Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Paulo yiregura imbere ya Agiripa

1 Agiripa abarira Paulo, at’ Uremerewe kwiregura. Maze Paulo aramvura ukuboko, ariregura,

2 at’ Ivyo narezwe n’Abayuda vyose, mwami Agiripa, numva nnezerewe kw ari wewe ngira mvyiregureko uyu musi:

3 kandi cane‐cane kuk’ uzi imigenzo n’impāri vyo mu Bayuda vyose: ni co gitumye nkwinginga ngo wihangane, unyumvirize.

4 Ingeso zanje, uhereye mu buto bganje, izo nārukanye mu bgoko bgacu n’i Yerusalemu, Abayuda bose barazizi.

5 Kandi bokwemera kubishingira intahe, baranzi, uhereye mbere na mbere, yuko nar’ Umufarisayo wo mu muce urusha iyindi yo mw idini yacu gushimikira imigenzo.

6 None mpagaze ngo ncirwe urubanza, kuko nizigira kuzobona ivy’ Imana yasezeraniye ba sogokuruza:

7 ivyo imiryango yacu cumi n’ibiri yizigira kuzobona, ikorera Imana ishizek’ umwete mwinshi ku murango no mw ijoro. Kandi ni kubg’ ivyo vyizigiro ndezwe n’Abayuda, mugenzi!

8 N’iki gituma mugira ngo n’ikintu kitoruha cemerwa kw Imana izura abapfuye?

9 Nanje ubganje nahora niyumvira muri jewe yuko nkwiye gukora vyinshi birwanya izina rya Yesu Umunyanazareti.

10 Kand’ ivyo narabikora nyene nd’i Yerusalemu, ngashira abera benshi mu mabohero, mpawe ubushobozi n’abaherezi bakuru, kand’ aho bābica, nanje nishira mu bemera ko bicwa.

11 No mu masinagogi yose nābahana kenshi, nkagerageza cane kubatukisha Yesu; kandi kuko nasazwa cane mbazira, narabatuza no gushitsa mu bisagara vy’abanyamahanga.

12 Ngikora ivyo, nja i Damasiko mpawe ubushobozi ndungitswe n’abaherezi bakuru.

13 Nuko mugenzi, nkigenda mu mashōka, mbona umuco uvuye mw ijuru, urusha ukw izuba rica ibibatsi, unkayanganira irya n’ino, twe n’abo tugendanye.

14 Twese twikubise hasi, numva ijwi rimbgira mu rurimi rw’Igiheburayo, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki? Erega birakugoye gutera imigere ku mihunda.

15 Nanje ndabaza, nt’ Uri nde ga Mwami? Umwami aranyishura, ati Ndi Yesu, uwo urik’ urahīga.

16 Ariko va hasi, hagarara n’ibirenge vyawe: kukw igitumye nkwiyereka, ar’ukugira ngo ngutoranye nkugire umukozi wanje n’icabona co gushingira intahe ivy’ umbonanye, n’ivyo nzokwiyerekeramwo;

17 ndagukize abo mur’ ubu bgoko bo n’abanyamahanga, ni bo ngutumyeko,

18 kubahumūra amaso kugira ngo bahindukire bave mu mwiza baje mu muco, bave no mu bubasha bga Satani baje ku Mana, bateko baharirwe ivyaha vyabo, baraganwe n’abejejwe n’ukunyizera.

19 Nuko, mwami Agiripa, sinanka kwumvira ivyo neretswe vyavuye mw ijuru.

20 Ariko nabanje kubgira ab’i Damasiko hanyuma ab’i Yerusalemu, n’abo mu gihugu cose c’i Yudaya, n’abanyamahanga na bo, yuko bakwiye kwihana, no guhindukirira Imana, bakore ibikorwa bikwiranye n’ukwihana.

21 Ni co catumye Abayuda bamfatira mu rusengero, bakageza kunyica.

22 None nabonye gutabarwa kwavuye ku Mana, ndacahagaze kugeza n’ubu, nshingira intahe aboroshe n’abahambaye, nta kindi mvuga atar’ ivy’ abāvugishwa n’Imana na Mose bāvuze ko bizoba,

23 yuko Kristo atazobura kubabazwa, kandi kw ari we azobanza kuzuka mu bapfuye, no kubgira ubgoko bgacu n’abanyamahanga ubutumwa bg’umuco.


Fesito avuze kw asaze, Paulo ageza kwemeza Agiripa

24 Aciregura artyo, Fesito avuga n’ijwi rirenga, at’ Erega Paulo urasaze; ubgenge bgawe bginshi buragushajije.

25 Paulo aramwishura, ati Sinsaze, Fesito umwubahwa, ariko mvuga amajambo y’ukuri kand’ aroranye.

26 Umwami arazi ivyo neza, kandi ndamubarira nshize amanga; kuko nzi yukw ata na kimwe mur’ ivyo ahishijwe, kukw ivyo bitākorewe mu mfuruka.

27 Mwami Agiripa, uremeye ivy’ abāvugishwa n’Imana? Ndazi yuk’ uvyemeye.

28 Agiripa yishura Paulo, at’ Unkwegesha ivyo bike ng’ umpindure Umukristo?

29 Paulo, ati Ndasaba Imana ari bike ari vyinshi, yukw atoba wewe wenyene, ariko n’abanyumva uyu musi mwese, ko vyobahindura nkanje, ukūye iyi minyororo.

30 Umwami ahagurukana n’icēgēra ca Kayisari na Berenike, n’abāri bicaranye na we;

31 maze basohotse baravugana, bati Nta co uyu muntu yakoze gikwiye kumwicisha canke kumubohesha.

32 Agiripa abarira Fesito, at’ Uyu muntu aba arekuwe, iy’ ataba yar’ agomvye kuzokwitwara kuri Kayisari.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan