Ivyakozwe 11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Petero yiregura ku Bakristo b’Abayuda bamugaye 1 Intumwa na bene Data bar’i Yudaya bumva yukw abanyamahanga na bo bemeye ijambo ry’Imana. 2 Maze Petero adūze i Yerusalemu, abo mu bākebge baramutonganya, 3 bati Ko winjiriye abatākebge, ugasangira na bo! 4 Maze Petero aratangura, abibasobanurira uko bikurikirana, 5 ati Nari mu gisagara c’i Yopa, ndiko ndasenga, mbona neretswe nko mu nzozi ikintu kimanuka kivuye mw ijuru, kimeze nk’uruhuzu runiniya rufashwe ku mitwe ine, kiza aho ndi. 6 Ngihanga amaso, ndacitegereza, mbonamw’ ibigenza amaguru ane vyo kw isi, n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibikwega inda hasi, n’ibiguruka vyo mu kirēre. 7 Kandi numva ijwi rimbarira, riti Va hasi, Petero, ubāge urye. 8 Nanje nt’ Oyaye, Mwami, kukw ata kizira cank’ igihumanya cigeze kija mu kanwa kanje. 9 Maz’ ijwi rimbarira ubugira kabiri rivuye mw ijuru, rit’ Ivy’ Imana ihumanuye, reka kuvyita ibizira. 10 Biba birtyo gatatu, biradūzwa vyose, bisubizwa mw ijuru. 11 Uwo mwanya abagabo batatu bavuye i Kayisariya, bantumweko, bahagarara imbere y’inzu turimwo. 12 Mpwemu ambarira kujana na bo, ata tandukaniro. Kandi na bene Data aba, ukw ari batandatu, turajana, twinjira mu nzu y’uwo mugabo. 13 Atwīgānira ingene yabonye umumarayika mu nzu yiwe, ahagaze amubarira, ati Tuma i Yopa, utumeko Simoni ari we Petero, 14 azokubarira amajambo yo kugukizanya n’abo mu nzu yawe bose. 15 Ngitanguye kuvuga, Mpwemu Yera arabamanukira, nk’uko yamanukiye kuri twebge ubga mbere. 16 Nibuka rya jambo ry’Umwami Yesu, uko yavuze, ati Yohana yabatirishije amazi, ariko mweho muzobatizwa na Mpwemu Yera. 17 None kw Imana yabahaye ingabire imwe n’iyo natwe twahawe hamwe twizera Umwami Yesu Kristo, jewe nd’ iki gishobora gutāngīra Imana? 18 Bumvise ivyo barīhorera, bahimbaza Imana, bati Noneho rer’ Imana ihaye n’abanyamahanga kwihana ngo baronke ubugingo. Ubutumwa bgiza bushika no muri Antiyokiya 19 Nukw abāsābagijwe n’amarushwa yabaye kubg’ ivya Stefano baragenda, bashika n’i Foyinike n’i Kupuro no muri Antiyokiya, ata bandi babarira ijambo ry’Imana atar’ Abayuda bonyene. 20 Ariko hāri bamwe muri bo b’abagabo bavuye i Kupuro n’i Kurene bashitse muri Antiyokiya babarira n’Abagiriki na bo, bababgira ubutumwa bgiza bg’Umwami Yesu. 21 Ukuboko kw’Umwami kwari kumwe na bo, abantu benshi barizera, bahindukirira Umwami. 22 Inkuru yabo ishika mu matwi y’ishengero ry’i Yerusalemu, batuma Barunaba ngw ashirwe ashitse muri Antiyokiya. 23 Na we amaze gushikayo, abonye ubuntu bg’Imana, biramunezereza, arabahanūra bose ngo bamaramaze mu mitima kwifatanya akaramata n’Umwami Yesu. 24 Kuko yar’ imico myiza, yuzuye Mpwemu Yera n’ukwizera. Abantu benshi bagwirirana ku Mwami Yesu. 25 Avayo, aja i Taruso kurondera Sauli, 26 amubonye, amujana muri Antiyokiya. Bamaray’ umwaka wose, bakorana n’ishengero, bigisha abantu benshi, kandi muri Antiyokiya ni ho abigishwa bātanguriye kwitwa Abakristo. 27 Mur’ iyo misi, abavugishwa n’Imana bava i Yerusalemu baja muri Antiyokiya. 28 Hava hasi umwe muri bo yitwa Agabo, abamenyesha avugishijwe na Mpwemu yukw ikigoyi cinshi kizotera mw isi yose. Ico yavuga ni kimwe cātera ku ngoma ya Kilawudiyo. 29 Maz’ abigishwa, umuntu wese nk’ukw atunze, bashinga kurungikira bene Data baba i Yudaya ivyo kubatabara. 30 Babigenza bartyo, babirungikira abakuru, bijanye Barunaba na Sauli. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi