Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Paulo aja i Bugiriki n’i Tirowa

1 Umugūmūko umaze gushira, Paulo atumakw abigishwa, arabahanūra, arabasezera, avayo ngw aje i Makedoniya.

2 Amaze guca mur’ ivyo bihugu, abahanūra mu majambo menshi, aja i Bugiriki.

3 Amaray’ amezi atatu; maz’ Abayuda bamugīriye inama yo kumutega agira atambukire mu bgato aja i Siriya, agabira gusubira inyuma aciye i Makedoniya.

4 Abājana na we bashikana no muri Asiya ni Sopatero mwene Puro w’i Beroya, n’ab’i Tesalonike ni Arisitariko na Sekondo, bo na Gayo w’i Derube, na Timoteyo, n’abo muri Asiya ni Tukiko na Tirofimo.

5 Abo bāri bitangiye imbere, baturorērera i Tirowa.

6 Natwe tuvuduka i Filipi turi mu bgato hanyuma y’imisi y’imitsima itambiwe, tubasanga i Tirowa ku musi ugira gatanu, tumaray’ imisi ndwi.


Paulo azura Eyutuko

7 Ku wa mbere w’imisi ndwi, dukoranira kumanyagura imitsima, Paulo ayāga na bo, agira ngo buce agenda, atevya mu majambo ashitsa mu gicugu.

8 Maze hār’ amatara menshi mu cumba co mu nzu yo hejuru aho twari dukoraniye.

9 Kandi mw idirisha hari hicaye umusore yitwa Eyutuko, aremērwa n’itiro ryinshi; maze Paulo arushirije gutevya mu majambo, itiro riramuremēra, arakoroka avuye mu nzu yo hejuru ya gatatu, bamuyora ahwereye.

10 Paulo arururuka, amwubama hejuru, aramugumbira, ati Mureke gukoma induru, kuk’ ubugingo bgiwe bukiri muri we.

11 Asubira kwūrira, amanyagura umutsima, ararya, ayāga na bo igihe kirekire, ashitsa no mu macaca, maz’ aragenda.

12 Bazana uwo muhungu ari muzima, imitima yabo iraruhuka.

13 Ariko tweho tumwitangira imbere dutambukira mu bgato, turajabuka dufata muri Aso, aho twari tugabiye guhitana Paulo: kuko yari yabishinze artyo, kugira ngo we ace i musozi.

14 Adusanze muri Aso turamujana, turajabuka dufata i Mitulene.

15 Tuvuyeyo, bukeye bg’aho dushika imbere y’i Kiyo, ku musi ugira gatatu dufata i Samo, bukeye dufata i Mileto.

16 Kuko Paulo yari yagabiye guca i ruhande ya Efeso, kugira ngo ntatebe muri Asiya: kuko yihuta, ngo ni vyashoboka umusi wa Pentekote uz’ ushike ar’i Yerusalemu.


Paulo asezera abakuru bo muri Efeso

17 Ar’i Mileto atuma muri Efeso, atumakw abakuru b’ishengero.

18 Na bo bashitse ah’ ari, arababgira, at’ Ubganyu murazi ingene nabana namwe na ntaryo, uhereye umusi natanguriye gushika muri Asiya,

19 nkorera Umwami wacu n’umutima wicishije bugufi, kandi ndira, nterwa n’ibingerageza kubg’ inama z’Abayuda.

20 Kandi murazi yukw ata jambo ribereye nacishije i ruhande kubabgira canke kubigishiriza imbere y’abantu mu nzu no mu yindi.

21 Nashinze intahe mu Bayuda no mu Bagiriki y’ukwihana mu nyonga z’Imana, n’ukwizera Umwami wacu Yesu Kristo.

22 None rāba, ngiye i Yerusalemu mboshwe mu mutima, ntazi ibizombako nshitseyo;

23 atar’ uko Mpwemu Yera anshingira intahe mu gisagara cose yukw ingoyi n’ivyago bintegeyeyo.

24 Ariko simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ ar’ubg’ igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.

25 Kandi none rāba, ndazi yuko mutazosubira kubona mu maso hanje, abo naciyemwo mwese mbabgira ivy’ ubgami bg’Imana.

26 Ni co gituma mbashingira intahe uyu musi ncuna, yukw amaraso ya bose atazonkora,

27 kuko ntacishije i ruhande mbabgira ivy’ Imana yagabiye vyose.

28 Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose Mpwemu Yera yabashizemwo, ngo mube abo kubuzēzwa, kugira ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso yayo.

29 Ndazi yuko ni namara kuhava, amabingira y’inkazi azobinjiramwo atababaye umukuku.

30 Kandi no muri mwebge ubganyu hazokwadukamw’ abantu bavuga ibigoramye kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo.

31 Nuko mwame mugavye, mwibuke yuko namaze imyaka itatu ntasība guhanūra umuntu wese ndira, ku murango no mw ijoro.

32 Kandi none mbaragije Imana n’ijambo ry’ubuntu bgayo, rishobora kububaka no kubahēra ibiragwa hamwe n’abejejwe bose.

33 Nta co nifuje, ar’ ifeza ar’ izahabu ar’ ivyambarwa vy’umuntu n’umwe.

34 Ubganyu murazi kw aya maboko yanje yankenurana ivyo nkennye n’abo turi kumwe.

35 Nabahaye akarorero muri vyose, yuko mu butame nk’ubgo, ari ko mukwiye gufasha abadakomeye, no kwibuka amajambo y’Umwami Yesu, ingen’ ubgiwe yavuze, ati Gutanga kuzana umugisha, kuruta guhabga.

36 Amaze kuvuga artyo, arapfukama, asengera hamwe na bo bose.

37 Bose bararira cane, bagwa Paulo mw izosi, baramugumbira:

38 cane‐cane bababajwe n’ijambo yababgiye ngo ntibazosubira kumubona mu maso. Maze baramuherekeza, bamugeza ku bgato.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan