Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Abayuda baregera Paulo imbere ya Fesito

1 Nuko Fesito ashikiriye intāra amara gatatu, araheza ava i Kayisariya adūga i Yerusalemu.

2 Abaherezi bakuru n’abahambaye bo mu Bayuda bamuregako Paulo, baramwinginga,

3 bamusaba kubagirira neza kur’ uyo, ngw amutumeko, aze i Yerusalemu, na bo baze bamuryamire bamutsinde mu nzira.

4 Ariko Fesito abishura yuko Paulo arindirwa i Kayisariya, kand’ ubgiwe kw agiye kujayo vuba.

5 Arababgira, ati Nukw abakuru bo muri mwebge ni bamanuke tujane, maze namba kur’ uyo mugabo har’ ikidakwiye, bakimurege.

6 Amaze muri bo imisi itarenga umunani cank’ icumi, aramanuka aja i Kayisariya; bukeye bg’aho yicara ku ntebe y’imanza avuga ko bazana Paulo.

7 Na we ashitse, Abayuda bamanutse bavuye i Yerusalemu baramukikiza, bamurega ibirego vyinshi bikomeye, ivyo badashobora kuronkera icagiriza.

8 Paulo ariregura, ati Nta caha nakoze, ari ku vyagezwe vy’Abayuda, canke ku rusengero, canke kuri Kayisari.

9 Fesito agomvye kwikundiriza Abayuda, abaza Paulo, ati Wokwemera kudūga i Yerusalemu gucirirway’ urubanza rw’ivyo mu maso yanje?

10 Ariko Paulo aramwishura, ati Mpagaze aha imbere y’intebe y’imanza ishinzwe na Kayisari, ni ho nkwiye gucirwa urubanza. Nta kibi nagiriye Abayuda, kandi nawe urabizi neza.

11 Nuko namba naragabitanije, canke narakoze ibikwiye kunyicisha, sinanka gupfa: ariko namb’ ivyo aba bandega atari ko biri, nta muntu ashobora kubampa. Nzokwitwara kuri Kayisari.

12 Fesito amaze kuja inama n’abanyekombe, aramwishura, ati K’ugomvye kwitwara kuri Kayisari, imbere ya Kayisari ni ho uzoja.


Fesito abarira umwami Agiripa ivya Paulo

13 Hashize imisi, umwami Agiripa na Berenike bashika i Kayisariya, baja kuramutsa Fesito.

14 Bamazey’ imisi myinshi, Fesito ashira imbere y’umwami ivya Paulo, ati Harih’ umuntu Feliki yasize ar’ imbohe.

15 Aho nar’i Yerusalemu abaherezi bakuru n’abakuru b’Abayuda bambariye ivyiwe, basaba ko ndamucira urubanza.

16 Ndabishura, nti S’umugenzo w’Abaroma gutanga umuntu uw’ ari we wese, umuregwa atabanje kuba kumwe n’abāmureze imbonankubone, no kubona uburyo bgo kwiregura ibirego bāmureze.

17 Nuko bakoraniye hano, sinarinze guteba, ariko bukeye bg’aho nicara ku ntebe y’imanza, mpamagaza uwo muntu.

18 Abarezi bavuye hasi, ntibāmurega ikirego na kimwe co mu bibi nakēka;

19 ariko bāmurega ibihāri vyo mw idini yabo, n’ivy’ umuntu yitwa Yesu, yapfuye, uwo Paulo yavuga ashimitse kw ari muzima.

20 Nanje nzazaniwe ingene nobaza ivy’ ivyo, ndamubaza yukw agomba kuja i Yerusalemu, gucirirway’ urubanza rw’ivyo.

21 Ariko Paulo asavye kurindwa kugira ngw az’ acirwe urubanza na Augusito, mvuga kw arindwa gushitsa aho nzomurungikira Kayisari.

22 Agiripa yishura Fesito, ati Nanje nagomba kwumva uwo muntu. Na we at’ Ejo uzomwumva.


Fesito yīgānira abanyekombe ivya Paulo

23 Bukeye bg’aho, Agiripa na Berenike bazanana icubahiro cinshi, binjirana mw ikombe n’abakuru b’abagabisha b’abasoda n’abahambaye bo mur’ ico gisagara; maze Fesito avuga ko bazana Paulo.

24 Nuko Fesito aravuga, ati Mwami Agiripa, namwe mwese abo turi kumwe hano, murabona uyu, uwo ishengero ry’Abayuda bose bānsabira i Yerusalemu bo n’ino, basemerera ngo ntagikwiye kubaho.

25 Ariko nsanga ntiyakoze igikwiye kumwicisha, kand’ ubgiwe agomvye kwitwara kuri Augusito, ngabira kumumurungikira.

26 None mbuze ijambo rimenyekanisha ivyiwe ryo kwandikira umwami wanje, ni co gitumye ndamuzana imbere yanyu, kandi cane‐cane imbere yawe, mwami Agiripa, kugira ngo ni twamara kumusiguza, mbone ico kwandika.

27 Kuko ngira ngo n’ic’ ubgenge buke kurungika imbohe, sinerekane ibirego vyayo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan