Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyahishuwe 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Icete candikiwe ishengero ry’i Sarudi

1 Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi, ut’ Ūfise Impwemu ndwi z’Imana n’inyenyeri ndwi, aravuga ibi, ngo Ndazi ibikorwa vyawe, k’uvugwa k’uri muzima, arik’ ur’ uwapfuye.

2 Gira ube maso, ukomeze ibisigaye bigira bipfe: kukw ata bikorwa vyawe nabonye bisozerewe imbere y’Imana yanje.

3 Ni wibuke rero ingene wākiriye kandi wumvise: uvyitondere, wihane. Nuko rero n’utaba maso, nzoza nk’igisuma, nawe ntuzomenya igihe nzokwūbīra.

4 Arik’ ufise amazina makeya y’ab’ i Sarudi batanduje impuzu zabo; ni bo bazogendana nanje bambaye impuzu zera, kuko bibabereye.

5 Ūnesha azokwambikwa artyo impuzu zera, kandi sinzosibanganya izina ryiwe mu gitabo c’ubugingo na mba, kandi nzokwatura izina ryiwe imbere ya Data, n’imbere y’abamarayika biwe.

6 Ūri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


Icete candikiwe ishengero ry’i Filadelufiya

7 Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya, ut’ Uwera, uw’ ukuri, ūfise urupfunguzo rwa Dawidi, uwugurura ntihagire uwugara, kand’ uwugara ntihagire uwugurura, aravuga ibi,

8 ngo Ndazi ibikorwa vyawe (ehe nashize imbere yawe urugi rwuguruye, nta wushobora kurwugara) yuk’ ufise ubushobozi buke, witondeye ijambo ryanje, ntiwihakanye izina ryanje.

9 Ehe nguhaye bamwe bo mw isinagogi ya Satani, biyita Abayuda, atari bo, ariko babesha; ehe nzobagōbēra kuza, bikubite imbere y’ibirenge vyawe, bamenye yuko nagukunze.

10 Ko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanje nzokurinda igihe co kugerageza, kigira kize mu bihugu vyose, kugerageza ababa mw isi.

11 Ngira nze vuba: wumire ku co ufise, ntihagire ūgutwara igitsibo cawe.

12 Ūnesha nzomugira inkingi yo mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazosohoka ukundi, nanje nzomwandikakw izina ry’Imana yanje, n’iry’ umurwa w’Imana yanje, ni wo Yerusalemu musha, wururuka uvuye mw ijuru ku Mana yanje, kandi nzomwandikakw izina ryanje risha.

13 Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


Icete candikiwe ishengero ry’i Lawodikiya

14 Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya, ut’ Uwiyita Amen, icabona co kwizigirwa kandi c’ukuri, inkomoko y’ivyaremwe n’Imana, aravuga ibi,

15 ngo Ndazi ibikorwa vyawe, yuk’ udakonje kandi ntubire. Icompa ugakonja cank’ ukabira!

16 Nuko rero kuk’ ur’ akazuyazi, udakonje ntubire, ngira nkudahwe.

17 Kuk’ uvuga, uti Nd’ umukire ndatunze kandi nta co nkennye; ntumenye yukw ari wewe mutindi, wafutanye, ur’ umworo, ur’ impumyi, ugenda amēnya;

18 ndakugīra inama, ungurekw izahabu yakūwekw inkamba n’umuriro, ubone kuba umutunzi; ungureko n’impuzu zera, ubone kwambara, isoni z’ubgambure bgawe ntizigaragare; kand’ ungureko n’umuti wo gusīga ku maso, ubone guhumūka.

19 Abo nkunda bose ndabakankamira, nkabakāngīra; nuko gira umwete, wihane.

20 Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we, dusangire.

21 Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.

22 Ūri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan