Ivyakozwe 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Petero na Yohana bakiza ikirema 1 Petero na Yohana bāriko baradūga baja mu rusengero mu gihe co gusenga, ni co saha cenda. 2 Hār’ umuntu yaremaye ibirenge uhereye kuva mu nda ya nyina, yama aterurwa, bakamushira kw irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza uko bukeye, kugira ngw asēge abinjira mu rusengero. 3 Uyo abonye Petero na Yohana bagira binjire mu rusengero, arabasēga ngo bamuhe. 4 Petero amuhanga amaso, bo na Yohana, aramubarira, ati N’uturābe. 5 Abashirak’ umutima agira ngo har’ ico bamuha. 6 Petero aramubarira, at’ Ifeza n’izahabu nta vyo mfise, arikw ico mfise ndakiguha: mw izina rya Yesu Kristo Umunyanazareti, va hasi utambuke. 7 Maz’ amufata ukuboko kw’i buryo, amukūra hasi: ako kanya ibirenge vyiwe n’ingingo zavyo bica birakomera, 8 arabaduka arahagarara, atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero, atambuka yitera hejuru, ahimbaza Imana: 9 abantu bose babona atambuka ahimbaza Imana, 10 bamenya kw ari we yahora yicara kw irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza asēgerereza; barumirwa cane, batangazwa n’ibimubayeko. Petero yigisha abakoraniye kurāba ibibaye 11 Agifashe Petero na Yohana, abantu bose birukira kuri bo, bakoranira kw ibaraza ryitwa irya Salomo, batangaye cane. 12 Petero abibonye, abaza abo bantu, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, n’iki gitumye mutangazwa n’ibi, muduhangiye amaso iki, nk’ah’ ubushobozi bgacu cank’ ukwubaha Imana kwacu ari vyo vyaduhaye kumugendesha? 13 Imana ya Aburahamu na Isaka na Yakobo, ari yo Mana ya ba sogokuruza, yashimagije Umushumba wayo Yesu, umwe mwebge mwatanze mukamwihakanira mu maso ya Pilato, amaze kwahukanya urubanza rwo kumurekura. 14 Ariko mweho mwihakana Uwera kand’ Umugororotsi, musaba ko babarekurira umwicanyi, 15 wa Mukuru w’ubugingo muramwica; arikw Imana muzura mu bapfuye, natwe tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo. 16 Kand’ uyu, uwo mubona kandi muzi, kuko yizeye izina ry’uwo, iryo zina ryamuhaye inkomezi: mber’ ukwizera ahawe na we ni kwo kumukirije rwose imbere yanyu mwese. 17 Kandi none, bene Data, ndazi yuko mwabikoze mutabizi, n’ababaganza na bo n’uko. 18 Arikw ivyo Imana yavugiye mu kanwa k’abāvugishwa na yo bose bitaribgabe, yuko Kristo wayo azobabazwa, ivyo yabishikije irtyo. 19 Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhēmbūka bibone ingene biza, bivuye mu nyonga z’Umwami Imana, 20 kugira ngo na yo iz’ itume Kristo yabatoranirijwe kera, ni we Yesu. 21 Arikw ijuru rikwiye kumwākīra, gushitsa ku bihe vyo gusubira guhindura ibintu vyose bisha, nk’ukw Imana yavuze mu kanwa k’abera bayo yavugisha bose, uhereye ubga mbere na mbere. 22 Mose koko yaravuze, at’ Uhoraho Imana azobahagurukiriza ūvugishwa na we mu b’i wanyu ameze nkanje; uwo muze mumwumvire mu vy’ azobabarira vyose. 23 Kand’ umuntu wese atazokwumvira uno avugishwa n’Imana, azorandurwa mu bantu. 24 Mber’ abāvugishwa n’Imana bose, uhereye kuri Samweli n’abāmukurikiye, abāvuze bose bāramenyekanishije ivy’ iyi misi. 25 Namwe mur’ abana b’abāvugishwa n’Imana, kandi mur’ ab’ isezerano Imana yasezeranye na ba sogokuruza banyu, ibarira Aburahamu, iti Mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw isi izohērwa umugisha. 26 Ni mwebge Imana yatanguye gutumak’ Umushumba wayo imaze kumuzura, kugira ngw abahe umugisha, abahindure, umuntu wese ave mu bibi vyiwe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi