Ivyakozwe 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Abaherezi bafata Petero na Yohana 1 Bakivugana n’abantu, abaherezi bazanana aho bari n’umukuru w’abashibamyi b’urusengero, n’Abasadukayo, 2 bababajwe cane n’uko bigisha abantu, bababarira yuk’ ukuzuka kw’abapfuye kwabonetse kuri Yesu. 3 Babashōrerakw amaboko, babashira mw ibohero gushitsa mu gitondo, kuko bgari bugorovye. 4 Ariko benshi mu bumvise iryo jambo barizera, igitigiri c’abagabo gishika nk’ibihumbi bitanu. 5 Bukeye bg’aho, abashingantahe babo bo n’abakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bakoranira i Yerusalemu, 6 na Anasi umuherezi mukuru, na Kayafa na Yohana na Alekisandero, n’ab’ umuryango bose w’abaherezi bakuru. 7 Babashize hagati, barababaza, bati N’ubushobozi ki, canke n’izina ki, vyabateye gukora ivyo? 8 Nuko Petero, yuzuye Mpwemu Yera, arababarira, ati Yemwe bashingantahe b’abantu n’abakuru, 9 uyu musi ko ducunaguzwa ivyo twagiriye neza umuntu yanyogomba, kandi n’icamukijije, 10 ni mumenye mwese, n’ubgoko bgose bg’Abisirayeli, yukw ari mw izina rya Yesu Kristo, Umunyanazareti, uwo mwebge mwabamvye, Imana ikamuzura mu bapfuye, kw ari ho hatumye uyu muntu ahagarara imbere yanyu, akomeye. 11 Uwo ni we buye mwebge abubatsi mwātītūye, kandi ryahindutse irigumya imfuruka. 12 Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo, kukw ata rindi zina musi y’ijuru ryāhawe abantu dukwiye gukirizwamwo. Babura uko babahana bapfa kubarekura 13 Babonye ugushira amanga kwa Petero na Yohana, kandi babona ko batigishijwe, atar’ abanyabgenge, baratangara; maze bamenya ko bābana na Yesu; 14 kandi babonye uwo muntu yakijijwe ahagararanye na bo, babura ico bavuga. 15 Barabataramura, maze baja inama, 16 bati Mbeg’ aba bantu tubagire dute? Ko vyamenyekanye mu baba i Yerusalemu bose yuko bakoze ikimenyetso kibaye rurangiranwa, natwe ntidushobora kubihakana; 17 ariko vyoye kurushiriza kwamamara mu bantu, tubahahirize, ntibongere kugira umuntu n’umwe babarira mur’ iryo zina. 18 Babahamagaje, barabihanikiriza ngo ntibazirukanye ngo bavuge canke bigishe mw izina rya Yesu. 19 Petero na Yohana barabishura, bati Namb’ ari vyiza mu nyonga z’Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye: 20 kuko tweho tudashobora kureka kuvuga ivyo twabonye n’ivyo twumvise. 21 Na bo bongeye kubahahiriza, barabarekura, babuze uko bobahana kubg’ abantu, kuko bose bāhimbaza Imana ku vyābaye. 22 Kuk’ uwo muntu yar’ arengeje imyaka mirongwine avutse, uwakozwekw ico kimenyetso co kumukiza. Ishengero rivyumvise, risaba Imana kurīndūka 23 Nuko barekuwe basubira muri bagenzi babo, babīgānira ivyo abaherezi bakuru n’abakuru bababgiye vyose. 24 Na bo bavyumvise bavuga n’ijwi rirenga, babgira Imana n’umutima uhūye, bati Databuja, ni wewe waremye ijuru n’isi, n’ikiyaga n’ibirimwo vyose, 25 kandi wavugiye mu kanwa ka sogokuruza Dawidi, umusavyi wawe, ubivugisha Mpwemu Yera, ut’ Abanyamahanga n’iki kibateye umuvurungano, N’amoko yagīriye ingingo iki ivy’ ubusa? 26 Abami bo mw isi batonze urugamba, N’abakuru bakoraniye hamwe, Kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta. 27 Kandi vy’ukuri mur’ iki gisagara, Herode, bo na Pontiyo Pilato hamwe n’abanyamahanga n’imiryango ya Isirayeli, bākoraniye kurwanya Umushumba wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta, 28 ngo bashitse ivy’ ukuboko kwawe n’inama yawe vyari vyaragabiye vyose ko bizoba. 29 Kandi none, Mwami, rāba agahahirizo kabo, uhe abasavyi bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amanga rwose: 30 ukiramvuye ukuboko kwawe gukiza indwara, ibimenyetso n’ibitangaza bikorwe mw izina ry’Umushumba wawe yera Yesu. 31 Bahejeje gusenga, aho bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga. Ubumwe bg’Abakristo ba mbere 32 Kand’ abizeye b’akavuvu bari bahūje umutima n’inama, kandi nta n’umwe yakīmbūkira ikintu cose atunze ngo n’iciwe, ariko vyose bārabisangira. 33 Kand’ intumwa zāshingira intahe ukuzuka kw’Umwami Yesu ziri n’ubushobozi bginshi, kand’ ubuntu bg’Imana bginshi buba kuri bo bose. 34 Nta mukene yari muri bo, kukw abāri bafise amashamvu bose cank’ amazu bābigura, bakazana ibiguzi vy’ivyo baguze, 35 bakabishira imbere y’ibirenge vy’intumwa; maze bakabigabanganya abantu, umuntu wese ukw akennye. 36 Na Yosefu, uwo intumwa zise Barunaba, risobanurwa ng’Umwana wo guhanūra, Umulewi yavukiye i Kupuro, 37 yar’afise itongo ararigura, azana ibiguzi vyaryo, abishira imbere y’ibirenge vy’intumwa. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi