Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Kuvayo 13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivyagezwe vyo kubibutsa uburyo bāvuye muri Egiputa

1 Uhoraho abarira Mose,

2 ati Mundobanurire imfura zose n’ivy’ uburiza: ic’ ubuzibūra cose co mu Bisirayeli n’icanje, ari mu bantu, ari mu bitunzwe.

3 Mose abarira abantu, ati Muze mwame mwibuka uyu musi muviriye muri Egiputa, mu nzu y’ubuja; kuk’ Uhoraho abakūje ino ubushobozi bginshi. Ntihaze hagire imitsima yambiwe murya.

4 Uyu musi muviriyeyo n’uwo mu kwezi kwa Abibu.

5 Nuko rer’ Uhoraho ni yamara kubashikana mu gihugu c’Abanyakanani n’Abaheti n’Abamori n’Abahiwi n’Abayebusi, ico yarahiye ba sogokuruza banyu kw azokibaha, igihugu gitemba amata n’ubūki, muze mwame mwitondera uyo muhango mur’ uku kwezi, iyo gutashe hose.

6 Muze mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe, maz’ umusi ugira indwi uz’ ube umusi mukuru w’Uhoraho.

7 Imitsima itambiwe iz’ ibe ari yo iribga mur’ iyo misi ukw ar’ indwi. Ntihaze hagire imitsima yambiwe ibabonekamwo, cank’ umwambiro, mu gihugu canyu cose.

8 Kandi kur’ uwo musi umuntu wese az’ abarire umwana wiwe, at’ Ibi mbikorera kwibuka ivyo Uhoraho yadukoreye, igihe twava muri Egiputa.

9 Ivyo bize bibabere nk’ikimenyetso gishizwe ku maboko yanyu, n’icibutso gishizwe hagati y’amaso yanyu, kugira ngw ivyagezwe vy’Uhoraho vyame mu kanwa kanyu: kuk’ Uhoraho yabakūje muri Egiputa ubushobozi bgiwe.

10 Ni co gituma mukwiye kwama mwitondera iryo bgirizwa mu gihe caryo, uk’ umwaka utashe.


Ivyagezwe vyo ku cābaye ubuzibūra cose

11 Kand’ Uhoraho ni yamara kubashikana mu gihugu c’Abanyakanani, nk’uko yabarahiye mwe na ba sogokuruza kw azokibaha,

12 muze musobanurire Uhoraho icitwa ubuzibūra cose, n’ic’ uburiza co mu vyo mutunze: ubuzibūra bg’icitwa ikigabo cose buzoba ubg’Uhoraho.

13 Kand’ icana c’indogoba cose c’uburiza muze mugicunguze umwagazi w’intama; na ho ni mutāgomba kuyicungura, muze muyivune izosi; kand’ imfura yose y’umuhungu yo mu bana banyu muze muyicungure.

14 Kandi mu bana banyu ni hagira ūbaza se, mu gihe kizoza, at’ Ibi n’ibiki? az’ amwishure, at’ Uhoraho yadukūye muri Egiputa, mu nzu y’ubuja, adukūjeyo ubushobozi bginshi.

15 Igihe Farawo yari yanse kugondwa ngw aturekure, Uhoraho yishe icitwa uburiza cose co mu gihugu ca Egiputa, imfura z’abantu n’uburiza bg’ ibitunzwe: ni co gituma ic’ ubuzibūra cose c’ikigabo tugitangakw ikimazi k’Uhoraho; arikw imfura zacu zose z’abahungu turazicungura.

16 Ivyo bize bibe nk’ ikimenyetso gishizwe ku maboko yanyu, kandi nk’ibishizwe mu ruhanga hagati y’amaso yanyu: kuk’ Uhoraho yadukūje muri Egiputa ubushobozi bginshi.


Imana icisha Abisirayeli mu bugaragwa

17 Nuko rero, Farawo amaze kurekura abo bantu, Imana ntiyabacisha mu nzira ica mu gihugu c’Abafilisitiya, nah’ ari yo yar’ irashe; kukw Imana yivuganije, it’ Abantu boye kuzohava bīcuza babonye intambara, bagasubira muri Egiputa.

18 Arikw ibajana izinguzingu, ibacishije mu nzira ica mu bugaragwa, ahabangikanye n’Ikiyaga Gitukura; nukw Abisirayeli bādūze bītwaje ibirwanishwa bavuye mu gihugu ca Egiputa.

19 Kandi Mose ajanisha amagufa ya Yosefu, kuko Yosefu yari yararahije bene Isirayeli bikomeye, at’ Imana ntizobura kubagendera, namwe muze mukūre amagufa yanje ino, muyadūgane.

20 Bava i Sukoti, bashika basagaza i Etamu, ah’ubugaragwa butangurira.

21 Uhoraho ku murango yabaja imbere ari mu nkingi y’igicu, ngw abarōngōre mu nzira; mw ijoro yabaja imbere ari mu nkingi y’umuriro, ngw ababoneshereze, kugira ngo babone uko bagenda ku murango no mw ijoro.

22 Ya nkingi y’igicu ntiyava imbere y’ubgo bgoko ku murango, n’iyo nyene y’umuriro ntiyabava imbere mw ijoro.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan