Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Bakijana Paulo i Roma ubgato busābira mu kiyaga

1 Bamaze gushinga ngo tujabuke tuje muri Italiya, Paulo n’izindi mbohe babaha umugabisha w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, wo mu ngabo za Augusito.

2 Dutambukira mu bgato bgāvuye muri Aduramutiyo, bugira bugende bujabukiranya ahantu ho muri Asiya haherereye ku kiyaga, tuvudukayo turi kumwe na Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike.

3 Bukeye bg’aho dufata i Sidoni, Yuliyo agirira Paulo neza, amukundira kugendera abagenzi ngo bamuzimane.

4 Tuvudukayo, duca musi y’i Kupuro ngo tuhīkinge umuyaga, kuko war’ uduturutse imbere.

5 Tujabutse ikiyaga gihereranye n’i Kilikiya n’i Pamfiliya, dufata mu gisagara c’i Lukiya citwa Mura.

6 Uwo mugabisha w’abasoda ijana ahasanga ubgato buvuye muri Alekisanderiya buja muri Italiya, adushiramwo.

7 Tumaze imisi myinshi tugenda buhoro, dushika hafi y’i Kinido bitugoye cane, maz’ umuyaga utubujije duca musi y’i Kirete, imbere y’i Salumone, ngo tuhikinge umuyaga.

8 Tuhakikira bitugoye cane, dushika ahantu hitwa Vyambuvyiza, hafi y’igisagara citwa Laseya.

9 Hashize igihe kirekire, kandi kujabuka kubaye irinde, kukw igihe co kwisonzesha cari gishize, Paulo arabahanūra,

10 arababarira, ati Yemwe bagabo, mbonye yuk’ uru rugendo rugira rubemw’ ivyago n’ubuhombe bginshi, s’ivy’ ubgato n’ibirimwo gusa, ariko n’ivy’ amagara yacu na yo.

11 Ariko, umugabisha w’abasoda yumvira ūtumbereza ubgato na nyene bgo kurusha ivyo Paulo avuze.

12 Kandi kukw icambu atari ciza co kugumamwo kuhamara urushana, abenshi babagīra inama yo kuvayo, ngo bishobotse bashike i Foyinike, kuba ari ho bamara urushana, hār’ icambu c’i Kirete, cerekeye hagati y’i burārūko n’i burasirazuba, kandi hagati y’i burasirazuba n’i bumanuko.

13 Maz’ umuyaga uturutse i bumanuko uheheye buhoro, bibgiye ko baronse ico bāgomba, bazitura ubgato, bagenda bakikira hafi cane y’i Kirete.

14 Arikw igihe kitari kinini gishize, hatera umuyaga w’igihuhuta citwa Ewurakulo, uturutse kur’ ico kizinga.

15 Ubgato bumaze guhehwa, butagishobora gutumbera umuyaga, turabureka burakubebga.

16 Duca musi y’akazinga kitwa Kilawuda, tuhīkinga umuyaga, tubona uko tuboha akāto k’inyuma bitugoye cane;

17 bamaze kugaterura, bābīra ibitsibo vy’integakiba, babicisha musi y’ubgato, barabuboha: kandi kuko batinya gusukwa ku musenyi ushaya witwa Suriti, bamanura igihuzu kigendesha ubgato, bagenda bartyo bakubebga.

18 Tuzungagizwa cane n’igihuhuta, bukeye bg’aho bata imitwaro mu kiyaga.

19 Ku musi ugira gatatu batesha amaboko yabo ibikoreshwa mu bgato.

20 Kand’ izuba n’inyenyeri bimaze imisi myinshi bitaboneka, turi mu gihuhuta cinshi girtyo, twihebura rwose kw ata wuzokira.

21 Bamaze igihe kirekire batakirya, Paulo ahagarara hagati muri bo, arababarira, ati Yemwe bagabo, mwāri mukwiye kunyumvira, ntimuve i Kirete, ngo mugire ibi vyago n’ubuhombe.

22 Kandi none ndabaremesha, ni muhūmure, kuko muri mwebge hatazopfa n’umwe, atar’ ubgato.

23 Kuko mur’ iri joro umumarayika w’Imana, nd’ uwayo, kandi ni yo nkorera, yahagaze i ruhande yanje,

24 arambgira, ati Nta co utinya, Paulo; ukwiye guhagarara imbere ya Kayisari, kand’ ehe Imana ikwemereye n’abo mugendanye bose.

25 Nuko ni muhūmure, yemwe bagabo, kuko nizeye Imana, yuko bizoba nk’uko nabariwe.

26 Ariko har’ ikizinga dukwiye gusukwako.

27 Ijoro ry’icumi na kane rishitse, dukūbēbga irya n’ino mu kiyaga ca Adiriya; maze nko mu gicugu abagendesha ubgato bakēka ko har’ igihugu bēgereye.

28 Bagera uburebure bg’amazi yo hasi, babona ingero mirongwibiri; hashize umwanya muto bongera kugera, babona ingero cumi na zitanu.

29 Kandi kuko batinya gusukwa ahantu h’amabuye baterera mu mazi ivyuma bine vyo kuzirika ubgato babicishije mu mutwe w’inyuma; bifuza ko buca.

30 Maz’ abagendesha ubgato barondeye ingene bobuhungamwo, bururukiriza ka kāto mu kiyaga, biyenzereza nk’abagomba kuzirikisha ivyuma umutwe w’imbere.

31 Paulo abarira wa mugabisha w’abasoda ijana, hamwe n’abasoda na bo, at’ Aba ni bataguma mu bgato ntimushobora gukira.

32 Maz’ abasoda baca imigozi ifashe akāto, ngo bakareke gakoroke.

33 Bugira buce Paulo arabinginga bose ngo barye, ati Non’ uyu musi n’ūgira icumi na kane mukirorereye mutarya, ata co mutamira.

34 Nuko ndabinginze, ni murābe utwo murya: kukw ari vyo vyobakiza, kandi ntihazohara agashatsi na kamwe ko ku mitwe yanyu.

35 Amaze kuvuga ivyo, yābīra umutsima, ashimira Imana imbere yabo bose, arawumanyagura, atangura kurya.

36 Bose basubiza umutima mu nda, na bo bararya.

37 Kandi twese abāri mu bgato twar’ abantu amajana abiri na mirongwirindwi na batandatu.

38 Bamaze guhāga, baremurura ubgato, bata ingano mu kiyaga.

39 Ijoro rikeye, ntibāmenya ico gihugu, ariko babonye ikigobe kirimw’ umusenyi, baja inama yuko boshobora gushikanah’ ubgato.

40 Bazitura imigozi ifashe ivyuma biziritse ubgato, babirekera i bgina; bariko barabikora, batenzūra imigozi yar’ igumije ingafe zihindukiza ubgato, badūza igihuzu c’imbere kibugendesha ngo gihēhwe n’umuyaga, batumbereza ku musenyi.

41 Ariko bashitse mw ihūriro ry’amazi, basekura ubgato ku gataka, maz’ umutwe wabgo w’imbere winjiramwo, urahamangira, uw’ inyuma na wo utangura kumenagurwa n’inkomezi z’imipfunda.

42 Inama y’abasoda kwar’ uko bokwica imbohe, kugira ngo ntihagire uwo muri zo yokwoga agacika.

43 Ariko wa mugabisha w’abasoda, agomvye gukiza Paulo, ababuza iyo nama yabo, avuga yukw abazi kwoga bokwisuka mu mazi, kugira ngo babanze gushika ku nkombe:

44 abandi na bo, bamwe bagende ku mbaho, abandi ku bindi bivuye mu bgato. Nuko bagenza bartyo, bashika ku nkombe bose, barakira.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan