Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ukuza kwa Mpwemu Yera

1 Umusi wa Pentekote ushitse, bose bāri bakoraniye ahantu hamwe;

2 haza igihinda kivuye mw ijuru giturumbuka, nk’uguhuhuta kw’umuyaga w’inkomezi, gikwira hose mu nzu bicayemwo.

3 Hababonekera ibirimi vyigabanije, nk’ivy’ umuriro; bibajak’ umwe‐umwe.

4 Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga.

5 I Yerusalemu hār’ Abayuda bamyeho, abagabo bubaha Imana, bāri bāravuye mu mahanga yose yo musi y’ijuru.

6 Ico gihinda cumvikanye, hakorana abantu benshi, barajorerwa, kuk’ umuntu wese yumvise ururimi rw’i wabo baruvuga.

7 Barumirwa bose, baratangara, bati Mbeg’ aba bose bavuga s’Abanyagalilaya?

8 Kandi n’iki gitumye twese tubumva bavuga indimi z’i wacu izo twavukanye?

9 Tur’ Abapariti, n’Abamedi, n’Abelamiti, n’abamye i Mesopotamiya, n’i Yudaya, n’i Kapadokiya, n’i Ponto, no muri Asiya,

10 n’i Furugiya, n’i Pamfiliya, no muri Egiputa, no mu bihugu vy’i Libuwa bihereranye n’i Kureni, n’ab’ i Roma bāgerereye ino, Abayuda, bo n’abātoye idini yabo,

11 Abakirete, n’Abarabo, tukabumva bavuga mu ndimi zacu ibitangaza vy’Imana.

12 Bose barumirwa barazazanirwa, barabazanya, bat’ Ibi n’ibiki?

13 Arikw abandi barabanegura, bati Baborewe igisāma.


Petero abasobanurira ivyabaye, abemeza Yesu

14 Ariko Petero ahagararana na bamwe cumi n’umwe, ababariza ijwi rirenga, ati Yemwe Bayuda n’ababa i Yerusalemu mwese, ibi ni mubimenye, kandi ni mwumvirize amajambo yanje.

15 Aba ntibaborewe nk’uko mwiyumvira, kuk’ ubu ar’ isaha zitatu z’umusi,

16 arikw ivyo n’ivyavuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yoweli,

17 ati Bizoba mu misi y’iherezo, ni kw Imana yagize, Nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose: Kand’ abahungu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, N’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe, N’abatāma banyu bazorota inzozi.

18 Mbere n’abagurano banje b’abahungu n’abakobga mur’ iyo misi Nzobasukako Mpwemu wanje, bavugishwe nanje.

19 Nzoshira utwumiza hejuru mw ijuru, N’ibimenyetso hasi kw isi, Amaraso n’umuriro no gupfūndūka kw’umwotsi.

20 Izuba rizocura umwiza, N’ukwezi guhinduke amaraso, Hataraza uwo musi mukuru rurangiranwa w’Uhoraho:

21 Kand’ umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.

22 Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwumve aya majambo: Yesu Umunyanazareti, umuntu Imana yashimagirishije kuri mwebge ibitangaza n’utwumiza n’ibimenyetso, ivyo Imana yamukoresheje hagati yanyu, nk’uko mubizi ubganyu;

23 uwo muntu amaze gutangwa nk’ukw Imana yabigabiye yikomvomvoye, ibimenye bitaribgabe, mumubambisha amaboko y’abagarariji, muramwica.

24 Arikw Imana yaramuzuye, ibohōye ibise vy’urupfu, kuko bitāshobotse ko rumugumya.

25 Kuko Dawidi yavuze ivy’ uwo, ati Nabonye Uhoraho imbere yanje imisi yose, Kukw ar’ i buryo bganje, ngo sinnyiganyige.

26 Ni co gituma umutima wanje uhimbarwa, ururimi rwanje rukanezerwa, Kandi n’umubiri wanje uzoba nko mu gikāri, wizigiye ibizoba.

27 Kuk’ utazoreka ubugingo bganje ngo buje i kuzimu, Kandi ntuzotanga Uwera wawe ngw az’ abore.

28 Wammenyesheje inzira z’ubugingo, Mu nyonga hawe uzohanyuzurisha akanyamuneza.

29 Bagabo bene Data, s’ikingora kubabarira mvyeruye ivya sogokuruza mukuru Dawidi, yuko yapfuye, agahambga, n’imva yiwe iri ngaha ino muri twebge na bugingo n’ubu.

30 Nuko, kuko yar’ uwavugishwa n’Imana, akamenya kw Imana yamurahiye indahiro, kw izoshira ku ngoma yiwe uwamutse mu bura bgiwe,

31 yavuze ivy’ ukuzuka kwa Kristo abibonye bitaribgabe, yukw atārekewe mu kuzimu, kandi n’umubiri wiwe ata ho wigeze ubora.

32 Uwo Yesu Imana yaramuzuye, natwe twese tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.

33 Nukw amaze gushirwa hejuru n’ukuboko kw’i buryo kw’Imana, kand’ ashikirijwe na Se isezerano, ari ryo Mpwemu Yera, non’ asutse ico muriko murabona kandi mwumva.

34 Kandi Dawidi ntiyadūze mw ijuru, arik’ ubgiwe yaravuze, at’ Uhoraho yabariye Umwami wanje, At’ Icara i buryo bganje,

35 Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava yo musi y’ibirenge vyawe.

36 Nukw abo mu muryango wa Isirayeli bose, ni bamenye badakekeranya yukw Imana yamugize Umwami na Kristo, Yesu umwe mwābamba.


Benshi bahindukirira Imana

37 Bumvise ivyo, bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa, bati Bagabo bene Data, mbega tugire dute?

38 Petero arabishura, ati Ni mwihane, umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabga ingabire, ari yo Mpwemu Yera.

39 Kukw isezerano ar’ iryanyu kand’ ar’ iry’ abana banyu, n’abari kure bose, abazohamagarwa bose n’Umwami Imana yacu.

40 Kand’ ashingisha intahe ayandi majambo menshi, arabahanūra, ati Ni mwikize ab’ iki gihe kigoramye.

41 Nukw abemeye amajambo yiwe barabatizwa: abongewe kur’ uwo musi ku bāri basanzweho bāri nk’ibihumbi bitatu.

42 Bashishikara cane mu vyo intumwa zigisha, no kugira ubumwe, no kumanyagura umutsima no gusenga.


Ingen’ Abakristo ba mbere bāsangira ivyabo

43 Umuntu wese aterwa n’ubgoba: kand’ utwumiza n’ibimenyetso vyinshi vyakorwa n’intumwa.

44 Abizeye bose bāba hamwe, basangira ivyabo vyose:

45 amatongo yabo n’ibintu vyabo bārabigura, bakabibagabanganya bose, nk’uk’ umuntu wese akennye.

46 Kand’ imisi yose bāshishikara kuja mu rusengero n’umutima uhūye, kand’ i wabo bāmanyagura umutsima, bakarya banezerewe n’imitima itagira akarohe,

47 bahimbaza Imana, kandi na bo bāshimwa n’abantu bose. Umwami Imana akabongera imisi yose abama barakizwa.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan