Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivya Timoteyo

1 Nukw ashika i Derube n’i Lusitira; hāriy’ umwigishwa yitwa Timoteyo, umwana w’Umuyudakazi umugore yizeye, ariko se yar’ Umugiriki:

2 yashimwa na bene Data b’i Lusitira no muri Ikoniyo.

3 Uyo, Paulo agomba ko bajana, aramwābīra aramukeba, kubg’ Abayuda bo mur’ izo ntāra, kuko bose bāri bazi yuko se yar’ Umugiriki.

4 Bariko baraca mu bisagara, bagenda bababgira ivyo intumwa n’abakuru b’i Yerusalemu bāshinze, ngo bavyitondere.

5 Nukw amashengero akomerezwa mu kwizera, agenda yunguka ibitigiri imisi yose.


Paulo ahamagarwa kuja i Makedoniya

6 Baca mu gihugu c’i Furugiya n’i Galatiya, babuzwa na Mpwemu Yera kuvuga ijambo ry’Imana muri Asiya.

7 Bashitse ahabangikanye n’i Musiya, bagerageza kuja i Bituniya, Mpwemu wa Yesu ntiyabakundira:

8 baca i Musiya baramanuka, bashika i Tirowa.

9 Maze Paulo mw ijoro arota inzozi, abona umugabo w’i Makedoniya ahagaze amwinginga, ati Jabuka uze i Makedoniya, udutabare.

10 Amaze kurota izo nzozi, duca turondera ingene tuja i Makedoniya, kuko tumenye yukw Imana iduhamagariye kubabgira ubutumwa bgiza.

11 Nuko tuvuduka i Tirowa mu bgato, turaramiriza tuja i Samotirake, bukeye bg’aho dushika i Neyapoli,

12 tuvuyeyo dushika i Filipi, igisagara c’i Makedoniya gikuru mur’ iyo ntāra, cubatswe n’Abaroma. Tumara imisi mur’ ico gisagara.

13 Ku musi w’isabato turenga irembo ry’igisagara, tuja ku ruzi, dukēka ko hobay’ ahahora hasengerwa. Turicara, tuyāga n’abagore bahakoraniye.

14 Umugore umwe yitwa Ludiya, umudandaza w’impuzu z’inyambarabami, wo mu gisagara citwa Tuwatira, yubaha Imana, aratwumviriza. Umwami Yesu amwugurura umutima, kugira ngw awushire ku vyo Paulo yavuga.

15 Amaze kubatizanywa n’abo mu nzu yiwe, aratwinginga, at’ Asangwa mubonye nd’uwizeye Umwami Yesu, ni muze i wanje, musembereho. Aratugōbēra.


Umukobga arimwo dayimoni

16 Bukeye tugiye aho basengera, duhūra n’umwigeme arimwo dayimoni aragura, yar’ atungishije ba shebuja cane kubg’ iyo ndagu.

17 Uyo aradukurikira twebge na Paulo, asemerera, at’ Aba bantu n’abasavyi b’Imana isumba vyose, kandi bababarira inzira y’agakiza.

18 Amara imisi myinshi agenza artyo. Ariko Paulo adundumiwe, arahindukira, abarira dayimoni, ati Ndakubariye mw izina rya Yesu Kristo, muvemwo. Amuvamwo mur’ ako kanya.


Baboha Paulo na Sila; umusoda ahindukirira Yesu

19 Maze ba shebuja babonye yukw ico bazigakw inyungu kivuyeho, bafata Paulo na Sila, barabakwega babajana mu kaguriro imbere y’abashingantahe,

20 babashīra abacamanza, bat’ Aba bantu bahagarika imitima y’abo mu gisagara cacu, kand’ ar’ Abayuda;

21 batuzanira imigenzo tuzira kwemera canke kuyikora, twebge tur’ Abaroma.

22 Ishengero ribahagurukira icarimwe, abacamanza babakākagurirakw impuzu, bagera ko babakubita.

23 Bamaze kubakubita inkoni nyinshi, babashira mw ibohero, babarira umurinzi kubarinda cane.

24 Na we abariwe artyo abashira mu nzu yo hagati, arobeza amaguru yabo mu mpatane z’ibiti.

25 Maze nko mu gicugu Paulo na Sila bariko barasenga baririmbira Imana, izindi mbohe zibumva,

26 isi ica inyiganyiga cane giturumbuka, bituma amatanguriro y’inzu y’ibohero anyiganyiga, ako kanya inzugi zose ziruguruka, iminyororo ya bose iradohoka.

27 Uwo murinzi yikanguye, abonye inzugi z’ibohero zuguruye, asokora inkota agira yiyahure, kuko yagira ngw imbohe zācitse.

28 Ariko Paulo asemerera n’ijwi rirenga, ati Ntiwigirire nabi, twese turi hano.

29 Ahamagaza imuri, yitera mu nzu, ari mu gatengo k’ubgoba, yikubita imbere ya Paulo na Sila,

30 arabasohokana, arababaza, ati Bagenzi, nkwiye gukora iki ngo nkire?

31 Baramwishura, bat’ Izere Umwami Yesu, urakira, mwe n’abo mu nzu yawe.

32 Bamubarira ijambo ry’Umwami Yesu, n’abo mu nzu yiwe bose.

33 Mur’ ico gihe nyene c’ijoro arabajana, abuhagira inguma z’inkoni, aca arabatizwa, bo n’abiwe bose.

34 Arabadūgana, abajana i we, arabagaburira, anezeranwa cane n’abo mu nzu yiwe bose, kuko yizeye Imana.

35 Ijoro rikeye, abacamanza batuma abagendanyi, bati Rekura abo bantu.

36 Umurinzi w’imbohe abarira Paulo ayo majambo, at’ Abacamanza baratumye ngo murekurwe, nuko rero ni musohoke, mwīgīre amahoro.

37 Ariko Paulo arabishura, ati Ko bādukubitiye imbere y’ishengero, ata kidutsinze, kandi tur’ Abaroma, bakadushira mw ibohero: none bagomba kuduhinda mu mpisho? Ekaye, ni babe ari bo biyizira ubgabo badusohore.

38 Abo bagendanyi babarira abacamanza ayo majambo: na bo baratinya, bumvise kw ar’ Abaroma,

39 baraza, babakomera ibōbo, barabasohora, babinginga kuva mur’ ico gisagara.

40 Bavuye mw ibohero, baja kwa Ludiya, barinjira; bamaze kubona bene Data, barabahanūra, bavayo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan