Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyahishuwe 20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ukubohwa kwa Satani kw’imyaka 1.000

1 Mbona umumarayika amanuka avuye mw ijuru, afise urupfunguzo rw’i kuzimu, afise n’ikinyororo mu minwe.

2 Afata ca gisato, ni co ya nzoka ya mbere, ni yo Murwanizi irindi ni Satani, akiboha ngo kimare imyaka igihumbi,

3 agikororera i kuzimu, arahadadira, ashirakw ikimenyetso kikirumanya, kugira ngo nticongere kuzimiza amahanga, gushitsa ah’ iyo myaka igihumbi izoshirira: ni yashira gikwiye kubohorwa ngo kimare igihe gito.

4 Mbona intebe z’ubgami, mbona abicara kuri zo, bahabga ubucamanza. Kandi mbona ubugingo bg’abaciwe amazosi, babahōra gushingira intahe Yesu, n’ijambo ry’Imana, ni bo batāsenze ca gikōko cank’ igishushanyo caco, kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza. Baba bazima, bafatanya na Kristo kuganza imyaka igihumbi.

5 Abapfuye bandi ntibaba bazima iyo myaka igihumbi itarashira. Ukwo ni kwo kuzuka kwa mbere.

6 Ūri mu mugabane wo kuzuka kwa mbere arahiriwe kandi n’uwera. Urupfu rwa kabiri ntirugira ububasha ku bameze bartyo, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazofatanya na we kuganza, iyo myaka igihumbi.


Ukurekurwa kwa Satani n’intambara y’iherezo

7 Kand’ iyo myaka igihumbi ni yashira, Satani azorekurwa ngw ave mw ibohero,

8 azosokoroka aje kuzimiza amahanga yo mu mfuruka zine z’isi, Gogi na Magogi, kugira ngw ayakoranirize hamwe ku ntambara, igitigiri cabo ni nk’umusenyi wo ku kiyaga.

9 Baradūga bakwira isi yose, bakikiza ah’ ingabo z’abera zishagaje, na ca gisagara gikundwa. Umuriro uratibuka uvuye mw ijuru, urabarigata.

10 Kand’ Umurwanizi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku, kirimwo na ca gikōko na wa muvugishwa w’ibinyoma, bazobabazwa ku murango no mw ijoro ibihe bitazoshira.


Ukuzuka kw’abantu bose no guca amateka y’iherezo

11 Mbona intebe niniya yera, mbona n’Iyivyagiyeko, isi n’ijuru bihunga mu nyonga hayo, aho vyahora ntihaba hakiboneka.

12 Mbona abapfuye, abahambaye n’aboroshe, bahagaze imbere y’iyo ntebe; ibitabo birazingururwa. Kand’ ikindi gitabo kirazingururwa, ni co gitabo c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyanditswe mur’ ivyo bitabo, zikwiranye n’ivyo bakoze.

13 Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu n’i kuzimu bigarukana abapfuye bo muri vyo, bacirwa imanza zikwiranye n’ivy’ umuntu wese yakoze.

14 Rupfu na Kuzimu batererwa muri ca kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri.

15 Kand’ umuntu wese atabonetse ko yanditswe muri ca gitabo c’ubugingo atererwa mur’ ico kiyaga caka umuriro.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan