Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Abigishwa batesha Paulo kuja i Yerusalemu, ntiyemera

1 Tumaze gutandukana na bo, no gutambukira mu bgato, turaramiriza tuja i Kosi: bukeye bg’aho dufata i Rodo, tuvayo dufata i Patara.

2 Dusanze ubgato bugira bujabuke buja i Foyinike, tubutambukiramwo turagenda.

3 Tubonye i Kupuro tuhasiga i bumoso, tuja i Siriya, dufata muri Tiro: kukw ari ho bari bagabiye gukūrira ibintu mu bgato.

4 Tuhasanze abigishwa, dusībiray’ imisi ndwi: na bo bavugishijwe na Mpwemu babarira Paulo ngo yoye kuja i Yerusalemu.

5 Turangije iyo misi, tuvayo turagenda, bose baduherekezanya n’abagore n’abana, baturenza igisagara, dupfukama ku musenyi, turasenga.

6 Tumaze gusezerana dutambukira mu bgato, na bo basubira i wabo.

7 Natwe turangije urugendo rwo kuva muri Tiro, dufata i Putolemayi, turamutsa bene Data, tumarana na bo umusi umwe.

8 Bukeye bg’aho tuvayo, dushika i Kayisariya, twinjira mu nzu ya Filipo umuvuzi w’ubutumwa bgiza, n’umwe muri ba bandi ndwi, twaka indāro i we.

9 Uwo yar’ afise abakobga bane b’inkumi, bāvugishwa n’Imana.

10 Tugitevyey’ imisi myinshi, haza ūvugishwa n’Imana yitwa Agabo, yar’ amanutse avuye i Yudaya.

11 Aza aho turi, yābīra umukanda wa Paulo, awibohesha amaguru n’amaboko, aravuga, at’ Uku ni ko Mpwemu Yera agize: Nyen’ uyu mukanda, uku ni kw Abayuda bazomubohera i Yerusalemu, bazomushira mu maboko y’abanyamahanga.

12 Maze twumvise ivyo, twebge n’abantu baho turamwinginga ngo ntadūge i Yerusalemu.

13 Maze Paulo aratubaza, ati Mukora ibiki, kurira mundandura umutima? Siniteguye kuboherwa gusa i Yerusalemu, ariko no gupfirayo, kubg’ izina ry’Umwami Yesu.

14 Yanse kubicungūrako, turīhorera, tut’ Ivyo Umwami agomba ni bibeho!


Paulo ashitse i Yerusalemu yerekana kw adakēngēra ivyagezwe

15 Hanyuma y’iyo misi dutekera ibintu vyacu, turadūga tuja i Yerusalemu.

16 Bamwe mu bigishwa bavuye i Kayisariya turajana, bazana Umunyakupuro yitwa Munasona, yar’ umwigishwa wa kera, tuba ari we dusemberako.

17 Dushitse i Yerusalemu bene Data batwākīrana umunezero.

18 Bukeye bg’aho Paulo yinjirana natwe kwa Yakobo, abakuru bose ni ho bāri bari.

19 Amaze kubaramutsa, ababarira ivy’ Imana yakoze mu banyamahanga imukoresheje, abidonze kimwe‐kimwe.

20 Na bo bavyumvise bahimbaza Imana; maze baramubgira, bat’ Urabona, mwene Data, ingen’ Abayuda bizeye ar’ ibihumbi vyinshi; kandi bose bagira ishaka ry’ivyagezwe.

21 Kandi bābariwe ivyawe, yuko wigisha Abayuda bose bari mu banyamahanga guheba ivya Mose, ukavuga ngo ntibakwiye gukeba abana babo canke kugendera mu migenzo yacu.

22 Non’ icobimara n’iki? Ntibazobura kwumva ko waje.

23 Nuko genza urtya, uko tukubgira. Dufise abagabo bane bari n’ico bāsezeranye.

24 Ubajane, wihumanurane na bo, ubatērēre, ngo babone kwimosha. Maze bose bazomenya yukw ivyo bāguteranije kuri bo ata kuri kurimwo, kandi ko nawe ubgawe ugenda witonze, witondera n’ivyagezwe.

25 Yamar’ ivy’ abizeye bo mu banyamahanga, twanditse dushinze ko birinda kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, bo n’amaraso, bo n’ibinizwe, birinde no gusambana.

26 Nuko Paulo ajana abo bagabo, bukeye bg’aho yihumanurana na bo, yinjirana na bo mu rusengero, avuga igihe imisi yo guhumanurwa izoshirira, agenza artyo gushitsa ah’ ikimazi c’umuntu wese muri bo catangiwe.


Abasoda b’Abaroma bakiza Paulo Abayuda

27 Nukw iyo misi ndwi igira ishire, Abayuda bāvuye muri Asiya bamubonye mu rusengero, bavurunga ishengero ryose, bamushōrerakw amaboko,

28 baratabaza, bati Bagabo b’Abisirayeli, mudutabare! Nguyu wa muntu yigisha hose abantu bose, akēngereza ubu bgoko n’ivyagezwe n’aha hantu: ikigeretseko yazanye n’Abagiriki mu rusengero, yahumanije aha hantu hēra.

29 Kuko bāri babonye Tirofimo w’Umunyefeso ari kumwe na we mu gisagara, bagira ngo Paulo yamujanye mu rusengero.

30 Igisagara cose kiravurungana, abantu barashwabaduka: basūmira Paulo, baramukwega bamukūra mu rusengero; ako kanya bugara inzugi.

31 Bakirondera ingene bamwica, inkuru ishika ku mukuru w’abagabisha b’abasoda yukw abo muri Yerusalemu bose bavurunganye.

32 Aca ajana abasoda n’abagabisha babo, abamanukira yiruka. Na bo babonye uwo mukuru w’abagabisha n’abasoda, basigaho gukubita Paulo.

33 Maz’ uwo mukuru w’abagabisha arabashikīra, aramufata, avuga ko bamufatisha iminyororo ibiri, abaza uw’ ari we, n’ic’ akoze ic’ ari co.

34 Abo mw ishengero barayogora, bamwe ukwabo abandi ukwabo: abujijwe n’uruyogoyogo kumenya ukuri, avuga ko bamujana mw iboma.

35 Ashitse ku ngazi y’amabuye abasoda baramuterura kubg’ ubusugurirwe bg’abantu,

36 kukw ishengero ry’abantu ryābaja inyuma, basemerera, bati Kūrah’ uyo.

37 Bagira bamushikane mw iboma, Paulo abaza uwo mukuru w’abagabisha, ati Wonkundira ijambo nkubarira? Na we aramubaza, at’ Urazi Ikigiriki?

38 Si wewe wa Munyegiputa yateye umugararizo mu gihe gishize, akajana mu bugaragwa abantu b’abicanyi ibihumbi bine?

39 Paulo aramwishura, ati Nd’ Umuyuda, umuntu w’i Taruso, igisagara c’i Kilikiya kitayoberanye: none ndakwinginze unkundire ico mbarira abantu.

40 Amukundiye, Paulo ahagarara ku ngazi y’amabuye, amama abantu: hamaze kuba agacerere rwose, ababarira mu Giheburayo,

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan