Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Stefano yiregura yemangira Kristo

1 Umuherezi mukuru aramubaza, ati Mbeg’ ivyo ni ko biri?

2 Na we aramwishura, ati Yemwe bene Data kandi ba data, ni mwumve: Imana y’icubahiro yiyeretse sogokuruza Aburahamu, ar’ i Mesopotamiya, ataraja kugerēra i Harani,

3 iramubarira, iti Va mu gihugu canyu no mu muryango wanyu, uje mu gihugu nzokwereka.

4 Maz’ ava mu gihugu c’i Bukaludaya, agerēra i Harani. Se amaze gupfa, iramwimura, imuzana mur’ iki gihugu mubamwo none.

5 Ariko ntiyakimuhayemw’ umwandu, naho hoba aho gushinga ikirenge; isezerana kuzokimuha ngo kibe ishamvu yiwe n’iy’ uruvyaro rwiwe, kand’ ataragira umwana.

6 Kand’ Imana ivuga irtya, it’ Uruvyaro rwawe ruzoba inyambukira mu kindi gihugu, bazobagira abaja, babagirire nabi imyaka amajana ane.

7 Kand’ ihanga rizobagira abaja ni jewe nzoricirakw iteka, Imana ni ko yagize, it’ Arikw amaherezo bazovayo, bansengere aha hantu.

8 Maz’ imuha isezerano ryo gukebga. Nukw avyara Isaka, amukeba ku musi ugira umunani: Isaka avyara Yakobo, Yakobo avyara ba sogokuruza bakuru cumi na babiri.

9 Ba sogokuruza bagirira Yosefu ishari, baramugura ngw ajanwe muri Egiputa. Imana ibana na we,

10 imukiza mu marushwa yiwe yose, imuha ubutoni n’ubgenge kuri Farawo, umwami wo muri Egiputa, amugira icēgēra ciwe ngw aganze muri Egiputa, amuzēza n’urugo rwiwe rwose.

11 Ikigoyi gitera muri Egiputa hose n’i Kanani, hatera n’amarushwa menshi, kandi ba sogokuruza babura ivyo kurya.

12 Maze Yakobo yumvise yuko muri Egiputa har’ amasumo, atuma ba sogokuruza ubga mbere.

13 Kand’ ubugira kabiri Yosefu yibarira bene se, umuryango wa Yosefu umenywa na Farawo.

14 Yosefu atumiza se Yakobo n’abo mu nzu yabo bose, ukw ari mirongwirindwi na batanu.

15 Yakobo aramanuka, aja muri Egiputa; agwayo, bo na ba sogokuruza:

16 babajana i Shekemu, babahamba mw isenga Aburahamu yaguze igiciro c’ifeza na bene Hamori i Shekemu.

17 Arikw igihe c’isezerano kigira gishike, iry’ Imana yasezeraniye Aburahamu, abantu baragwira, baba benshi muri Egiputa,

18 gushitsa ah’ uwundi mwami yīmiye muri Egiputa atigeze kumenya ivya Yosefu.

19 Uwo mwami agirira ubugunge ubgoko bgacu, agirira ba sogokuruza nabi, abateshereza abana babo b’inzoya kugira ngo ntibabeho.

20 Mur’ ico gihe Mose aravuka, yari mwiza cane, bamurerera mu nzu kwa se amezi atatu;

21 amaze gutābga, umukobga wa Farawo aramutora, amurerera kuba umwana wiwe.

22 Mose yigishwa ubgenge bgose bg’Abanyegiputa, agira ubushobozi mu majambo yiwe no mu bikorwa vyiwe.

23 Maz’ arikw aramara imyaka mirongwine avutse, haza iciyumviro mu mutima wiwe co kugendera bene wabo b’Abisirayeli.

24 Abonye umuntu agirirwa nabi, aramutabara, ahōra iyo mpahazwa, yica wa Munyegiputa.

25 Yibgira yukw ab’i wabo botahura kw Imana ibakirisha ukuboko kwiwe: ariko ntibabimenya.

26 Bukeye bg’aho, asanga abarwana, ageza kubatātūra, ati Yemwe bagabo, mur’ umuryango umwe, n’iki gitumye mugiriranira nabi?

27 Arik’ uwagirira mugenzi we nabi aramusunika, aramubaza, ati Ni nde yakugize umukuru cank’ umucamanza wacu?

28 Mbeg’ ugomba kunyica, nk’ukw ejo wishe wa Munyegiputa?

29 Mose yumvise iryo jambo, arahunga, aba umwambukīra mu gihugu c’i Midiyani, avyariray’ abahungu babiri.

30 Imyaka mirongwine ishize, umumarayika amubonekerera mu rubeya rw’umuriro waka mu gisaka c’amahwa mu bugaragwa bgo ku musozi Sinayi.

31 Mose abonye ivyo biramutangaza: akivyēgēra ngw avyihweze, havuga ijwi ry’Uhoraho,

32 ati Ni jewe Mana ya ba sogokuruza bawe, Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo. Mose ahinda agashitsi, ntiyatinyuka kwihweza.

33 Uhoraho aramubarira, ati Kūra inkweto mu birenge vyawe, kukw aho hantu uhagaze ar’ ahēra.

34 N’ukuri abantu banje bari muri Egiputa nabonye amarushwa barimwo, numvise umuniho wabo, none mmanukanywe no kubarokora: kandi none n’uze ndagutume muri Egiputa.

35 Mose uyo, umwe banka, bati Ni nde yakugize umukuru cank’ umucamanza? ni we Imana yatumye kuba umukuru n’umucunguzi, abihawe n’ukuboko kw’umumarayika yamubonekereye muri ca gisaka.

36 Uwo abakūrayo, amaze gukora ibitangaza n’ibimenyetso mu gihugu ca Egiputa, no ku Kiyaga Gitukura no mu bugaragwa, imyaka mirongwine.

37 Uwo Mose ni we yabgiye Abisirayeli, at’ Imana izobahagurukiriza ūvugishwa na yo mu b’i wanyu, ameze nkanje.

38 Kand’ uwo Mose ni we yari mw ishengero ryo mu bugaragwa, ari kumwe n’umumarayika yavuganiye na we ku musozi Sinayi, kand’ ari kumwe na ba sogokuruza; kandi yaherejwe amajambo y’ubugingo ngw aduhe.

39 Ba sogokuruza banse kumwumvira, baramwikunkumura, basubira muri Egiputa mu mitima yabo,

40 babgira Aroni, bati N’uturonkere imana zo kutuja imbere; kuk’ umwe Mose yaturōngōye adukūra mu gihugu ca Egiputa, tutazi ico yabaye.

41 Bironkera igishushanyo c’imasa mur’ iyo misi, ico kigirwamana bakizanira ibimazi, bahimbarwa n’ibikorwa vy’intoke zabo.

42 Arikw Imana irora irya, irabaheba ngo basenge ingabo zo kw ijuru: nk’uko vyanditswe mu gitabo c’abavugishwa n’Imana, ngo Mbega har’ ibitungwa bibāzwe cank’ ibimazi mwanshikaniye, Ya myaka ukw ari mirongwine yo mu bugaragwa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?

43 Mwareruye ihema rya Moloki, N’inyenyeri y’ikigirwamana Refani, Ar’ ibishushanyo mwironkeye ngo mubisenge: Nanje nzobambukana hirya y’i Babuloni.

44 Ba sogokuruza bāri bafise ihema ry’Ibishinga intahe, hamwe bāri mu bugaragwa, nk’ukw iyavuganye na Mose yabigeze, yamubgiye kurigereranya n’ikigereranyo yabonye.

45 Iryo, ba sogokuruza barihawe na ba sekuru babo, barishikana ino, Yosuwa ari kumwe na bo, hamwe bātsinda amahanga, Imana iyirukana imbere ya ba sogokuruza, gushitsa ku gihe ca Dawidi.

46 Kandi Dawidi aronka ubutoni mu nyonga z’Imana, asaba kwubakira Imana ya Yakobo aho kuba.

47 Ariko Salomo ni we yayubakiye ingoro.

48 Yamar’ Īsumba vyose ntiba mu zubakishijwe amaboko: nk’uk’ uwavugishijwe n’Imana yavuze,

49 at’ Ijuru ni ryo ntebe yanje y’ubgami, Isi na yo n’indava y’ibirenge vyanje; Muzonyubakira inzu ki? ni k’Uhoraho abajije, Canke nzoruhukira ahantu ki?

50 Mbeg’ intoke zanje si zo zaremye ivyo vyose?

51 Yemwe abatagonda izosi, mwa ntakebga mu mitima no mu matwi, na ntaryo murwanya Mpwemu Yera. Uko ba sogokuruza banyu bākora, ni ko namwe mukora.

52 Ni nde mu bavugishijwe n’Imana ba sogokuruza banyu batāhamye? Bishe abābanje kumenyekanisha ivyo kuza kwa wa Mugororotsi, none namwe mwaramuguze muramwica:

53 ari mwebge mwāhawe ivyagezwe bizanywe n’abamarayika, ntimwavyitondera.


Bicisha Stefano amabuye

54 Bavyumvise baribga mu mitima, bamuhekenyera imisaya.

55 Ariko Stefano yuzuye Mpwemu Yera, ahanga amaso mw ijuru, abona ubgiza bg’Imana, na Yesu ahagaze i buryo bg’Imana:

56 aravuga, at’ Ehe mbonye ijuru rikingurutse, n’Umwana w’umuntu ahagaze i buryo bg’Imana.

57 Barayogora n’amajwi arenga, bīziba amatwi, bamugwirakw icarimwe,

58 bamuhindira inyuma y’igisagara, bamwicisha amabuye; kand’ abāmwagirije bāri bafashije hasi imitamana yabo imbere y’ibirenge vy’umusore yitwa Sauli.

59 Maze bakiriko baratera Stefano amabuye, arambaza, aravuga, ati Mwami Yesu, akīra ubugingo bganje.

60 Araheza arapfukama, asemerera n’ijwi rirenga, ati Mwami, ntubaharūrekw iki caha. Amaze kuvuga artyo, aca aracīkāna. Kandi Sauli na we yarabishimye ko yicwa.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan