Ivyakozwe 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yesu yiyerekera Sauli mu nzira ija i Damasiko 1 Ariko Sauli, akigenda afuhagira, afitiye abigishwa b’Umwami imihigo n’ubgicanyi, aja ku muherezi mukuru, 2 amusaba ivyete vyo guha ab’ amasinagogi y’i Damasiko, kugira ngo ni yabona abantu bakurikira Inzira ya Yesu, ar’ abagabo cank’ abagore, abajane i Yerusalemu mu ngoyi. 3 Maz’ arikw aragenda, agira ashike i Damasiko, haza umuco giturumbuka, uvuye mw ijuru, umukayanganira irya n’ino. 4 Yikubita hasi, yumva ijwi rimubaza, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki? 5 Aramubaza, at’ Uri nde ga Mwami? Na we ati Ni jewe Yesu, uwo urik’ urahīga; 6 ariko va hasi, ushike mu gisagara, uzobarirwa ivy’ ukwiye gukora. 7 Abagabo bajanye na we bahagarara badakoma, kuko bumvise ijwi, ata muntu babona. 8 Sauli aravyuka, ava hasi, maz’ akanuye amaso ntiyagira ic’ abona: bamufata ukuboko, bamushikana i Damasiko. 9 Amarayo gatatu, atabona, ata co arya, ata co anywa. Ananiya abatiza Sauli 10 I Damasiko hār’ umwigishwa yitwa Ananiya: Umwami Yesu aramwiyereka, aramuhamagara, ati Ananiya. Na we ati Sabge, Mwami. 11 Umwami aramubarira, ati Va hasi, uje mu nzira yitwa Igororotse, ubarizeyo mu rugo kwa Yuda umuntu yitwa Sauli w’i Taruso, kukw arikw arasenga. 12 Kandi yabonye umuntu yitwa Ananiya yinjira ah’ ari, amurambikakw ibiganza, kugira ngw ahumūke. 13 Ananiya aramwishura, ati Mwami, uwo mugabo ko numvise benshi bavuga ivyiwe, vy’inabi nyinshi yagirira abera bawe i Yerusalemu: 14 kandi n’ino ahafise ububasha abuhāwe n’abaherezi bakuru, bgo kuboha abambaza izina ryawe bose. 15 Umwami aramwishura, ati Pfa kugenda, kuk’ uwo muntu ar’ ikintu nītoranirije, ngw ajane izina ryanje imbere y’abanyamahanga n’abami n’Abisirayeli: 16 nanje nzomwereka imibabaro ukw ingana azoba akwiye kubabazwa ahōrwa izina ryanje. 17 Ananiya aragenda, yinjira mu nzu, amurambikakw ibiganza, aramubgira, ati Sauli, mwene Data, Umwami arantumye, ni we Yesu yakubonekereye mu nzira wazananye, ng’uhumūke, wuzuzwe Mpwemu Yera. 18 Uwo mwanya ibisa n’ibikaragashi bimuva ku maso, arahumūka, ava hasi, arabatizwa: 19 maz’ ararya, intege ziragaruka. Amarana imisi n’abigishwa b’i Damasiko; 20 aca ahērakw avuga mu masinagogi ivya Yesu, yukw ar’ Umwana w’Imana. 21 Abamwumvise bose barūmirwa, bati Mbeg’ uyu si we yatikije abambaza iryo zina i Yerusalemu? Kandi ni co cari kimuzanye n’ino, kugira ngw abashīre abaherezi bakuru bari mu ngoyi. 22 Ariko Sauli arushiriza kugira ubushobozi, atsinda Abayuda baba i Damasiko, abereka yuko Yesu ari we Kristo. Sauli ahungira i Yerusalemu 23 Hashize imisi myinshi, Abayuda baja inama yo kumwica: 24 maze Sauli amenya inama yabo. Bamutegera ku marembo ku murango no mw ijoro kugira ngo bamwice. 25 Maz’ abigishwa biwe bamujana mw ijoro, bamucisha mu ruzitiro rw’amabuye, bamwururukirije mu gisangaza. 26 Ashitse i Yerusalemu, agerageza kwifatanya n’abigishwa: bose baramutinya, ntibemera kw ar’ umwigishwa. 27 Maze Barunaba aramwākīra, amushīra intumwa, azīgānira ingene yaboneye Umwami Yesu mu nzira, n’ingene yavuganye na we, kandi n’ingene yavuze ashize amanga mw izina rya Yesu i Damasiko. 28 Aba kumwe na bo amaja n’amaza i Yerusalemu, 29 avuga ashize amanga mw izina ry’Umwami Yesu; yaravuga ahārīra n’Abayuda bāvuye i Bugiriki: na bo barondera ingene bomwica. 30 Ariko bene Data babimenye, bamumanukana i Kayisariya, bamurungika i Taruso. Petero akiza Ayineya 31 Nukw ishengero ryose ryari hose i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro, rirahangama: kandi rigenda ryubaha Umwami Yesu, rihagarikiwe na Mpwemu Yera, riragwira. 32 Nuko Petero agendagenda hose, amanuka no ku bera baba i Luda, 33 asangay’ umuntu yitwa Ayineya, yar’ amaze imyaka munani avunda mu buriri, kuko yari yaramugaye. 34 Petero aramubgira, ati Ayineya, Yesu Kristo aragukijije: vyuka, wizingire ikirago. Aca avyuka ako kanya. 35 Ababa i Luda n’i Saroni bose bamubonye bahindukirira Umwami Yesu. Petero azura Tabita 36 Kand’ i Yopa hār’ umwigishwa yitwa Tabita, risobanurwa ngo Doruka: uwo mugore yari n’ibikorwa vyiza vyinshi, n’ubuntu bginshi yagira. 37 Mur’ iyo misi ararwara, arapfa: bamaze kwuhagira ikiziga, bagishira mu nzu yo hejuru. 38 Kandi kukw i Luda hāri hafi y’i Yopa, abigishwa, bumvise ko Petero ari yo ari, bamutumakw abantu babiri, bamwinginga, bati Ntutebe kudushikīra. 39 Petero arikora, ajana na bo: ashitseyo bamujana muri ya nzu yo hejuru, abapfakazi bose bahagarara i ruhande yiwe barira, berekana amapfundo n’imitamana Doruka yapfunditse akiri muri bo. 40 Petero arabataramura bose, arapfukama, arasenga; maz’ ahindukirira umuvyimba, ati Tabita, vyuka. Arakanura; maz’ abonye Petero, aravyuka, aricara. 41 Amufata ukuboko, aramuhagarika. Maz’ ahamagara abera n’abapfakazi, amubaha ari muzima. 42 Bimenyekana i Yopa hose, benshi bizera Umwami Yesu. 43 Maz’ amara imisi myinshi i Yopa, kwa Simoni umuhazi w’insāto. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi