Kuvayo 18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yetiro asanga Mose mu bugaragwa 1 Yetiro umuherezi w’i Midiyani, sebukwe wa Mose, yumva ivyo Imana yakoreye Mose n’Abisirayeli abantu bayo, kandi n’ingen’ Uhoraho yakūye Abisirayeli muri Egiputa. 2 Nuko Yetiro sebukwe wa Mose azana Zipora muka Mose, uwo Mose yari yarashubije i wabo, 3 n’abahungu biwe bompi; umwe muri bo se yari yamwise Gerushomu, kuko yavuga, ati Nabaye inyambukīra mu gihugu kitar’ icacu; 4 uwundi yamwise Eliyezeri, kuko yavuga, at’ Imana ya data yabaye umutabazi wanje, inkiza inkota ya Farawo. 5 Nuko Yetiro sebukwe wa Mose aza aho Mose ari, amuzaniye abana n’umugore, amusanga muri bga bugaragwa, aho yar’ ashinze ihema, ku musozi w’Imana. 6 Atuma ngo baje kubibarira Mose yuko sebukwe Yetiro aje, amuzaniye umugore wiwe n’abana biwe bompi. 7 Mose arasohoka, aja gusanganira sebukwe, akubita inkoro hasi, amugwa mu nda, babazanya amakuru, binjira mw ihema. 8 Mose adondera sebukwe ivyo Uhoraho yakoze vyose kuri Farawo n’Abanyegiputa, abahōra Abisirayeli, n’ivyabagoreye mu nzira vyose, n’ingen’ Uhoraho yabakijije. 9 Maze Yetiro anezerezwa n’ivyiza vyose Uhoraho yakoreye Abisirayeli, kuko yabarokoye, akabakūra mu maboko y’Abanyegiputa. 10 Yetiro aravuga, at’ Uhoraho ashemagizwe, yabarokoye, akabakūra mu maboko y’Abanyegiputa no mu maboko ya Farawo, agakiza abantu biwe ububasha bg’Abanyegiputa. 11 Noneho mmenye yuk’ Uhoraho aruta izindi mana zose, ko yatsinze Abanyegiputa bāhora babihayagizako. 12 Nuko Yetiro, sebukwe wa Mose, ajana ikimazi co kwosa n’ibindi bimazi vyo gushikanira Imana: Aroni n’abakuru bose b’Abisirayeli baraza, ngo basangirire na sebukwe wa Mose imbere y’Imana. Yetiro agīra Mose inama 13 Bukeye bgaho, Mose aricara ngw acire abantu imanza: abantu bahagarara bakikije Mose guhēra mu gitondo gushitsa ku mugoroba. 14 Sebukwe wa Mose, amaze kwitegereza ivyo vyose Mose akorera abantu, aramubaza, at’ Ivyo ukora n’ibiki, ukorera abantu? N’iki gituma wicara ngaho ur’ umwe, abantu bose bagahagarara bagukikije, guhera mu gitondo ugashitsa ku mugoroba? 15 Mose yishura sebukwe, ati Ni kukw abantu baza kuri jewe ngo ndabasigūrize Imana. 16 Kand’ iyo bafise ico bapfa, baza kuri jewe, ngacira urubanza umuntu na mugenzi we, nkabamenyesha amabgirizwa y’ Imana, n’ivyagezwe vyayo. 17 Sebukwe aramwishura, at’ Ivyo ukora ivyo si vyiza. 18 Ntibizobura kuguca intege, mwe n’aba bantu muri kumwe; kukw ivyo bikurengeye, n’ivyo utoshobora gukora wenyene. 19 None rero, enda nyumviriza, ndakugīre inama, Imana iyigufashemwo. Ube ari wewe mushikirwa w’amajambo y’abantu wo kuyajana ku Mana, kand’ abe ari wewe ujana imanza zabo ku Mana. 20 Kand’ abe ari wewe ubigisha amabgirizwa n’ivyagezwe, no kubereka inzira bakwiye gucamwo, n’ibikorwa bakwiye gukora. 21 Ikindi, utoranye mu bantu bose abashoboye guca imanza, bubaha Imana, b’abanyakuri, banka ingurire; uheze ubakuze, babe bakuru bo kuganza abantu, bamwe igihumbi‐igihumbi, abandi ijana‐ijana, abandi mirongwitanu‐itanu, abandi cumi‐cumi. 22 Abe ari bo bacira abantu imanza ibihe vyose, nawe baze bahore bakuzanira urubanza rugoye, arik’ urubanza rwose rutagoye abe ari bo baruca ubgabo. Ico ni co kizokuremurura, na bo bazokugabanura ibikorwa. 23 Nuko ni wabigenza urtyo, Imana ikabikwemerera, bizogushobokera, n’ aba bantu bose bazohora bataha i wabo ata mwikomo. 24 Nuko Mose yumvira sebukwe, akora ivyo yamubariye vyose. 25 Atoranya mu Bisirayeli bose abantu b’abahanga, abagira bakuru mur’ abo bantu, abaha kuganza abantu, bamwe igihumbi‐igihumbi, abandi ijana‐ijana, abandi mirongwitanu‐itanu, abandi cumi‐cumi. 26 Nuko bacira abantu imanza ibihe vyose: imanza zigoye bazizanira Mose, arikw izitagoye zose bakazica ubgabo. 27 Maze Mose asezera sebukwe, sebukwe na we asubira mu gihugu c’i wabo. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi