Ivyakozwe 15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ibihāri bivuye mu vyo gukebga 1 Maze haza abantu bamwe bavuye i Yudaya bigisha bene Data, bati Ni mutākebga, nk’uk’ umugenzo wa Mose uri, ntimuzoruha mukizwa. 2 Maze Paulo na Barunaba bamaze kugira ibihāri n’imibūrano itari mike n’abo bantu, abaho bahūza inama gutuma Paulo na Barunaba n’abandi bamwe bo muri bo, ngo baje i Yerusalemu ku ntumwa n’abakuru kubg’ iyo mibūrano. 3 Nukw abo, ishengero rimaze kubaherekeza, baca i Foyinike bo n’i Samariya, babamenyesha ingen’ abanyamahanga bāhindukiriye Imana, batera bene Data bose akanyamuneza kenshi. 4 Bashitse i Yerusalemu, ishengero n’intumwa n’abakuru barabākīra, na bo babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose. 5 Maze hava hasi bamwe bo mu muce w’Abafarisayo bizeye, baravuga, bat’ Abanyamahanga birakwiye ko bakebga, no kubabgiriza kwitondera ivyagezwe vya Mose. Inama yabaye i Yerusalemu 6 Nukw intumwa n’abakuru bakoranira hamwe kuja inama y’iryo jambo. 7 Habaye imibūrano myinshi, Petero ava hasi, arababgira, ati Bagabo bene Data, murazi yuko kera Imana yantoranije muri mwebge kugira ngo mu kanwa kanje abe ari ho abanyamahanga bumva ijambo ry’ubutumwa bgiza, bizere. 8 Kand’ Imana izi imitima, yarabashingiye intahe, hamwe yabaha Mpwemu Yera, nk’uko yamuduhaye natwe; 9 ntiyashirah’ itandukaniro hagati yacu na bo, yogesheje imitima yabo ukwizera. 10 None rero n’iki gitumye mugerageza Imana, mwikoreza abigishwa imitwaro ba sogokuruza batāshoboye kwikorera canke twebge? 11 Ariko twizeye yuko tuzokizwa n’ubuntu bg’Umwami Yesu nka bo. 12 Maz’ ishengero ryose riracereza, bumviriza Barunaba na Paulo babīgānira ibimenyetso n’ibitangaza vyose Imana yabahaye gukora mu banyamahanga. 13 Barangije kuvuga, Yakobo aravuga, ati Bagabo bene Data, ni munyumvirize. 14 Simoni yabīgāniye ingen’ Imana yatanguye kugendera abanyamahanga ngw ibarobanuremw’ ubgoko bg’izina ryayo. 15 Amajambo y’abavugishwa na yo ahūye n’ivyo, nk’uko handitswe, 16 ngo Hanyuma y’ivyo nzogaruka, Nongere nubake urusago rwa Dawidi rwatemvye, Nongere nsanasane ahāshize harwo, ndaruhagarike, 17 Kugira ngw amasigarira y’abantu baronderane Uhoraho N’amahanga yose yitirirwa izina ryanje, 18 Ni k’Uhoraho agize, akora ivyo vyose, yabimenye uhereye ku kuremwa kw’isi. 19 Nuko rer’ inama yanje n’uko tureka kugora abo mu banyamahanga bahindukirira Imana, 20 ariko tubandikire ngo bareke ibihumanya vy’ibigirwamana, no gusambana, no kurya ibinizwe, bo n’amaraso. 21 Kuk’ uhereye kera hose Mose afise mu bisagara vyose abigisha ivyiwe, bisomwa mu masinagogi ukw isabato itashe. Icete ishengero ryandikiye abanyamahanga 22 Maz’ intumwa n’abakuru, bo n’ishengero ryose, bashima gutoranya abagabo muri bo, ni Yuda ari we Barusaba, na Sila, abantu bakuru muri bene Data, no kubatumana muri Antiyokiya na Paulo na Barunaba: 23 bandika icete, barakibarungikana, canditswe girtya, ngw Intumwa na bene Data bakuru turabatasha mwebge bene Data bo mu banyamahanga bari muri Antiyokiya n’i Siriya n’i Kilikiya. 24 Kuko twumvise yuko bamwe bāvuye muri twebge bābahagarikishije imitima amajambo, bakayisangangura, kandi tutābibageze; 25 duhūje inama dushimye gutoranya abo bantu no kubatumana kuri mwebge n’abo dukunda Barunaba na Paulo, 26 abantu bāhevye amagara yabo kubg’ izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo. 27 Nukw abo dutumye ni Yuda na Sila, na bo ubgabo bazobabarira mu rurimi bimwe n’ibi. 28 Kuko Mpwemu Yera bimubereye vyiza, natwe n’uko, kutabīkoreza uwundi mutwaro urenze ibi bikwiye: 29 mureke kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, n’amaraso, n’ibinizwe, mureke no gusambana; ivyo ni mwavyirinda, muzomera neza. Nuko muganūke. Bashikana icete muri Antiyokiya 30 Nukw abo basezewe bamanuka muri Antiyokiya; bamaze gukoraniriza hamwe ishengero, babashikiriza kino cete. 31 Bamaze kugisoma banezererwa iyo mpanūro. 32 Na Yuda na Sila, kuko na bo bār’ abavugishwa n’Imana, bahanūra bene Data mu majambo menshi, barabaremesha. 33 Bahamaze imisi, bene Data babasezera amahoro, ngo basubire ku bābatumye. [ 34 Mugabo Sila bimubera vyiza kugumayo.] 35 Kandi Paulo na Barunaba baguma muri Antiyokiya bigisha abantu, bababgira ijambo ry’Umwami Yesu, bafatanije n’abandi benshi. Urugendo rwa kabiri rwa Paulo aja kuvuga ubutumwa 36 Hashize imisi, Paulo abgira Barunaba, at’ Ingo dusubire ha handi tugendere bene Data mu gisagara cose aho twāvuze ijambo ry’Umwami Yesu, tumenye uko bameze. 37 Barunaba agomba ko bajana na Yohana na we, ari we Mariko. 38 Ariko Paulo ntivyamubera vyiza kujana uwabataye i Pamfiliya, ntajane na bo mur’ ico gikorwa. 39 Havyuka imitongano ibatera gutandukana, Barunaba ajana Mariko, avudukayo ari mu bgato, afata i Kupuro; 40 Paulo na we atoranya Sila, avayo, bene Data bamaze kumuragiza ubuntu bg’Umwami Yesu. 41 Aca i Siriya n’i Kilikiya, aremesha amashengero. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi