Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Kuvayo 24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Uhoraho akomeza isezerano ryiwe n’Abisirayeli

1 Uhoraho abarira Mose, ati Dūga aho ndi, mwe na Aroni na Nadabu na Abihu, n’abakuru bo mu Bisirayeli mirongwirindwi, musenge mukiri kure:

2 Mose abe ari we yīgira hafi yanje wenyene, arikw abo bari kumwe ntibanyegēre, cank’ abandi bantu ngo badūgane na we.

3 Mose araza, abgira abantu amajambo yose y’Uhoraho n’ amabgirizwa yiwe yose: abantu bose bamwishurira icarimwe, bat’ Ivyo Uhoraho avuze vyose tuzobikora.

4 Nuko Mose yandika amajambo yose y’Uhoraho, maze bukeye akoroka kare, yubaka igicaniro musi y’uwo musozi, ashinga inkingi z’amabuye cumi na zibiri, nk’ukw imiryango y’Abisirayeli ari cumi n’ibiri.

5 Atuma imisore yo mu Bisirayeli ija gutanga ibimazi, iravyosa, no kubāgira Uhoraho amashuri y’imikangara kw ibimazi vy’ishimwe.

6 Mose yābīra igice ca kabiri c’amaraso, agisuka mu nzavya, ikindi na co akimija ku gicaniro.

7 Araheza yābīra igitabo c’isezerano, agisomera abantu; baramubarira, bat’ Ivyo Uhoraho avuze vyose tuzobikora, kandi tuzomwumvira.

8 Maze Mose yābīra ya maraso, ayamija abantu, arababarira, ati Ngayo amaraso y’isezerano Uhoraho asezeranye namwe, nk’ukw ayo majambo yose ari.


Uhoraho yiyereka Mose na bagenzi be

9 Maze Mose adūgana na Aroni na Nadabu na Abihu, na ba bakuru b’Abisirayeli mirongwirindwi:

10 babona Imana y’ Abisirayeli; musi y’ibirenge vyayo hameze nk’umusezero w’amabuye yitwa safiro, usa n’ijuru ubgaryo iyo ryiharanguye.

11 Kandi ba bakuru b’Abisirayeli ntihagira ico ibagira; nuko bīrābira Imana, bararya, baranywa.


Uhoraho yongera guhamagara Mose ngw adūge uwo musozi

12 Uhoraho abarira Mose, ati Dūga, uze aho ndi kur’ uyu musozi, ugumeho; nanje nzoguha ibisate vy’amabuye birikw ivyagezwe n’amabgirizwa, ivyo nanditse ng’ uvyigishe.

13 Mose avana hasi na Yosuwa umufasha wiwe, adūga ku musozi w’Imana.

14 Abarira ba bakuru, ati Muturorērere hano, mushitse aho tuzogarukira aho muri; kandi rāba, musigaranye Aroni na Huri; ni hagira ūpfa ikintu n’uwundi, az’ aze kuri bo, yitware.

15 Nuko Mose adūga kur’ uwo musozi, ca gicu c’igipfungu kirawutwīkīra.

16 Ubgiza bg’Uhoraho buguma kur’ uwo musozi Sinayi, ico gipfungu kiwutwīkīra imisi itandatu; ku musi ugira indwi, Uhoraho ahamagara Mose n’ijwi rirenga ari mur’ ico gicu c’igipfungu.

17 Ishusho y’ubgiza bg’Uhoraho, Abisirayeli bayibona isa n’umuriro utōngōra, ku gatwe k’uyo musozi.

18 Nuko Mose adwēbēra hagati mur’ ico gipfungu, adūga kur’ uwo musozi; awumarakw imisi mirongwine n’amajoro mirongwine.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan