buryo bgo gucura.

19 Kand’ umukerubi umwe abe mu mutwe umwe, uwundi abe mu wundi; kand’ abo bakerubi ubashamike kur’ uwo mutemere wo guhongerako mu mitwe yawo yompi, babe kimwe na wo.

20 Abo bakerubi babe abashanje amababa hejuru, ayo mababa yabo ngw akingīre uwo mutemere wo guhongerako, barābane; bashire amaso kur’ uwo mutemere.

21 Uheze urumye uwo mutemere wo guhongerako kuri ya sandugu, uyishizemwo vya Bishinga intahe nzoguha.

22 Aho ni ho nzohora mbonanira nawe, nkakubarira ivyo ngushikirije vyose vy’ivyagezwe ngeze Abisirayeli, ndi hejuru y’uwo mutemere wo guhongerako, hagati y’abo bakerubi bo kw isandugu y’Ibishinga intahe.


Ivy’ ameza y’imitsima y’ibiterekerwa

23 Kand’ uz’ ubāze ameza mu giti citwa umushita: uburebure bgayo bg’umurambararo bube amatambge abiri y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgayo bube itambge rimwe, uburebure bg’igihagararo bube itambge rimwe n’igihimba.

24 Uz’ uyomekekw izahabu iramuye, uyakīkūze umuguno w’izahabu impande zose.

25 Uz’ uyabāzire ibizingiti vyo kugumya amaguru biyakīkūze impande zose, ubgaguke bgavyo bungane n’urushi, ubikīkūzek’ umuguno w’izahabu impande zose.

26 Kand’ uz’ uyacurire ibigombo bine mw izahabu, ubitēre ku nkokora ukw ari zine zo ku maguru yayo ukw ar’ ane.

27 Ivyo bigombo bibe hafi ya vya bizingiti, bibe ivyo kwinjizamw’ iminiho yo kurerura ayo meza.

28 Kand’ uz’ ubāze iminiho mu mushita, uyomekekw izahabu, ibe iyo kurerura ameza.

29 Kand’ uz’ ucure amasahani n’udukombe vy’ayo meza, bo n’amakarabo n’imibehe vyayo vyo gusukisha ibiturire ku gicaniro: uz’ ubicure mw izahabu iramuye.

30 Uz’ utereke kur’ ayo meza imitsima y’ibiterekērwa, yame imbere yanje na ntaryo.


Ivy’ ico guterekakw amatara

31 Kand’ uz’ ukore ico guterekakw amatara mw izahabu iramuye; ico gitereko cose, hamwe n’intebe yaco n’umutumba waco, kize kibe igicurano; ibikombe vyaco, bigizwe bga mapfundo apfundikiyekw amashurwe, bize bicurirwe kuri co, bibe kimwe na co.

32 Kandi kize kigire amashami atandatu mu mbavu zaco: mu ruhande rumwe rw’ico gitereko haze habe amashami atatu, mu rundi ruhande rwaco habe yandi atatu.

33 Ishami rimwe rize rigire ibikombe bitatu bisa n’amashurwe y’igiti citwa shakedi, igikombe cose kigirwe bga pfundo ripfundikiyekw ishurwe; n’irindi shami n’uko: amashami yose ukw ar’ atandatu ashamitse kur’ ico gitereko abe ari kw amera.

34 Kand’ umutumba w’ico gitereko uz’ ugire ibikombe bine, bisa n’ayo mashurwe ya shakedi nyene, bigizwe bga mapfundo apfundikiyekw amashurwe;

35 ah’ amashami ashamikiye kur’ ico gitereko hose ukw ar’ atandatu, haze habe ipfundo ahahera musi ah’ amashami ahūrira bicuriwe kuri co, bibe kimwe.

36 Amapfundo yaco n’ amashami yaco bicurirwe kuri co, bibe kimwe na co: cose hamwe kibe igicurano gicuzwe mw izahabu iramuye.

37 Uheze uz’ ugicurire amatara ndwi, ayo matara az’ aterekwe kuri co uburyo butuma abonesha imbere yaco.

38 Imakasi zaco zo gutunganya urutambi, bo n’udusahani two gushirwak’ umunyota warwo, bize bicurwe mw izahabu iramuye.

39 Ico gitereko, bo n’ivyo bintu vyaco vyose, bize bikorwe mw izahabu iramuye, inganye kuriba n’italanto imwe.

40 Uz’ ugire umwete wo kubikoresha, ubigereranije n’ikigereranyo cavyo werekewe kur’ uyu musozi.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan