Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yesu adūzwa mw ijuru

1 Ca gitabo ca mbere nanditse ga Teyofilo we, kivuga ivyo Yesu yatanguye gukora no kwigisha vyose,

2 gushitsa ku musi yadūgijwe mw ijuru, ahejeje kugerera intumwa muri Mpwemu Yera, zimwe yatoranije.

3 Kand’ amaze kubabazwa, abiyereka ari muzima atanga ibimenyetso vyinshi, ababonekera imisi mirongwine, avuga ivy’ ubgami bg’Imana.

4 Maz’ akoranye na bo, arabihanikiriza ngo ntibave i Yerusalemu, at’ Ariko murorēre isezerano rya Data, iryo mwanyumvanye.

5 Kuko Yohana yabatirisha amazi, ariko mweho, mu misi itari myinshi, muzobatizwa na Mpwemu Yera.

6 Nuko bakoranye, baramubaza, bati Mwami, iki gihe ni co ugira ugarukane ingoma y’Abisirayeli?

7 Arabishura, ati S’ivyanyu kumenya imisi cank’ ibihe Data yashinze n’ububasha bgiwe wenyene;

8 ariko muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.

9 Amaze kuvuga artyo, adūzwa babona, igicu kimukūra mu maso yabo.

10 Bagihanze amaso mw ijuru akigenda, abagabo babiri bambaye impuzu zera bahagarara i ruhande yabo;

11 barababaza, bati Yemwe bagabo b’i Galilaya, n’iki gitumye muhagaze murāba mw ijuru? Uyo Yesu, abakūwemwo, akadūzwa mw ijuru, azoza artyo, nk’uko mumubonye aja mw ijuru.

12 Buno basubira i Yerusalemu, bavuye ku musozi witwa Elayono, uri hafi y’i Yerusalemu nk’urugendo rwemewe kugendwa kw’ isabato.

13 Bashitseyo, barūrira baja mu nzu yo hejuru, aho bāri basembereye, ari Petero, na Yohana, na Yakobo, na Andereya, na Filipo, na Toma, na Barutolomayo, na Matayo, na Yakobo mwene Alufayo, na Simoni Zelote, na Yuda mwene Yakobo.

14 Abo bose bāsenga badahumeka n’umutima uhūye, hamwe n’abagore, na Mariya nyina wa Yesu, na bene nyina.


Basubiza Matiya mu kirenge ca Yuda

15 Mur’ iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati ya bene Data, (hāri hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongwibiri), aravuga,

16 ati Bagabo bene Data, ivyanditswe ntivyobuze gushika, ivyo Mpwemu Yera yari yaravugiye mu kanwa ka Dawidi kuri Yuda, yarōngōye abaja gufata Yesu,

17 kuko yari yaharūwe muri twebge, agahabga umugabane w’iki gikorwa.

18 (Kand’ uwo muntu amaze kugura ubgatsi ku vyo yahawekw ibiguzi vyo kugabitanya kwiwe, agwa yubamye, araturika, amara yiwe yose arasēseka.

19 Bimenyekana mu baba i Yerusalemu bose, ni co catumye ubgo bgatsi mu rurimi rwabo babgita Akeludama, risobanurwa ng’ Ubgatsi bg’amaraso.)

20 Kuko mu gitabo ca Zaburi handitswe, ngw I we hasigare umusaka, Kandi ntihakagire uwundi ahaba, kandi ng’ Ububgiriza bgiwe busubiremw’ uwundi.

21 Nuko mur’ abo bagabo twahora tugendana igihe cose Umwami Yesu yar’ akiri muri twebge amaja n’amaza,

22 utanguriye ku kubatiza kwa Yohana ukageza ku musi yadukūriwemwo, adūganywe, umwe muri bo akwiye kuba icabona hamwe natwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe.

23 Bahagarika babiri, umwe ni Yosefu ari we Barusaba, irindi ni Yusito, uwundi na we ni Matiya.

24 Barasenga, bati Mwami, ni wewe uzi imitima y’abantu bose, none werekane uwo utoranije mur’ aba bompi

25 gusubira mu kirenge ca Yuda mur’ iki gikorwa no kuba intumwa, ivyo yataye akaja ahiwe.

26 Barabapfindira, ubupfindo bgerekana Matiya, nukw aharūranwa n’intumwa cumi n’imwe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan