Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Kuvayo 19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Imana ibonekera Abisirayeli ku musozi Sinayi

1 Mu kwezi kugira gatatu Abisirayeli bavuye mu gihugu ca Egiputa, ku musi wakwo wa mbere ni ho bashika mu bugaragwa bg’i Sinayi.

2 Bavuye i Refidimu bataha mur’ ubgo bugaragwa bg’i Sinayi nyene, bashingah’ amahema, Abisirayeli basagaza ngaho, imbere y’uwo musozi.

3 Mose adūze ah’ Imana iri, Uhoraho amubarira n’ijwi rirenga ari kur’ uwo musozi, at’ Uku abe ari k’ubarira ab’ inzu ya Yakobo, ubgire Abisirayeli,

4 uti Mwarabonye ivyo yakoreye Abanyegiputa, n’ingene mweho yabateruye ku mababa nk’ay’ inkukuma akabazana iy’ ari.

5 Uti None rero, ni mwamwumvira vy’ ukuri, mukitondera isezerano ryiwe, muzomubera inyegu yiharije, yitoranirije mu mahanga yose: uti Kukw isi yose ar’ iyiwe;

6 kandi muzomubera ubgami, ubgoko bg’abaherezi, ihanga ryera. Ayo majambo abe ari yo ubgira Abisirayeli.

7 Nuko Mose araza, ahamagara abakuru bo mu bantu, abashikiriza ayo majambo yose Uhoraho yamutumye.

8 Abantu bose bamwishurira icarimwe, bat’ Ivyo Uhoraho avuze vyose tuzobikora. Nuko Mose asubirana k’Uhoraho amajambo y’abantu.

9 Uhoraho abarira Mose, ati Rāba ndaza iy’ uri, ndi mu gicu c’igipfungu c’ inzitane, kugira ngw abantu bumve aho ndiko ndavugana nawe, baheze bakwemere ibihe vyose. Mose abarira Uhoraho amajambo y’abantu.

10 Uhoraho abarira Mose, ati Genda ku bantu, ubabgire biyeze uyu musi n’ejo, bamesure impuzu zabo,

11 umusi ugira gatatu uz’ ushike bīteguye: kuko jewe Uhoraho ku musi ugira gatatu nzomanuka nze kur’ uyu musozi Sinayi imbere y’abantu bose.

12 Nawe uz’ ubashingire akarimbi k’aho bagarukira impande zose, ubabarire, uti Mwiyubare, mwoye kudūga kur’ uyo musozi canke gukora ku rubibe rwawo: ūzokora kur’ uyo musozi ntazobura kwicwa.

13 Ntihaze hagire ūmukozak’ ukuboko, ariko bamwicishe amabuye, canke bamurase imyampi; naho coba igitungwa kiwukozeko, cank’ umuntu, ivyo ntibize bisubire kubaho. Arikw inzamba ni yaramuka irandishije ijwi, ni ho bazobona gushika kur’ uyu musozi.

14 Nuko Mose aramanuka, ava kur’ uwo musozi, aja iy’ abantu bari, arababgira bariyeza, bamesura impuzu zabo.

15 Abarira abantu, at’ Umusi ugira gatatu uz’ ushike mwiteguye, kandi ntihaze hagire uwegerana n’umugore.

16 Ku musi ugira gatatu mu gatondo haba imituragaro n’imiravyo, n’igicu c’igipfungu kizitanye kur’ uwo musozi, humvikana n’ijwi ry’inzamba rirengēra cane; abantu bose bar’ aho bashagaje bahinda agashitsi.

17 Maze Mose akūra abantu aho bashagaje ngo baze gusanganira Imana; bahagarara musi y’uwo musozi.

18 Uwo musozi Sinayi upfūndūka umwotsi wose, kuk’ Uhoraho yamanutse, aje kuri wo ari mu muriro: umwotsi wawo upfūndūka nk’uw’itanure, umusozi wose utigita birengeje.

19 Ijwi ry’ inzamba rirushirije kurengēra, Mose aravuga, Imana imwishura mw ijwi rirenga.

20 Nuk’ Uhoraho aramanuka, aza kur’ uwo musozi Sinayi, ku mpinga yawo. Uhoraho ahamagara Mose ngw adūge uwo musozi ashike ku mpinga, Mose aradūga.

21 Maz’ Uhoraho abarira Mose, ati Manuka, wihanikirize abantu boye gutwaza ngo baze iyo ndi, bampange amaso, benshi muri bo bagatikira.

22 Kandi n’abaherezi na bo, basanzwe bīgira hafi yanje, jewe Uhoraho, ni biyeze, kugira ngo simbatsindeho.

23 Mose yishura Uhoraho, at’ Abantu ntibashobora kudūga kur’ uyu musozi Sinayi, kuko watubariye ngo tubashingire akarimbi k’aho bagarukira impande zose z’uyu musozi, ngo tuweze.

24 Uhoraho aramwishura, ati Genda umanuke, uheze uje kudūgana na Aroni: arikw abaherezi n’abandi bantu boye gutwaza ngo baze iyo ndi, kugira ngo simbatsindeho.

25 Nuko Mose aramanuka, aja ku bantu, arabibashikiriza.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan