Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Kolosayi 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ndagomba ko mumenya ukuntu mbarwanira intambara, mwe n’ab’i Lawodikiya n’abatarankubita ijisho bose uko bangana,

2 kugira ngw imitima yabo ireme, kuko bamatanirijwe mu rukundo ngo bahabge itunga ryose ry’ugutahura ata mazinda, babone kumenya ibanga ry’Imana, ni ryo Kristo,

3 muri we ni ho itunga ryose ry’ubgenge n’ukumenya ryahishijwe.


Gufatanya na Kristo no kwirinda ibihendo vy’iyi si

4 Mvuze ivyo kugira ngo ntihagire ūbahendagirisha amagambo y’inyosha.

5 Kuko naho ntari kumwe namwe ku mubiri, ndi kumwe namwe ku mutima, nnezerewe kandi mbona ugushira hamwe kwanyu kwiza, n’ugushikama mu kwizera Kristo kwanyu.

6 Nuko nk’uko mwākiriye Kristo Yesu Umwami wacu, abe ari ko mugendera muri we,

7 mushinze imizi muri we, mwubakwa muri we, mushikamishijwe n’ukwizera nk’uko mwigishijwe, murushiriza gushima.

8 Mwirinde, ntihakagire ūbagira inyagano, abanyagishije ubgenge bg’abantu ar’ ibihendo vy’ubusa, bikurikira akaronda k’imigenzo y’abantu, bikurikira ivya mbere vyo mw isi, bidakurikira Kristo.

9 Kuko muri we ari ho haba ukunengesera kwose kw’Ubumana mu buryo bg’umubiri.

10 Kandi munengeserezwa no kumubamwo, ni we mutwe w’ubukuru bgose n’ububasha bgose.

11 Kandi muri we mwākebge ugukebga kutar’ ukw’ intoke, hamwe mwiyambura akameremere k’umubiri, ni kwo gukebga kwo muri Kristo;

12 kuko mwahambanywe na we mw ibatizwa, ni ho kandi mwazuranywe na we, kubgo kwizera ubushobozi bg’Imana yamuzuye mu bapfuye.

13 Kandi hamwe mwari mugipfuye mwishwe n’ibicumuro vyanyu n’ukudakebga kw’imibiri yanyu, yabagiranye bazima na we, imaze kuduharira ibicumuro vyacu vyose,

14 ihanaguye n’icete kitwagiriza, kirimw’ amabgirizwa cāduhama, igikūra hagati yacu na yo, ikibamba ku musaraba.

15 Kandi yambuye abakuru n’abafise ububasha, ibateterereza mu maso ya bose, ibashorera bafashwe mpiri kubg’ uwo musaraba.

16 Nuko ntihakagire ūbahinyura ku biribga canke ku binyobga, canke mu vy’ imisi mikuru canke mu vy’ ukwezi kubonetse canke mu vy’ isabato:

17 ivyo vyar’ igitūtu c’ivyari birāriye kuzoza, arik’ umutumba ubgawo n’uwa Kristo.

18 Ntihakagire umuntu abagunga impēra yanyu, nk’uko yigombera ubgiwe, ayibagungishije kwicisha bugufi no gusenga abamarayika, aguma mu vyo yabonye gusa, atewe kwihimbariza ubusa n’ubgenge bg’akameremere kiwe,

19 kand’ atifatanya na wa Mutwe, kuri wo umubiri wawo wose, ufashijwe n’ingingo n’imitsi, ugateranywa neza na vyo, ni ho uronka gukura kwawo gutangwa n’Imana.

20 Asangwa mwarapfanye na Kristo, mukareka ivya mbere vy’isi, n’iki gituma mwemera kuganzwa na ya mabgirizwa, nk’abazokwama bari kw isi —

21 ngo, Ntugafateko, ntugatamireko, ntugakoreko;

22 kand’ ivyo vyose biba biheze iyo birīwe — mukumvira ivyagezwe n’abantu n’inyigisho zabo?

23 Ayo mabgirizwa koko afise ishusho y’ubgenge, kukw abgiriza gusenga nk’ukw abantu bīrāritse, no kwicisha bugufi, no kwibabaza umubiri, ariko ntagira ikimazi co kubuza ukwifuza kw’akameremere k’umuntu.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan