Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Abayuda birukana Paulo i Tesalonike

1 Bamaze guca muri Amfipoli no muri Apoloniya, bashika i Tesalonike, hārih’ isinagogi y’Abayuda.

2 Nuko Paulo, nk’uko yamenyereye, yinjira muri bo, amara amasabato atatu avugana na bo ivyo mu vyanditswe,

3 abibasobanurira, amenyekanisha yuko Kristo yar’ uwo kubabazwa, no kuzuka mu bāpfuye: kand’ ati Yesu, uwo mbabgira, ni we Kristo.

4 Bamwe muri bo birabemeza, bīfatanya na Paulo na Sila, n’ishengero ryinshi ryo mu Bagiriki bubaha Imana n’uko, no mu bagore b’icubahiro batari bake.

5 Arikw Abayuda bagize ishari, bajana abagabo b’imburakimazi bo mu bigaramangira, bakoranya abantu benshi, bavyura imigūmūko mu gisagara, batera inzu ya Yasona, bashaka gukūramwo Paulo na Sila, ngo babashikirize abantu.

6 Bababuze, bakwegera Yasona na bene Data bamwe imbere y’abaganza igisagara, barasemerera, bat’ Abāteye isi yose umugūmūko bashitse n’ino,

7 kandi Yasona yabashembereje: abo bose barenze ivyagezwe vya Kayisari, bavuga yuko harih’ uwundi mwami, ngo ni Yesu.

8 Bahagarika imitima y’ishengero rihakoraniye n’iy’ abaganza igisagara, bumvise ivyo,

9 nuko bāka Yasona n’abandi ingwati, barabarekura.


Basubira kwirukana Paulo i Beroya

10 Nuko bene Data baca banyuruza Paulo na Sila mw ijoro baja i Beroya; maze bashitseyo binjira mw isinagogi y’Abayuda.

11 Arikw abo bo bār’ imico myiza kuruta ab’i Tesalonike, kuko bākiriye ijambo ry’Imana n’umutima ukunze, basesa mu vyanditswe uko bukeye, ngo bamenye yukw ivyo ar’ivy’ ukuri.

12 Nuko benshi muri bo barizera, n’abagore b’icubahiro b’Abagirikikazi n’abagabo batari bake.

13 Arikw Abayuda b’i Tesalonike bamenye yukw ijambo ry’Imana rivugwa na Paulo i Beroya kandi, bajayo na ho, bavyura imivurungano mu bantu, babahagarika imitima.

14 Uwo mwanya bene Data banyuruza Paulo ngw ahave, aje ku kiyaga; ariko Sila na Timoteyo basigarayo.

15 Kand’ abaherekeje Paulo bamugeza muri Atenayi; maze babariwe kubgira Sila na Timoteyo ngo bamusangeyo n’ingoga, basubira inyuma.


Paulo yigisha muri Atenayi

16 Ariko Paulo akibarindīriye muri Atenayi, umutima wiwe utunturira muri we abonye ingen’ ico gisagara cuzuye ibigirwamana.

17 Nukw ahārīrira n’Abayuda n’abubaha Imana mw isinagogi, no mu kaguriro imisi yose ahārīra n’abāmusangaho.

18 Maze bamwe mu banyabgenge bitwa Abepikureyo, n’abandi bitwa Abasitoyiko bahūra na we. Bamwe muri bo barabazanya, bati Mbeg’ uyu adedemba agomba kuvuga ibiki? Abandi bat’ Umenga n’ūzanye imana z’ivyaduka: kuko yavuga ubutumwa bgiza bga Yesu n’ubg’ ukuzuka.

19 Baramufata bamujana ahitwa Areyopago, baramubaza, bati Mbeg’ ubona twoshobora kumenya ukwo kwigisha gusha uvuga ukw ari kwo?

20 Kuk’ utuzanye mu matwi ibintu vy’ivyaduka: none rero turagomba kumenya ivy’ ari vyo.

21 Kukw Abanyatenayi bose n’ab’ akavantara bāriho, batāgira ikindi bakora, atar’ ukwumva canke kudonda amakuru mashāsha.

22 Paulo ahagarara hagati muri Areyopago, aravuga, ati Bagabo bo muri Atenayi, mbonye muri vyose ko mukabije kwubaha imana zanyu.

23 Kukw aho nagendagenda nitegereza ivyo musenga, nasanze hari n’igicaniro canditsweko, ngw IC’ IMANA ITAZWI. Nukw iyo musenga mutayizi, ni yo mbabarira.

24 Imana Rurema, yaremye isi n’ibirimwo vyose, iyo, kukw ari yo Mwami w’ijuru n’isi, ntiba mu nsengero zubatswe n’amaboko,

25 kandi ntikorerwa n’amaboko y’abantu, nk’ūri n’ic’ akennye: kukw ari yo yahaye bose ubugingo, no guhumeka, n’ibindi vyose.

26 Kandi yaremye amahanga yose y’abantu, ibakūye mu muntu umwe, ngo basagaze mw isi yose, yashinze ibihe vy’imyaka ko bikūranwa uko yageze, icira abantu imbibe z’aho baba,

27 kugira ngo barondere Imana, ngo namba kumbure bakabakavye boyibona, nah’ itari kure y’umuntu n’umwe muri twebge.

28 Kuko muri yo ari ho tubeshejweho, tugenda, turi n’ubugingo; nk’uko na bamwe bo mu bigeneye indirimbo banyu bāvuze, bati Kuko natwe, tur’ uruvyaro rwayo.

29 Nuko rero, ko tur’ uruvyaro rw’Imana, ntidukwiye kwiyumvira yukw Imana isa n’izahabu, cank’ ifeza, cank’ amabuye, ivyābājwe n’ubuhinga n’ubgenge bg’abantu.

30 Nukw iyo misi y’ubutamenya, Imana yarayīrengagije, ariko noneho, igera kw abantu bose bari hose bihana,

31 kuko yashinze umusi wo gucirakw isi yose amateka y’ukuri, izoyacisha umuntu yatoranije, kandi yahaye bose ikimenyamenya c’ivyo, mu kumuzura imukūye mu bapfuye.

32 Maze bumvise ivy’ ukuzuka mu bapfuye, bamwe barishinyira, abandi bati Tuzoba turumva ukundi ivy’ utubarira kur’ ivyo.

33 Nuko Paulo ava muri bo.

34 Arikw abagabo bamwe bīfatanya na we barizera; muri bo umwe ni Diyonisiyo wo mu Bareyopago, kandi n’umugore yitwa Damari, n’abandi hamwe na bo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan