Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyahishuwe 8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivy’ inzamba ndwi

1 Kand’ amennye ikigira indwi kimatanije ico gitabo, haba agacerere mw ijuru nk’igihimba c’isaha.

2 Mbona abamarayika ndwi bama bahagarara imbere y’Imana bahabga inzamba ndwi.

3 Haza umumarayika wundi, ahagarara ku gicaniro, afise icotero c’izahabu, ahabga imibavu myinshi ngw ayishire ku gusenga kw’abera bose kuri ku gicaniro c’izahabu kir’ imbere y’iyo ntebe.

4 Umwotsi w’umubavu uva mu kuboko kw’umumarayika upfundukana n’ugusenga kw’abera imbere y’Imana.

5 Umumarayika ajana icotero, acuzuza umuriro wo ku gicaniro, ashiburira mw isi: habah’ imituragaro n’amajwi n’imiravyo no gutigita kw’isi.

6 Ba bamarayika ndwi bafise inzamba ndwi bagabiriza kuzivuza.

7 Uwa mbere aravuza. Haza urubura n’umuriro bivanze n’amaraso, bishiburirwa mw isi. Ikigira gatatu c’isi kirasha, ikigira gatatu c’ibiti kirasha, ivyatsi bibisi vyose birasha.

8 Umumarayika wa kabiri aravuza. Ikimeze nk’igisozi kinini caka umuriro gishiburirwa mu kiyaga; ikigira gatatu c’ikiyaga gihinduka amaraso;

9 ikigira gatatu c’ivyaremwe vyo mu kiyaga bifise ubugingo kirapfa; ikigira gatatu c’amato kirahona.

10 Umumarayika wa gatatu aravuza: inyenyeri nini iva mw ijuru iratibuka, yaka nk’urumuri, itibukira ku kigira gatatu c’inzūzi no ku masōko.

11 Iyo nyenyeri yitwa Mururazi. Ikigira gatatu c’amazi gihinduka umururazi, abantu benshi bicwa n’ayo mazi, kuko yarurishijwe.

12 Umumarayika wa kane aravuza. Ikigira gatatu c’izuba n’ikigira gatatu c’ukwezi n’ikigira gatatu c’inyenyeri birakubitwa, kugira ngw ikigira gatatu cavyo gicure umwiza, ikigira gatatu co mu bihe vy’umurango nticākirwe, no mw ijoro n’uko.


Ukw isi izobona ibara ibihetangabo gatatu

13 Ndarāba, numva inkukuma iguruka yātiriye ijuru, ivuga n’ijwi rirenga, it’ Ibara, ibara, ibara riza kubonwa n’abari mw isi kubg’ ayandi majwi y’inzamba z’abamarayika batatu bahava bavuza.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan