Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyahishuwe 13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yohana yerekwa ibikōko bibiri

1 Gihagarara ku musenyi wo ku kiyaga. Mbona igikōko ciburuka kiva mu kiyaga, gifise amahembe cumi n’imitwe ndwi: ku mahembe yaco hārih’ imigāra cumi, no ku mitwe yaco hārih’ amazina y’amarogotano.

2 Ico gikōko nabonye casa n’ingwe, amajanja yaco yar’ ameze nk’ay’ idubu, akanwa kaco kari kameze nk’ak’ intambge. Ca gisato kigiha ububasha bgaco, no kuja ku ngoma yaco, n’ubutware buhambaye.

3 Muri ya mitwe yaco mbonamw’ umwe usa n’ūkomeretse akagīrīre: uruguma rwocishe rurakira. Isi yose ikurikira ico gikōko bagitangarira.

4 Batazira ico gisato bagisenga, kuko cahaye ico gikōko ububasha bgaco; batazira na kino gikōko bagisenga, bati Ni nde ahwanye n’iki gikōko, kandi ni nde ashobora kukirwanya?

5 Gihabga akanwa kavuga ibihambaye n’ivyo kurogota: gihabga n’ubushobozi bgo gushishikara amezi mirongwine n’abiri.

6 Giteranura akanwa kaco kirogota ku Mana, kirogota no kw izina ryayo, no kw ihema ryayo, no ku baba mw ijuru.

7 Gihabga kurwanya abera no kubanesha, kandi gihabga gutwara imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose n’amahanga yose.

8 Kand’ ababa kw isi bose bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yatanzwe kw ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi.

9 Namba har’ umuntu ari n’ugutwi ni yumve.

10 Namb’ umuntu yagerewe gufatwa mpiri azofatwa mpiri; namb’ umuntu yicisha inkota akwiye kuzokwicishwa inkota. Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira bo n’ukwizera kwabo.

11 Kandi mbona ikindi gikōko gisokorotse mw isi: gifise amahembe abiri nk’ay’ umwagazi w’intama, kivuga nk’igisato.

12 Kiganzisha ububasha bgose bga ca gisato ca mbere mu maso yaco, kigōbēra isi n’abayibako gusenga ca gikōko ca mbere, cakize uruguma rwocishe.

13 Kandi gikora ibimenyetso bihambaye, kimanura umuriro uva mw ijuru utibukira kw isi mu maso y’abantu.

14 Kizimirisha ababa kw isi ibimenyetso cahawe gukorera mu maso ya ca gikōko, kibarira ababa kw isi gukora igishushanyo ca ca gikōko cari n’uruguma rw’inkota, kigahava kikabaho.

15 Gihabga guha ico gishushanyo c’igikōko guhūmēka, ngw ico gishushanyo c’igikōko kivuge, kandi cicishe abatazogisenga bose.

16 Kigera ko bose, aboroshe n’abahambaye, n’abatunzi n’aboro, n’abidegemvya n’abagurano, bashirwakw ikimenyetso ku kiganza c’i buryo canke mu ruhanga:

17 kandi ko hatagira umuntu yemererwa kugira ic’ agura cank’ ic’ ashōra, atar’ ūfise ico kimenyetso, ni co zina rya ca gikōko cank’ igitigiri c’izina ryaco.

18 Aho ni ho ubgenge buserukira. Ūfise ubgenge n’aharūre igitigiri c’ico gikōko. N’igitigiri c’umuntu: igitigiri caco n’amajana atandatu na mirongwitandatu na gatandatu.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan