Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyahishuwe 19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ukunesha kw’Imana n’ubukwe bga wa Mwagazi

1 Hanyuma y’ivyo numva mw ijuru ikimeze nk’ijwi rirenga ry’ishengero ryinshi, riti Haleluya; agakiza n’ubgiza n’ububasha n’ivy’ Imana yacu,

2 kukw amateka yayo ar’ay’ ukuri n’ukugororoka. Yaciriyekw iteka umwe maraya w’agahebuza, yononesha abari mw isi ubusambanyi bgiwe, kand’ imuhōye amaraso y’abagurano bayo.

3 Rivuga ubugira kabiri, riti Haleluya. Kand’ umwotsi wiwe upfunduka ibihe bitazoshira.

4 Ba bakuru mirongwibiri na bane na vya binyabugingo bine vyikubita hasi, bisenga Imana ivyagira kuri ya ntebe, biti Amen; Haleluya.

5 Ijwi riva kur’ iyo ntebe rivuga, riti Ni mushime Imana yacu, yemwe mwese abagurano bayo, abayubaha, aboroshe n’abakomeye.

6 Numva ikimeze nk’ijwi ry’ishengero rinini, n’ikimeze nk’ugusūma kw’amazi menshi, n’ikimeze nk’ijwi ry’imituragaro ihambaye, kivuga, kiti Haleluya, kuk’ Umwami Imana yacu ishobora vyose ihangamye.

7 Tunezerwe, duhimbarwe, tuyihe icubahiro, kuk’ ubukwe bga wa Mwagazi w’Intama bushitse, umugeni wiwe ariteguye.

8 Kandi yahawe kwambara impuzu zera nziza, zikayangana, zitanduye; izo mpuzu zera nziza ni zo bikorwa vyo kugororoka vy’abera.

9 Umumarayika arambarira, at’ Andika, uti Hahirwa abatorewe gutaha ubukwe bga wa Mwagazi. Kand’ arambarira, at’ Ayo n’amajambo y’ukuri y’Imana.

10 Nikubitishwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe no kumusenga. Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So bafise ivyo gushingira intahe Yesu: Imana ba ari yo usenga. Kukw abashingira intahe Yesu baba bavugishwa na Mpwemu.


Inganji ya Kristo

11 Mbona ijuru ryuguruye, kandi mbona ifarasi y’igitare, ūyivyagiyeko yitwa Mwizigirwa, irindi ni Munyakuri. Aca amateka akarwana intambara mu bugororotsi.

12 Inyonga ziwe n’imbeya z’umuriro, no mu mutwe yambaye imigāra myinshi, kand’ afise izina ryanditswe, nta wurizi atari we wenyene.

13 Yambaye impuzu zājobetswe mu maraso, kandi yitwa Jambo w’Imana.

14 Ingabo zo mw ijuru ziramukurikira, zicaye ku mafarasi y’ibitare, zambaye impuzu nziza zera derere, zitanduye.

15 Mu kanwa kiwe havamw’ inkota ikarishe, kugira ngw ayikubite amahanga: azoyaragiza inkoni y’icuma. Kand’ aganishiriza ibirenge mu bgato vino y’uburake bg’inkazi bg’Imana ishobora vyose.

16 Kandi ku mpuzu ziwe no ku kibero, afise izina ryanditsweko, ng’ UMWAMI W’ABAMI, ŪGANZA ABAGANZA.


Uguhona kw’abansi biwe

17 Mbona umumarayika ahagaze ku zuba; asemerera n’ijwi rirenga, abarira ibisīga vyose biguruka vyātiriye ijuru, ati Ni muze mukoranire amazimano menshi y’Imana,

18 ngo murye inyama z’abami n’iz’ abakuru b’abagabisha b’abasoda n’iz’ abahizi n’iz’ amafarasi n’iz’ abayicarako n’iz’ abantu bose, abidegemvya n’abagurano, aboroshe n’abahambaye.

19 Mbona ca gikōko n’abami bo kw isi n’ingabo zabo bakoraniye kurwanya ūvyagiye kuri ya farasi n’ingabo ziwe.

20 Ico gikōko gifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w’ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikōko n’abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n’amazuku.

21 Abasigaye bicishwa inkota y’ūvyagiye kuri ya farasi, imwe ivuye mu kanwa kiwe. Ibisīga vyose bifunereza inyama zavyo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan