Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Paulo yiregurira imbere y’abanyekombe

1 Paulo ahanga amaso abanyekombe, arababgira, ati Bagabo bene Data, nāmanye umutima utarimw’ ijwi rinyagiriza ikibi na kimwe imbere y’Imana gushitsa kur’ uyu musi.

2 Ananiya umuherezi mukuru abarira abamuhagaze i ruhande kumukubita ku munwa.

3 Maze Paulo aramubgira, at’ Imana izogukubita, wa rusika rukuyengejekw ingwa: mbega wewe ko wicaritswe no kuncira urubanza nk’ukw ivyagezwe biri, ugatako ukavuga ko bankubita ukanyuranya n’ivyagezwe?

4 Abāri bahagazeho, bati Mbeg’ uratuka umuherezi mukuru w’Imana?

5 Paulo, ati Sinari ndamuzi, bene Data, kw ar’ umuherezi mukuru; kuko handitswe ngo Ntukavuge nabi umukuru wo mu bgoko bganyu.

6 Maze Paulo amenye yuk’ umuce umwe ar’uw’ Abasadukayo, uwundi ar’uw’ Abafarisayo, ashira ijwi hejuru mu banyekombe, ati Bagabo bene Data, nd’ Umufarisayo, nd’ umwana w’Abafarisayo: ivy’ ivyizigiro vy’ibizoba n’ukuzuka kw’abapfuye ni vyo bimpagaritse mur’ izi manza.

7 Avuze artyo, havyuka ibihāri mu Bafarisayo n’Abasadukayo, abanyarukinja birema ibice.

8 Kukw Abasadukayo bāhakana yukw ata kuzuka kuriho, cank’ umumarayika n’impwemu; arikw Abafarisayo bāvyemera vyompi.

9 Habah’ urwamo rwinshi; bamwe mu banyabgenge b’ivyanditswe bo mu muce w’Abafarisayo bava hasi barahārīra, bati Nta kibi twabonye kur’ uyu muntu. Kumbure impwemu cank’ umumarayika yoba yavuganye na we.

10 Habah’ ibihāri vyinshi, umukuru w’abagabisha b’abasoda atinye ko bogabangana Paulo, abarira ingabo ngo zimanuke zimubashikure, zimujane mw iboma.

11 Ijoro ry’uwo musi, Umwami Yesu amuhagarara hejuru, ati Hūmura; nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni k’ukwiye kuzonshingira intahe i Roma.


Abayuda bahigira kwica Paulo

12 Iryo joro rikeye, Abayuda barakorana, barahira bīsiba yuko batazorya ntibanywe batarica Paulo.

13 Abāhize bartyo bāsāga mirongwine.

14 Baja ku baherezi bakuru n’abakuru, bati Twarahiye twisivye bikomeye yukw ata co tuzotamira tutarica Paulo.

15 Nuko rero mwebge n’abanyekombe, ni mubgire umukuru w’abagabisha b’abasoda amubamanukanire, nk’abarondera kurushiriza gutahura ivyiwe neza. Natwe, atarabashikīra, twiteguye kumwica.

16 Mwishwa wa Paulo yumva uwo mutego, araza ashika mw iboma, abibarira Paulo.

17 Paulo ahamagara umwe mu bagabisha b’abasoda ijana, ati Jana uyu muhungu ku mukuru w’abagabisha b’abasoda; afise ijambo amubarira.

18 Na we aramujana amushīra uwo mukuru w’abagabisha, ati Ya mbohe Paulo yampamagaye aranyinginga, ngo nkuzanire uyu muhungu, afise ic’ akubarira.

19 Uwo mukuru amufata ukuboko, aramwikebanya aramubaza biherereye, at’ Ic’ ufise kumbarira n’iki?

20 Aramwishura, at’ Abayuda bahūje inama yo kukwinginga ngw ejo uz’ umanukane Paulo mw ikombe, nk’ūgomba kubaza ivyiwe ng’ urushirize kubimenya neza.

21 None rero ntuje kubumvira, kukw abantu babo basāga mirongwine bamuryamiye, barahiye bīsivye ko batazorya ntibanywe bataramwica; kandi none bariteguye, barorereye ic’ uribubemerere.

22 Uwo mukuru arungika uwo muhungu, amaze kumwihanikiriza, ati Ntugire umuntu ubarira yuk’ ummenyesheje ivyo.


Banyuruza Paulo bamujana i Kayisariya

23 Ahamagara babiri bo mu bagabisha b’abasoda ijana, arababarira, ati Ni mwitegure abasoda amajana abiri bo kuja i Kayisariya, n’abagendera ku mafarasi mirongwirindwi, n’ab’ amacumu amajana abiri, bahenge mw ijoro isaha zitatu bagende.

24 Kandi bazane n’amafarasi kugira ngo bayashireko Paulo, bamushikane kwa Feliki icēgēra ca Kayisari akiri muzima.

25 Yandika icete nka ben’ iki:

26 ati Jewe Kilawudiyo Lusiya ndakuganūtsa wewe Feliki umwubahwa, icēgēra ca Kayisari.

27 Non’ uyo mugabo Abayuda bāri bamaze kumuta mu maboko bagira bamwice, nanje mmenye kw ar’ Umuroma nzanana n’ingabo ndamubakiza.

28 Kandi nshatse kumenya ico bamurega, ndamumanukana mw ikombe ryabo.

29 Mbona yuko bamurega amajambo y’ivyagezwe vyabo, ariko kw ata co yarezwe gikwiye kumwicisha canke kumubohesha.

30 Maze mbariwe yuko bahigiye uwo mugabo, nca ndamukurungikira, mbarira abarezi ko bamuregera imbere yawe. Ndakwikebanuye.

31 Nukw abasoda bābīra Paulo uko babariwe, bahenga mw ijoro bamujana muri Antipatiri.

32 Bumaze guca basigay’ abagendera ku mafarasi, ngw abe ari bo bajana na we, na bo basubira iyo bavuye kw iboma.

33 Abo bashitse i Kayisariya bashīra icēgēra ca Kayisari ca cete, bamushikiriza na Paulo.

34 Amaze kugisoma abaza intāra y’i wabo iy’ ari yo; amenye kw ar’uw’ i Kilikiya,

35 aravuga, ati Nzokwumva ivyawe abarezi bawe ni bamara kuza. Agera ko bamurindira mw iboma ya Herode.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan