Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Kuvayo 12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Uhoraho abarira Mose ivyo gutanguza Pasika

1 Uhoraho abaririra Mose na Aroni mu gihugu ca Egiputa,

2 at’ Uku kwezi kuzobabera imfura y’amezi: kuzobabera ukwezi kwa mbere mu mwaka.

3 Ni mubarire ikoraniro ryose ry’Abisirayeli, ku musi ugira icumi w’ uku kwezi, umuntu wese yiyabīrire umwagazi w’intama, ukw amazu ya ba se angana, umwagazi umwe‐umwe mu nzu yose.

4 Kand’ iyo nzu ni yaba irimw’ inkehwa, batomara uwo mwagazi, uwo muntu afatanye n’umubanyi wiwe bahereranye, bawusangire, ukw igitigiri c’abantu kiri; ukw igisa c’umuntu wese kiri, abe ari ko muzoharūra igitigiri c’abakwiye kuwusangira.

5 Umwagazi wanyu uz’ ube ūtagira agasembga, w’isuguru itarengeje umwaka: muze muwukūre mu ntama canke mu mpene.

6 Muze muwurorereze umusi ugira icumi na kane w’uku kwezi nyene; ikoraniro ryose ry’Abisirayeli baze bakerere imyagazi yabo ku mugoroba.

7 Baheze bābīre ku maraso, bayasīge ku bishimaryango vyompi no hejuru y’umuryango w’inzu yose bawuririyemwo.

8 Barye inyama zawo mur’ iryo joro nyene, zitaze, bazikoze imitsima itambiwe n’imboga zirura.

9 Ntimuze muzirye mbisi, canke zitetse, shiti zitaze; hamwe n’umutwe wawo n’ibinōno n’ivyo mu nda.

10 Ntimuze mugire ico musiga ngo kirāre: hagize ikirāye mugiturire.

11 Uku abe ari ko muzozirya: muze muzirye mukenyeye, mwambaye inkweto, mufashe inkoni mu minwe; muze muzirye vuba na vuba: iyo ni yo Pasika yanje, jewe Uhoraho.

12 Kuko mur’ iryo joro nyene nzoca mu gihugu ca Egiputa, nkica abana bose b’ imfura bo mu gihugu ca Egiputa, uhereye ku muntu no ku gitunzwe; kand’ imana z’Abanyegiputa zose, amatēka nziciriyeko zose nzoyashitsa: nd’ Uhoraho.

13 Ayo maraso azobabera ikimenyetso ku mazu murimwo: nanje aho nzobona ayo maraso, nzobarengana, nta cago kizobazako ngo kibarandure, igihe nzotera igihugu ca Egiputa.

14 Kand’ uwo musi uz’ ubabere umusi w’icibutso, muze muwugire umusi mukuru wanje Uhoraho: ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, muze mwame muwugira mukuru, kibe icagezwe c’intahava.

15 Muze mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe; ku musi w’intangamarāra muze mukūre umwambiro n’icambiwe cose mu mazu yanyu; kuk’ umuntu azorya ku mutsima wambiwe, uhereye ku musi w’ intangamarāra ugashitsa ku musi ugira indwi, uwo muntu az’ acibge mu Bisirayeli.

16 Kandi ku musi w’intangamarāra mukoranywe no kuba ikoraniro ryera, no ku musi ugira indwi haze habe irindi nyene; ntihaze hagire igikorwa na kimwe gikorwa kur’ uwo musi, atar’ igikorwa c’inda gusa, ico conyene kize kibe ari co mukora.

17 Uwo musi w’imitsima itambiwe muze mwame muwugira mukuru, kuko kur’ uwo musi nyene ari ho nzoba narabakūriye mu gihugu ca Egiputa mur’ amasinzi y’ingabo: ni co gituma uwo musi mukwiye kwama muwugira mukuru ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, kibe icagezwe c’intahava.

18 Mu kwezi kwa mbere, ku musi wakwo ugira icumi na kane, ku mugoroba, abe ari ho mutangura kurya imitsima itambiwe, gushitsa ku musi wakwo wa mirongwibiri na rimwe ku mugoroba nyene.

19 Mur’ iyo misi ukw ar’ indwi ntihaze haboneke umwambiro mu mazu yanyu: umuntu azorya icambiwe, aracibga mw ikoraniro ry’Abisirayeli, naho yoba umunyamahanga cank’ uw’ imvukira yo mu gihugu canyu.

20 Ntimuze mugire icambiwe na kimwe murya: muze murye imitsima itambiwe mu ngo zanyu zose.


Mose ashikiriza Abisirayeli ivyo Imana imubariye

21 Nuko Mose ahamagaza abakuru bose bo mu Bisirayeli, arababarira, ati Ni mwirobanurire imyagazi, ukw amazu yanyu angana, muyibāgire Pasika.

22 Mwiyabīrire agakama ka ezobu, mukajōbeke mu maraso ari mu rwavya, mumijagire ayo maraso hejuru y’umuryango no ku bishimaryango vyompi, ntihaze hagire umuntu n’umwe muri mwebge asohoka mu nzu yiwe gushitsa mu gitondo.

23 Kuk’ Uhoraho azohaca, azanywe no kwica Abanyegiputa: kand’ ah’ azobona ayo maraso hejuru y’umuryango no ku bishimaryango vyompi, Uhoraho azorengana iyo nzu, ntazokundira umuranduzi kwinjira mu nzu zanyu ngw abice.

24 Kand’ ivyo, muze mwame muvyitondera bibe icagezwe c’intahava kuri mwebge no ku bana banyu.

25 Kandi ni mwamara gushika mu gihugu Uhoraho azobaha, nk’uko yasezeranye, muze mwame mwitondera uwo muhango.

26 Kand’ ukw abana banyu bazobabaza, bat’ Uyu muhango wanyu n’uw’ iki?

27 muze mubishure, mut’ Iki ni co kimazi citwa Pasika y’Uhoraho, kuko yarenganye amazu yacu Abisirayeli, turi muri Egiputa, akayaziguriza, igihe yica Abanyegiputa. Abantu barunama, barasenga.

28 Abisirayeli baragenda, bakora nk’uko nyene; uk’ Uhoraho yageze Mose na Aroni, aba ari ko bakora.


Icago ca cumi: hapfa abana b’ imfura

29 Nuko mu gicugu Uhoraho yica abana bose b’imfura bo mu gihugu ca Egiputa, uhereye ku mfura ya Farawo nyen’ ingoma, ukageza ku mfura y’imbohe ipfungiwe mw ibohero, n’ivy’ uburiza vyose vy’ibitunzwe.

30 Mur’ iryo joro Farawo ararandamuka, n’ abanyarugo biwe bose, n’Abanyegiputa bose: muri Egiputa hacura umuborogo mwinshi, kukw ata nzu n’imwe itapfuyemw’ umuntu.

31 Ahamagaza Mose na Aroni mur’ iryo joro nyene, arababarira, ati Ni mukūre hasi, mujonjore, muve mu bantu banje, mwe n’Abisirayeli; mugende, muje gusaba Uhoraho, nk’uko mwavuze.

32 Mujane n’ imikuku yanyu n’amasho yanyu, nk’uko mwavuze, mwīgīre; nanje munsabire umugisha.

33 Abanyegiputa bahīhīta ubgo bgoko, ngo babavire mu gihugu vuba; kuko bāvuga, bati Turapfuye twese.

34 Abo bantu bajana amarobe yabo atarajamw’ umwambiro, atarotswa, utwato twabo bacumbamwo bari baduhambiriye mu mpuzu zabo batwikoreye ku bitugu.

35 Abisirayeli bakora nk’uko Mose yavuze; basaba Abanyegiputa utugenegene tw’ifeza n’utw’ izahabu n’imyambaro:

36 Uhoraho aha abo bantu kurābga neza n’Abanyegiputa, babaha ivyo babasavye: uko ni ko bīnyagiye Abanyegiputa.


Abisirayeli bajonjōra bava muri Egiputa

37 Abisirayeli baragenda, bava i Ramesesi, bataha i Sukoti: abāgiye n’amaguru bār’ abagabo ibihumbi amajana atandatu, ukūyemw’ abana.

38 Kandi n’igugu ry’ikivange c’abanyamahanga rijana na bo, n’imikuku n’amasho vy’ibitayega.

39 Ya mitsima bākūye muri Egiputa ikir’ ivyanga, barayihīsha, bayigira imitsima itambiwe, kukw ata mwambiro baribgayishiremwo: kuko birukanywe muri Egiputa ntibashobore gutebagana, ata n’agahamba baribgironderere.

40 Imyaka Abisirayeli bamaze muri Egiputa n’amajana ane na mirongwitatu.

41 Iyo myaka ukw ar’ amajana ane na mirongwitatu ishize, kur’ uwo musi nyene, amasinzi yose y’ ingabo z’Uhoraho ava mu gihugu ca Egiputa.

42 Iryo joro n’iryo kurārako maso, kwibuka uk’ Uhoraho yabakūye mu gihugu ca Egiputa: iryo ni rya joro ry’ Uhoraho, Abisirayeli bose bakwiye kwama barirārako maso, ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.


Ibindi vyagezwe vyo kuri Pasika

43 Uhoraho abarira Mose na Aroni, at’ Iri ni ryo bgirizwa ryo kuri Pasika: ntihaze hagire umunyamahanga arya ku vyayo;

44 arik’ umugurano w’umuntu wese yaguzwe amahera, ni yamara kumukeba, abone kubiryako.

45 Inyambukīra cank’ umucangero ntibaze babiryeko.

46 Bize birīrwe aho biri mu nzu nyene; ntimuze musohokane n’agashītwa k’izo nyama, kandi ntimuze muvune n’igufa na rimwe ryayo.

47 Ikoraniro ry’Abisirayeli ryose baze bame bagira bartyo.

48 Kand’ umunyamahanga ni yaza kuba muri mwebge, akagomba kuja mu vya Pasika yanje, jewe Uhoraho, izinamuhungu wese wo mu nzu yiwe akebge, aheze abone kwegera ivya Pasika, abijemwo; maz’ azoca amera nk’imvukira: ariko ntihaze hagire umuntu n’ umwe atākebge abiryako.

49 Icagezwe ni kimwe ku mvukira no ku munyamahanga yaje kuba muri mwebge.

50 Uko ni kw Abisirayeli bose bākoze; uk’ Uhoraho yabariye Mose na Aroni ni ko bākoze.

51 Nuko kur’ uwo musi nyene, Uhoraho akūra Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa, ukw imitwe y’ingabo zabo yangana.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan