Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyahishuwe 10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivy’ umumarayika w’inkomezi n’agatabo yar’ afise

1 Mbona umumarayika wundi w’inkomezi, amanuka ava mw ijuru, yambaye igicu, no mu mutwe yari yambaye umunywamazi, mu maso hiwe hasa n’izuba, amaguru yiwe asa n’inkingi z’umuriro.

2 Yar’ afise mu minwe agatabo kazinguruye, ashinga ikirenge c’i buryo ku kiyaga, ic’i bumoso agishinga i musozi.

3 Asemerera n’ijwi rirenga, nk’ukw intambge yivuga: asemereye, imituragaro ndwi ituragara amajwi yayo.

4 Kand’ imituragaro ndwi imaze kuvuga nariko ngira nandike. Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbarira, riti Matanisha ishashara udomemw’ ikimenyetso ivyo imituragaro ndwi ivuze, ntuvyandike.

5 Umumarayika nabonye ahagaze ku kiyaga n’i musozi, amanika ukuboko kw’i buryo, agutunga mw ijuru,

6 arahira Ībaho ibihe bitazoshira, yaremye ijuru n’ibirimwo, n’isi n’ibirimwo, n’ikiyaga n’ibirimwo, ati Ntibigitevye:

7 ariko mu misi y’ijwi ry’umumarayika w’indwi, ah’ azoba agira avuze inzamba, ni ho ibanga ry’Imana rizoba riheraherejwe, nk’uko yabariye abasavyi bayo ubutumwa bgiza, ni bo bavugishwa na yo.

8 Rya jwi numvise rivuye mw ijuru nongera kuryumva rimbarira, riti Genda wābīre igitabo kizinguruye kiri mu kuboko kw’ umumarayika, ahagaze ku kiyaga n’i musozi.

9 Nja ah’ uwo mumarayika ari, ndamubgira kumpa ako gatabo. Arambarira, at’ Enda ugatsontsomere, karakururira mu nda, ariko mu kanwa karagusosera nk’ubūki.

10 Nābīra ako gatabo, ngakūra mu kuboko kw’umumarayika, ndagatsontsomera; mu kanwa kansosera nk’ubūki; mmaze kukarya mu nda hacika umururazi.

11 Barambarira, bat’ Ukwiye kuzosubira kuvugishwa ivy’ amoko menshi n’amahanga menshi n’indimi nyinshi n’abami benshi.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan