Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Umumarayika yiyereka Koruneliyo

1 I Kayisariya hār’ umuntu yitwa Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana wo mu ngabo zitwa Abanyetaliya.

2 Yar’ umuntu yubaha Imana akayitinyana n’abo mu nzu yiwe bose, yagirira abantu ubuntu bginshi, agasenga Imana ubudasība.

3 Abona yeretswe imbonankubone umumarayika w’Imana yinjiye i we hāri nk’isaha cenda z’umusi: aramuhamagara, ati Koruneliyo.

4 Na we amukanurira amaso, afise ubgoba, aramubaza, ati N’iki ga Mwami? Aramwishura, ati Gusenga kwawe n’ubuntu bgawe vyadūze biba icibutso imbere y’Imana.

5 None rero tuma abantu i Yopa, utumek’ umuntu yitwa Simoni, ari we Petero;

6 asembereye kwa Simoni umuhazi w’insāto, urugo rwiwe rur’i ruhande y’ikiyaga.

7 Umumarayika yavuganye na we amaze kugenda, ahamagara babiri bo mu basuku biwe, n’umusoda yubaha Imana wo mu bamugendanira:

8 ahejeje kubīgānira vyose, abatuma i Yopa.


Ivyo Petero yeretswe

9 Bukeye bg’aho, bakigenda, bari hafi gushika mu gisagara, Petero yūrira hejuru ku nzu gusenga, hāri nk’isaha zitandatu.

10 Yumva arashonje, agomba kurya: bakibirondera, amera nk’ūrota,

11 abona ijuru ryugurutse, maze hamanuka ikintu kimeze nk’uruhuzu runiniya, rufashwe ku mitwe ine, kija hasi,

12 hārimw’ ubgoko bgose bg’ibigenza amaguru ane, n’ibikwega inda hasi vyo kw isi, n’ibiguruka vyo mu kirēre.

13 Haza ijwi, riramubarira, riti Va hasi, Petero, ubāge, urye.

14 Petero at’ Oyaye, Mwami, kuko ntigeze ndya ikizira cank’ igihumanya.

15 Iryo jwi risubira kuza ubugira kabiri, riramubarira, rit’ Ivy’ Imana ihumanuye, reka kuvyita ibizira.

16 Biba birtyo gatatu, ico kintu gica gisubizwa mw ijuru.

17 Petero akizazaniwe mu mutima n’ivyo abonye yeretswe ivy’ ari vyo, abantu batumwe na Koruneliyo, bahejeje kubaza urugo rwa Simoni, bahagarara kw irembo,

18 barahamagara, babaza yuko Simoni ari we Petero ari ho asembereye.

19 Petero aciyumvira ivyo yeretswe, Mpwemu aramubarira, ati Har’ abantu batatu bariko barakurondera.

20 None va hasi, wururuke ujane na bo ata co ukekeranya, kukw ari jewe mbatumye.

21 Petero arururuka, asanga abo bantu aho bari, arababarira, ati Ni jewe uwo murondera: mbega mugenzwa n’iki?

22 Baramwishura, bati Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana, umuntu agororoka yubaha Imana, ashimwa n’ubgoko bgose bg’Abayuda, yabariwe n’umumarayika yera kugutumako, ng’ uze i we, yumve amajambo yawe.

23 Maz’ arabinjiza, abaha indāro. Bukeye bg’aho, Petero arīkora, avanayo na bo, na bene Data bamwe b’i Yopa bajana na we.


Petero aja kwa Koruneliyo

24 Bukeye bg’aho bashika i Kayisariya, Koruneliyo yar’ abīteze, yākoranije incuti ziwe n’abakunzi bo ku mutima.

25 Petero agira yinjire, Koruneliyo aramusanganira, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramupfukamira.

26 Maze Petero amukūra hasi, ati Va hasi, nanje nd’umuntu nkawe.

27 Bakivugana, arinjira asanga abakoraniyeho benshi,

28 arababgira, at’ Ubganyu murazi yuko kizira k’umuntu w’Umuyuda yifatanya n’uw’ ubundi bgoko, canke kw amugendera: ariko jeho, Imana yanyeretse yuko hatogira umuntu nita ikizira cank’ igihumanya.

29 Ni co catumye nza, ntarinze guhakana, ntumweko. None rero ndabaza ico mwantumiyeko ic’ ari co.

30 Koruneliyo ati Hashize imisi ine, nka bugingo ubu, nariko ndasenga ar’ isaha cenda, ndi mu nzu yanje; maz’ umuntu ahagarara imbere yanje, yambaye impuzu ikayangana,

31 arambgira, ati Koruneliyo, ugusenga kwawe kwarumviswe, n’ubuntu bgawe bgibutswe imbere y’Imana.

32 Nuko tuma i Yopa, utumeko Simoni ari we Petero: asembereye mu rugo kwa Simoni umuhazi w’insāto, i ruhande y’ikiyaga.

33 Uwo mwanya nca ndagutumako rero, nawe urayobotse k’uje. None rero twese turi hano imbere y’Imana, kwumva ivy’ Umwami Imana yakugeze kutubgira vyose.


Petero avuga ubutumwa kwa Koruneliyo, bahabga Mpwemu Yera

34 Petero yanzika kuvuga, ati N’ukuri ni ho nkimenya yukw Imana itarobanura abantu ku butoni,

35 ariko mu mahanga yose ūyubaha, agakora ivy’ ukugororoka, iramwemera.

36 Ijambo Imana yatumye ku Bisirayeli, ivugisha Yesu Kristo ubutumwa bgiza bg’amahoro, ni we Mwami wa bose;

37 iryo jambo mwebge murarizi, ryāmāmaye i Yudaya hose, ritanguriye i Galilaya, hanyuma y’umubatizo uwo Yohana yigishije:

38 rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.

39 Natwe tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo yakoze vyose mu gihugu c’Abayuda, bo n’i Yerusalemu, umwe bishe, bamumanitse ku giti.

40 Uyo, Imana iramuzura ku musi ugira gatatu, imuha guserurwa ahibonekeza,

41 s’imbere y’abantu bose, arikw imbere y’ivyabona vyatoranijwe n’Imana ivyo bitarabaho, ni twebge, abāsangira na we, turya kandi tunywa, amaze kuzuka mu bapfuye.

42 Atugera kumenyesha abantu no gushinga intahe kw ari we Imana yashinze kuba Umucamateka w’abariho n’abapfuye.

43 Abāvugishwa n’Imana bose bāmushingiye intahe, bavuga yuk’ ūmwizera wese azoharirwa ivyaha kubg’ izina ryiwe.

44 Petero akivuga ayo majambo, Mpwemu Yera aramanuka, aja ku bariko barumva iryo jambo bose.

45 Abizeye bo mu bākebge barūmirwa, abāzananye na Petero uko bangana, kuko n’abanyamahanga na bo basutswekw ingabire, ari yo Mpwemu Yera.

46 Kuko bumvise bavuga izindi ndimi, bahimbaza Imana. Maze Petero arababaza,

47 ati Mbega har’ uwoshobora kwima amazi abahawe Mpwemu Yera nkatwe, ngo ntibabatizwe?

48 Avuga ko babatizwa mw izina rya Yesu Kristo. Baca baramwinginga ngw amarey’ imisi.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan