Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyahishuwe 14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yohana yerekwa Umwagazi w’Intama n’abācunguwe

1 Kandi mbona Umwagazi w’Intama, ahagaze ku musozi Siyoni, ahagararanye n’abantu ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bafise izina ryiwe n’izina rya Se yanditswe mu ruhanga rwabo.

2 Numva ijwi rivuye mw ijuru, nk’iry’ amazi menshi asūma, kandi nk’iry’ inkuba ituragara cane: kand’ iryo jwi numvise ryari rimeze nk’iry’ abacuraranzi bacuraranga inanga zabo.

3 Baririmbira indirimbo nsha imbere ya ya ntebe y’ubgami, n’imbere ya vya binyabugingo bine na ba bakuru. Nta muntu yashoboye kwiga iyo ndirimbo atari bamwe ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bācunguwe ngo bakūrwe mw isi.

4 Abo ni bo batandujwe n’icitwa umugore, kuko bābaye nk’inkumi. Abo ni bo bakurikira wa Mwagazi ah’ aja hose. Abo bācunguwe mu bantu, kugira ngo babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi.

5 Kandi mu kanwa kabo ntihābonetsemw’ ikinyoma: nta gasembga bagira.


Yohana yerekwa abamarayika batatu

6 Kandi mbona umumarayika wundi aguruka yātiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kw isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose.

7 Avuga n’ijwi rirenga, ati Mwubahe Imana, muyihimbaze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasōko y’amazi.

8 Umumarayika wundi wa kabiri akurikirirako, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni, ca gisagara gihambaye, cateretse amahanga yose vino ni yo burake bg’ubushakanyi bgaco.

9 Umumarayika wundi wa gatatu akurikirirako, avuga n’ijwi rirenga, ati Ni hagira umuntu asenga ca gikōko n’igishushanyo caco, akemera gushirwakw ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza,

10 uwo na we azonywa kuri vino, ni yo burake bg’Imana, yiteguwe idafunguye mu gakarabo k’uburake bgayo. Kand’ azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera n’imbere ya wa Mwagazi.

11 Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw ijoro, abasenze ca gikōko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwakw ikimenyetso c’izina ryaco.

12 Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana n’ukwizera Yesu.

13 Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbgira, rit’ Andika, ut’ Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga, at’ Ego me, ngo baruhuke ubutame bgabo, kukw ibikorwa vyabo bijana na bo bibakurikiye.


Yohana yerekwa isi yimburwa

14 Kandi mbona igicu cera; no kuri kino gicu ūkivyagiyeko, asa n’Umwana w’umuntu, yambaye igitsibo c’izahabu mu mutwe, kand’ afise umuhoro ukarishe mu kuboko.

15 Umumarayika wundi ava mu rusengero, asemerera n’ijwi rirenga, abgira ūvyagiye kur’ ico gicu, ati N’urungike umuhoro wawe, wimbure, kukw iyimbura rishitse, kand’ ivyimburwa vyo mw isi vyumye.

16 Ūvyagiye ku gicu arekurira umuhoro wiwe mw isi, isi irimburwa.

17 Umumarayika wundi ava muri rwa rusengero rwo mw ijuru, na we nyene afise umuhoro ukarishe.

18 Umumarayika wundi ava ku gicaniro, ni we aganza umuriro, asemerera n’ijwi rirenga, abarira ūfise umuhoro ukarishe, ati Rungika umuhoro wawe ukarishe, uce inzabibu zo ku muzabibu w’isi, kukw inzabibu zawo zirungurije.

19 Umumarayika arekurira umuhoro wiwe mw isi, aca inzabibu z’umuzabibu w’isi, aziterera mu bgato bunini bg’ukuraka kw’Imana.

20 Ubgo bgato buganishirizwamw’ ibirenge inyuma ya ca gisagara, amaraso ava mu bgato, ashitsa stadiyo igihumbi n’amajana atandatu, agera ku mijiginya y’amafarasi.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan