Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyahishuwe 11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivy’ abantu babiri bāshingiye Imana intahe

1 Bampa irenga rimeze nk’inkoni, bati Va hasi ugere urusengero rw’Imana n’igicaniro n’abarusengeramwo.

2 Intangaro y’urusengero uyireke, ntuyigere, kuko yahawe abanyamahanga: kandi n’igisagara cera bazogisiribanga amezi mirongwine n’abiri.

3 Kand’ abanshingira intahe babiri nzobavugisha, bazovugishwa imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu bambaye amagunira.

4 Abo ni bo biti vy’imyelayo bibiri n’ibiterekwakw amatara bibiri, bihagaze imbere ya Nyen’ isi.

5 Kand’ iy’ umuntu agomvye kubagirira nabi umuriro ubava mu kanwa, ugaturira abansi babo: kand’ umuntu ni yagomba kubagirira nabi uko ni kw akwiye kwicwa.

6 Abo bafise ubushobozi bgo gukinga ijuru, ngw imvura ntikoroke mu misi yo kuvugishwa kwabo: kandi bafise ubushobozi ku mazi kuyahindura amaraso no kubabarisha isi icago cose, uko bagomvye.

7 Kandi ni baheza gushinga intahe, igikōko kizodūga kivuye i kuzimu, kizobarwanya, kibaneshe, kibice.

8 Imivyimba yabo izogangarara mw ibarabara ryo mu gisagara kinini, ni co mu buryo bg’impwemu citwa Sodomu na Egiputa, kandi ni ho Umwami wabo yabambge.

9 Kand’ abo mu moko n’imiryango n’indimi n’amahanga bazorāba imivyimba yabo imisi itatu n’igihimba, ntibazokunda kw iyo mivyimba ihambga.

10 Abari mw isi bazonezerwa, bazobītamba ku muvyimba, barungikiranire amashimwe, kukw abo bavugishwa n’Imana bātoneka abari mw isi.

11 Iyo misi itatu n’igihimba ishize impwemu z’ubugingo zivuye ku Mana zibinjiramwo, baravyuka, barahagarara: ubgoba bginshi butera ababarāba.

12 Bumva ijwi rirenga rivuye mw ijuru ribabarira, riti Ni mudūge muze ino. Badūga mu gicu baja mw ijuru abansi babo barorēra.

13 Uwo mwanya isi iratigita, ikigiracumi ca ca gisagara kirasenyuka, ukwo gutigita kwica abantu ibihumbi ndwi, abarokotse baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana Nyen’ ijuru.

14 Ibara rya kabiri riraheze: eh’ irya gatatu rigira rize.


Ivy’ inzamba igira indwi

15 Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.

16 Ba bakuru mirongwibiri na bane, bicara ku ntebe zabo imbere y’Imana, bikubita hasi bubamye, basenga Imana,

17 bati Turagushimye, Mwami Mana ushobora vyose, uriho kandi wamyeho, kuko wābiriye ububasha bgawe buhambaye, ukima.

18 Kand’ amahanga araraka, uburake bgawe buraza, igihe co guciramw’ amateka abapfuye kirashika, n’ico kugereramw’ abasavyi bawe, ni bo bavugishwa nawe, no kugerera abera n’abubaha izina ryawe, aboroshe n’abahambaye, n’ico guhonerezamw’ abahonnya isi.

19 Urusengero rw’Imana rwo mw ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamw’ isandugu y’isezerano ryayo, hakurikira imiravyo n’amajwi n’imituragaro no gutigita kw’isi n’urubura ruhambaye.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan