Ivyakozwe 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Batoranya abo kugaburira abapfakazi 1 Kandi mur’ iyo misi, abigishwa bāriko baragwira, Abayuda bavuye i Bugiriki bidodombera Abaheburayo b’inyamo, kukw abapfakazi babo bīrengagizwa ku ngaburo y’imisi yose. 2 Bamwe cumi na babiri bakoranya ishengero ry’abigishwa, bati Ntibibereye yuko twebge turekera ijambo ry’Imana kugaburisha ivyo ku meza. 3 Nuko, bene Data, ni murābe muri mwebge abantu ndwi bashimwa, buzuye Mpwemu Yera n’ubgenge, tubashire kur’ iki gikorwa. 4 Ariko tweho tuzoshishikara gusenga no kugabura ijambo ry’Imana. 5 Ayo majambo ishengero ryose rirayashima, batoranya Stefano, umuntu yuzuye ukwizera na Mpwemu Yera, na Filipo, na Purokoro, na Nikanori, na Timoni, na Parumena, na Nikolayo, Umunyantiyokiya yatoye idini y’Abayuda, 6 babashira imbere y’intumwa, kandi bamaze gusenga zibarambikakw ibiganza. 7 Nukw ijambo ry’Imana riragwira; abigishwa barōndōka cane i Yerusalemu, abaherezi b’akavuvu bumvira ukwizera. Abayuda bafata Stefano, bamurega ibinyoma 8 Stefano yari yuzuye ubuntu bg’Imana n’ubushobozi, yakora mu bantu ibitangaza n’ibimenyetso bikomeye. 9 Ariko hava hasi abantu bamwe bo mw isinagogi y’Abaliberutino, n’iy’ Abanyakurene n’iy’ Abanyalekisanderiya, n’iy’ Abanyakilikiya, n’iy’ Abanyasiya, baja impāri na Stefano, 10 ariko ntibashobora gutsinda ubgenge na Mpwemu bimuvugisha. 11 Nuko bahēra abagabo bo kuvuga, bati Twumvise avuga amagambo y’amarogotano kuri Mose no ku Mana. 12 Bosha abantu n’abakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe baramugīra, baramufata, bamujana mw ikombe. 13 Bahagarika ivyabona vy’ibinyoma, baravuga, bat’ Uyu muntu nta ho ahumeka gutuka aha hantu hēra n’ivyagezwe: 14 kuko twumvise avuga, ati Yesu Umunyanazareti azokombora aha hantu, kandi ngw azohindura imigenzo twahawe na Mose. 15 Abicaye mw ikombe bose bamuhanze amaso babona mu maso hiwe, hasa n’ah’ umumarayika. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi