Kuvayo 14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Farawo abonye kw Abisirayeli bagiye, aca agarwa 1 Uhoraho abarira Mose, 2 ati Barira Abisirayeli bakebanuke, basagaze imbere y’i Pi‐hahiroti, hagati y’i Migidoli n’ikiyaga, aharābana n’i Bayali‐sefoni: aharābana n’aho hantu abe ari ho musagaza, i ruhande y’ikiyaga. 3 Farawo ahava yiyumvira ku Bisirayeli, ngw igihugu baciyemwo bāhuvye: ubugaragwa bubataye mu mbombane. 4 Maz’ umutima wa Farawo ngira ndawukomantaze, abakurikire; nanje nzokwiheshereza icubahiro kuri Farawo no ku ngabo ziwe zose, kand’ Abanyegiputa bazomenya ko nd’ Uhoraho. Nukw Abisirayeli babigenza bartyo. 5 Maz’ umwami wa Egiputa bamubarira yukw abo bantu bacitse. Farawo n’abamenyekana biwe baragarwa kubg’ abo bantu, barabazanya, bati Mbega twakoze ibiki, kurekura Abisirayeli ngo bagende, ntibabe bakidukorera? 6 Azirikisha umukogote wiwe ku mafarasi, ajana n’ingabo ziwe; 7 ajana n’imikogote amajana atandatu y’indobanurwa, n’iyindi mikogote yose yo muri Egiputa, n’ abagabisha bagaba abagendera muri yo baja mu ntambara. 8 Nuk’ Uhoraho akomantaza umutima wa Farawo umwami wa Egiputa, akurikira Abisirayeli: kand’ abo Bisirayeli bāri bavuyeyo babakobagurije. 9 Nukw Abanyegiputa barabakurikira, bari n’amafarasi n’ imikogote vyose vya Farawo, n’ abagendera ku mafarasi, n’izindi ngabo ziwe, babahambiriza aho bashagaje hafi y’ikiyaga, i ruhande y’i Pi‐hahiroti, aharābana n’i Bayali‐sefoni. 10 Farawo abegereje, Abisirayeli bunamura amaso, babona Abanyegiputa babōmye inyuma, baranduka imitima; maze batakambira Uhoraho. 11 Babaza Mose, bati Mbega nta mva zari muri Egiputa, mu kutuzana gupfira mu bugaragwa? N’iki catumye utugirira urtyo, kudukūra muri Egiputa? 12 Iki si co twakubgira tukiri muri Egiputa, tuti Tureke, dukorere Abanyegiputa? Kukw iciza, kwar’ uko dukorera Abanyegiputa, hāko dupfira mu bugaragwa. 13 Mose yishura abantu, ati Nta co mutinya: mwihagararire gusa, murābe agakiza Uhoraho agira ngw abazanire uyu musi: kukw Abanyegiputa mubonye uyu musi mutazokwongera kubabona ukundi. 14 Uhoraho ni we agira ngw abarwanire, namwe ni mwinumire gusa. 15 Uhoraho abaza Mose, ati N’iki gitumye untakira? Barira Abisirayeli bakomeze bagende. 16 Nawe umanike inkoni yawe, uramvure ukuboko hejuru y’ikiyaga, ugitandukanye: Abisirayeli bace hagati mu kiyaga nko ku musozi. 17 Nanje rāba, ndakomantaza imitima y’Abanyegiputa, na bo bahace, babakurikire; maze mbone kwihesha icubahiro kuri Farawo no ku ngabo ziwe zose, no ku mikogote yiwe, no ku bagendera ku mafarasi biwe. 18 Abanyegiputa ni ho bazomenya yuko nd’ Uhoraho, ni namara kwihesha icubahiro kuri Farawo no ku mikogote yiwe, no ku bagendera ku mafarasi biwe. 19 Maz’ umumarayika w’Imana yahora abagenda imbere, avayo, agaruka inyuma yabo; ya nkingi y’igicu iva imbere yabo, iraza ihagarara inyuma yabo, 20 ija hagati y’ingabo z’Abanyegiputa n’iz’ Abisirayeli; ku ruhande rwa bamwe hubikiza igicu, hacura umwiza, ku ruhande rw’abandi haba umuco wo kubonesha mw ijoro: ntibāruha bēgerana iryo joro ryose. Uko bājabutse Ikiyaga Gitukura 21 Nuko Mose aramvura ukuboko hejuru y’ikiyaga; Uhoraho ahuhutisha umuyaga mwinshi uvuye i burasirazuba, ukēsha ijoro ryose, usubiza ikiyaga inyuma, amazi ayagabanyamwo kubiri, ahindura ikiyaga ahūmūtse. 22 Maz’ Abisirayeli baca hagati mu kiyaga nk’abaca ku musozi; amazi ababera nk’umurombero i buryo n’i bumoso. 23 Abanyegiputa na bo babakurikira hagati mu kiyaga babōmye inyuma, n’amafarasi ya Farawo yose, n’imikogote yiwe, n’abagendera ku mafarasi biwe. 24 Nuko mu gicugu ca nyuma Uhoraho acishiriza ari mu nkingi y’umuriro n’igicu, arunguruka ingabo z’Abanyegiputa, azica ivutu. 25 Atuma amagurudumu y’ imikogote yabo afata, ntiyaba igikwegeka neza. Maz’ Abanyegiputa baravugana, bat’ Enda duhunge, tureke Abisirayeli, kuk’ Uhoraho abatabara, ari we aturwanya. 26 Uhoraho abarira Mose, ati Ramvura ukuboko hejuru y’ikiyaga, amazi ateranire ku Banyegiputa no ku mikogote yabo no ku bagendera ku mafarasi bo muri bo. 27 Nuko Mose aramvura ukuboko hejuru y’ikiyaga; umutwenzi utambitse, ikiyaga gisubira muri nyina; maz’ Abanyegiputa bagize ngo barahunga, Uhoraho abacurikiraniriza hagati mu kiyaga. 28 Nukw amazi asubirayo, arengera imikogote n’abagendera ku mafarasi, mbere n’ingabo za Farawo zose zāri zigiye mu kiyaga zikurikiye Abisirayeli; ntihārokoka n’umwe muri bo. 29 Arikw Abisirayeli bāciye hagati mu kiyaga nk’abaca ku musozi, amazi ababera nk’umurombero i buryo n’i bumoso. 30 Uko ni k’Uhoraho yakijije Abisirayeli kur’ uwo musi, abakūra mu maboko y’Abanyegiputa. Maz’ Abisirayeli bībonera imivyimba y’Abanyegiputa irambaraye kw isēsero ry’ikiyaga. 31 Nukw Abisirayeli babona ibihambaye Uhoraho yakoreye Abanyegiputa: baca batinya Uhoraho, baramwizera, bo n’umusavyi wiwe Mose. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi