Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Kuvayo 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Abisirayeli bagwirira muri Egiputa

1 Aya ni yo mazina ya bene Isirayeli bagiye muri Egiputa, bajanye na Yakobo, umuntu wese ajana n’abo mu rugo rwiwe:

2 Reyubeni, na Simeyoni, na Lewi, na Yuda,

3 na Isakari, na Zebuloni, na Benyamini,

4 na Dani, na Nafutali, na Gadi, na Asheri.

5 Abantu bose bāndurutse mu rura rwa Yakobo bari mirongwirindwi, hakora Yosefu yar’ asanzwe ari muri Egiputa.

6 Nuko Yosefu arapfa, n’abo bavukana bose barapfa, bo n’ urunganwe rwose rw’ico gihe.

7 Abisirayeli bararondoka, baravyara cane, baragwira, baba igisata; buzura ico gihugu.


Farawo yikenga Abisirayeli, bituma abagira abaja

8 Nuko muri Egiputa hima uwundi mwami, atigeze kumenya ivya Yosefu.

9 Maz’ abarira abantu biwe, ati Rāba Abisirayeli bahindutse ihanga rituruta mu bginshi riturusha n’inkomezi.

10 Enda tubaronderere inama y’ubgenge, kugira ngo boye kugwira, bakazohava bīfatanya n’abansi bacu, haramutse habaye intambara, bakaturwanya, bakava mur’ iki gihugu.

11 Nuko babaha abo kubakebera ibikebere ngo babatwaze ituntu babīkoreze ibiremereye. Bubakira Farawo ibisagara vyitwa Pitomu na Ramusesi vy’ibigega.

12 Ariko, uko barushiriza kubatwaza ituntu, na bo ni ko barushiriza kugwira no kugasāra; nukw Abanyegiputa karabarya mu nda kubg’ Abisirayeli.

13 Bacuranguza Abisirayeli barabacumukuza,

14 batuntuza imitima yabo kubgo kubakoresha ibikorwa bitamisha, vyo mu rwondo no mu matafari n’ibikorwa vyose vyo mu ndimiro, ivyo babakoresha vyose, babacuranguza babacumukuza.


Abākirizi bagerwa kuniga abana b’abahungu

15 Hārih’ abākirizi bākīra Abaheburayokazi, umwe yitwa Shifura, uwundi yitwa Puwa: nuk’ umwami wa Egiputa arababarira,

16 ati Ni mwākīra abagore b’Abaheburayo, mwitegereze neza ikivutse: ni havuka umuhungu, muze mwame mumuniga, ariko ni yaba umukobga mumureke.

17 Arikw abo bākirizi bubaha Imana, ntibagira nk’uk’ umwami wa Egiputa yabageze, bareka n’ abana b’abahungu.

18 Maz’ umwami wa Egiputa ahamagaza abo bākirizi, arababaza, ati N’iki catumye mukora murtyo, mukareka abana b’abahungu?

19 Abākirizi bishura Farawo, bati N’ ukw abagore b’Abaheburayo batamera nk’ab’ Abanyegiputa, kuko banyarutsa, bakavyara umwākirizi atarabashikīra.

20 Imana igirira neza abo bākirizi; iryo hanga rica riragwira, riba igisata.

21 Kandi kukw abo bākirizi bubashe Imana, ibaha uruvyaro.

22 Farawo araheza abarira abantu biwe bose, at’ Umuhungu wese azovuka, muze mumute mu ruzi, arik’ umukobga mumureke.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan