Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Abayuda baregera Paulo imbere ya Feliki

1 Imisi itanu ishize, umuherezi mukuru Ananiya amanukana n’abakuru bamwe n’uwo kubavuganira yitwa Teritulo, barega Paulo ku cēgēra ca Kayisari.

2 Amaze guhamagazwa, Teritulo atangura kumurega, ati Ni kubgawe igituma tugazagaza mu mahoro menshi, n’ibindi vyaroranirijwe ubu bgoko kubg’ imigabo yawe:

3 nuko turavyemera uburyo bgose ahantu hose, Feliki umwubahwa, tugukengurukiye cane.

4 Reka noye guhava nkurambira, ndakwinginze zirikana tuvuge amajambo make, kubg’ ubugwaneza bgawe.

5 Twabonye uyu muntu ar’ ikīza, atera umugararizo Abayuda bose bari mu bihugu vyose; ni we remezo ry’igice c’Abanazareti.

6 Kandi yagejeje no guhumanya urusengero, turamufata, [twāri tugomvye kumucira urubanza nk’ukw ivyagezwe vyacu bivuga.

7 Arik’ umukuru w’abagabisha b’abasoda Lusiya araza, amudushikura mu maboko,

8 abarira abarezi biwe kuza imbere yawe.] Nawe ni wamwibariza ubgawe urashobora kumenya ivyo tumureze vyose.

9 Abayuda na bo bafatanya na we mur’ ico kirego, bavuga kw ivyo ari ko biri.

10 Icēgēra ca Kayisari kimaze kumukebura ngw avuge, Paulo aramwishura, ati Ndazi k’umaze imyaka myinshi ur’ umucamanza w’ubu bgoko, ni co gitumye niregura ivyanje ndemye;

11 kuk’ ushobora kumenya yukw imisi itarasāga icumi n’ibiri, uhereye aho nadūgiye i Yerusalemu gusengerayo.

12 Kandi ntibāsanze mpārīra n’umuntu n’umwe, canke nkoraniriza abantu kubakikiza, naho hoba mu rusengero canke mu masinagogi canke mu gisagara.

13 Kandi ku vyo bandeze ubu, ntibashobora kuronka ikinyagiriza imbere yawe.

14 Arikw iki ni co nkwemerera: n’uk’ ukw iyo Nzira iri, iyo abo bita igice, ari ko nkorera Imana ya ba sogokuruza bacu, nemera vyose bifatanije n’ivyagezwe kandi vyanditswe mu vy’abāvugishwa n’Imana;

15 mfise ivyizigiro ku Mana bimwe n’ivyo aba na bo biteze, yuko hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.

16 Ni co gituma na ntaryo nkobereza kugira umutima utanyagiriza ikibi ku Mana canke ku bantu.

17 Maz’ imyaka myinshi ishize, njanwayo no gushīra ubgoko bgacu ivy’ubuntu, no gutanga ibimazi.

18 Nkiri muri vyo bansanga mu rusengero nihumanuye, ata bantu nkoranije, ata n’uruhōgo ruriho. Ariko hār’ Abayuda bamwe bavuye muri Asiya,

19 ni bo bāri bakwiye kuza hano imbere yawe no kundega, iyaba bafise ico bangaya.

20 Canke na bano na bo ni bavuge icaha bambonyeko, aho nari mpagaze imbere y’abanyekombe,

21 shiti ryoba rya jambo rimwe navuze n’ijwi rirenga mpagaze muri bo, nt’ Ukuzuka kw’ abapfuye ni kwo kumpagaritse mur’ izi manza imbere yanyu uyu musi.

22 Ariko Feliki, kuko yar’ azi neza ivy’ Iyo Nzira ivy’ ari vyo, arabibīka, ati Lusiya umukuru w’abagabisha b’abasoda ni yaza, nzoca urubanza rw’amajambo yanyu.

23 Abarira umugabisha w’abasoda ijana kumurinda urw’ amaso, no kutabuza n’umwe mu bagenzi kumukorera.


Paulo avuga ubutumwa bgiza imbere ya Feliki

24 Imisi mike ishize, Feliki azanana n’umugore wiwe Durusila w’Umuyudakazi, ahamagaza Paulo, yumviriza ivyo avuga ku vy’ukwizera Kristo Yesu.

25 Akirikw aravuga ivy’ ukugororoka n’ivy’ ukwirinda n’ivy’ amateka azocibga, Feliki aranduka umutima, aramubarira, at’ Ubu ni wīgīre, ni naronka uburyo bgiza nzogutumako.

26 Kandi yanaziga ko Paulo yomuhēra amahera; ico ni co camutera kwama amuhamagaza ngo bayāge.

27 Imyaka ibiri ishize, Porukiyo Fesito akūra Feliki. Maze Feliki agomvye kwikundisha Abayuda asiga Paulo akiboshwe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan