Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ananiya na Safira

1 Kandi hār’ umugabo yitwa Ananiya, agura ishamvu afatanije n’umugore wiwe Safira,

2 yisigariza ku biguzi vyayo, umugore wiwe abizi, azana ikigabane, agishira imbere y’ibirenge vy’intumwa.

3 Petero aramubaza, ati Ananiya, n’iki gitumye Satani yuzuza umutima wawe guhenda Mpwemu Yera, ukīsigariza ku biguzi vy’ishamvu?

4 Ukiyifise ntiyar’ iyawe? Kand’ umaze kuyigura, ibiguzi vyayo ntuba warabikoze uk’ ugomba? N’iki catumye wīgīra ingingo mu mutima wawe gukora urtyo? S’abantu uhenze, Imana ni yo uhenze.

5 Ananiya yumvise ayo majambo agwa bukumbi: abavyumvise bose baterwa n’ubgoba bginshi.

6 Imisore iva hasi, iramutekera, iramujana, iramuhamba.

7 Hahise nk’isaha zitatu, umugore wiwe arinjira, atazi ivyabaye;

8 Petero aramubaza, ati Mbarira: mbeg’ ishamvu mwayiguze ayo nyene? Aramwishura, at’ Ego me, n’ayo.

9 Petero aramubaza, ati N’iki gitumye muhūza inama kugerageza Mpwemu w’Umwami Imana? Ehe ibirenge vy’abahejeje guhamba umugabo wawe biri ku rugi, nawe barakujana.

10 Uwo mwanya agwa imbere y’ibirenge vyiwe bukumbi. Ya misore yinjiye isanga amaze guhwera, iramujana, imuhamba i ruhande y’umugabo wiwe.

11 Ishengero ryose n’abavyumvise bose baterwa n’ubgoba bginshi.


Intumwa zikora ibimenyetso vyinshi

12 Ibimenyetso n’ibitangaza vyinshi bikorwa mu bantu n’amaboko y’intumwa: kandi bose bākoranira mw ibaraza rya Salomo n’umutima uhūye:

13 ariko mu bandi nta muntu yatinyuka kwifatanya na bo, yamar’ abantu bose bārabashimagiza,

14 bārushiriza kwongerwakw abizeye Umwami Yesu, ishengero ryinshi ry’abagabo n’abagore;

15 bituma banaterurira abarwaye ku nzira, babashira mu nderuzo no ku birago, kugira ngo Petero ni yahaca, naho coba igitūtu ciwe gishike kuri bamwe.

16 Hakoranira ishengero rivuye no mu bisagara bihereranye n’i Yerusalemu, bazana abarwaye n’abababazwa n’impwemu zihumanye: bakizwa uko bangana.


Abaherezi babashira mw ibohero, umumarayika arabugururira

17 Maz’ umuherezi mukuru ahagurukana n’abāri kumwe na we bose, ni bo muce witwa uw’ Abasadukayo, buzura ishari,

18 bashōrera amaboko ku ntumwa, bazishira mu nzu y’ibohero rya bose.

19 Maz’ umumarayika w’Umwami Imana ahenga mw ijoro yugurura inzugi z’ibohero, abakūrayo, arababgira,

20 ati Ni mugende, muhagarare mu rusengero, mubarire abantu amajambo yose ya bga Bugingo.

21 Bavyumvise, binjira mu rusengero hāri nko mu mutwenzi, barigisha. Maz’ umuherezi mukuru azanana n’abāri kumwe na we, bahamagaza abanyekombe, n’abakuru bose b’Abisirayeli, maze batuma mu nzu y’abanyororo kubazana.


Bongera gufata intumwa, barazihana

22 Abagendanyi bagiye ntibabasanga mw ibohero: baragaruka barababgira,

23 bat’ Inzu y’abanyororo dusanze yugaye ata nkomanzi iriho na mba, n’abarinzi bahagaze ku nzugi, maze twuguruye ntitwasangamw’ umuntu.

24 Bumvise ayo majambo umukuru w’abashibamyi b’urusengero n’abaherezi bakuru bazazanirwa n’ivyabo, ikizovamwo.

25 Haza umuntu arababarira, at’ Erega ba bagabo mwashira mw ibohero bari mu rusengero bahagaze bigisha abantu.

26 Maz’ uwo mukuru w’abashibamyi ajana n’abagendanyi, babazana ku neza, kuko bātinya abantu, ngo ntibabatere amabuye.

27 Bamaze kubazana babashira mw ikombe: umuherezi mukuru arababaza,

28 ati Mbega ntitwabīhanije cane kutigisha muri rya zina? None rāba mwujuje Yerusalemu inyigisho zanyu; ico murondera n’ukudushirakw amaraso ya wa muntu.

29 Maze Petero n’intumwa barabishura, bat’ Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu.

30 Imana ya ba sogokuruza yazuye Yesu, uwo mwebge mwishe mumumanitse ku giti.

31 Uyo Imana yaramushize hejuru n’ukuboko kwayo kw’i buryo, ngw abe Umukuru n’Umukiza, ngw ahe Abisirayeli kwihana no guharirwa ivyaha.

32 Natwe tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo, na Mpwemu Yera na we n’uko, uwo Imana yahaye abayumvira.

33 Ariko bo bavyumvise baribga mu mitima, bashaka kubica.

34 Maze hahaguruka umwe mw ikombe, w’Umufarisayo yitwa Gamaliyeli, umwigisha w’ivyagezwe, yubahwa n’abantu bose, avuga ko bataramura abo bantu akanya gato.

35 Maz’ arababarira, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwirinde mumenye uko mugirira aba bantu:

36 kuko mu misi ishize Teyuda yādutse yiyita agakomeye, igitigiri c’abantu gishika nk’amajana ane gikondōrera inyuma yiwe: maz’ aricwa, abāmwumvira bose barasābagira, bacika ubusa.

37 Hanyuma yiwe hāduka Yuda Umunyagalilaya, mu misi yo kwandikwa, yikwegera abantu inyuma; na we apfa rubi, n’abāmwumvira bose uko bangana barasābagira.

38 Kandi none ndababgire: Ni muzibukire aba bantu, mubarekure: kukw iyi nama n’iki gikorwa ni vyaba biturutse mu bantu, bizosendwa:

39 ariko ni vyaba biturutse ku Mana, ntimuzoshobora kubatsinda, mwoye kuzosanga murwanya Imana.

40 Baramwemerera, maze bahamagaje intumwa, barazitonagura, barazīhanikiriza ngo ntizize zigishe mw izina rya Yesu, maze barazirekura.

41 Nuko bava mu maso y’abanyekombe, banezerejwe n’uko bemerewe gutētererezwa iryo zina.

42 Kand’ imisi yose mu rusengero no mu mihana ntibahorereza kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza bga Yesu, kw ari we Kristo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan