Imigani 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Gutumira kwa Bgenge 1 Bgenge yiyubakiye inzu, Yibāziye inkingi ndwi: 2 Yabāze ingumba ziwe; yaturiranije vino yiwe; Yateguye ameza yiwe. 3 Yatumye incoreke ziwe; Asemererera ku gatwe hejuru ko mu gisagara, 4 At’ Umuntu wese w’imburabgenge n’aze yinjire hano: Kand’ abarira ibipfamutima, 5 Ati Ngwino murye ku mazimano yanje, Munywe kuri vino naturiranije. 6 Muve mu bupfu, mubone kubaho; Mugendere mu nzira yo kumenya ubgenge. 7 Ūhana umucokoranyi aba yikwegera kumāramāzwa, Kand’ uwihaniza umunyakibi aba yikwegera iceyi. 8 Ntiwihanize umucokoranyi, yohava akwanka: Wihanize umunyabgenge, azogukunda. 9 Wigishe umunyabgenge, azorushiriza kugira ubgenge: Wigishe umugororotsi, azokwunguka kumenya. 10 Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubgenge, Kand’ ukumenya Uwera ni kwo kumenya ubgenge. 11 Kukw imisi yawe izogwira kubganje, N’imyaka y’ukubaho kwawe izokwongerwa. 12 Ni wagira ubgenge ni wewe uzoba ubgifitiye; Kandi ni wacokorana ni wewe ubgawe bizobako. Gutumira kwa Gipfu 13 Gipfu n’umugore w’indegeteranyi, N’imburabgenge, kandi nta co azi. 14 Yicara ku muryango w’inzu yiwe, No ku ntebe ku gatwe hejuru ko mu gisagara, 15 Ngw ahamagare abahahita, Bagenda baramirije mu nzira zabo, 16 At’ Umuntu wese w’imburabgenge n’aze yinjire hano; Kand’ abarira igipfamutima, 17 At’ Amazi y’amībano araryoshe, N’indya zirīrwa mu mpisho ziranezereye. 18 Ariko wa wundi ntaba azi kw imizimu ari ho iri, Kandi kw abatumire biwe baba i bgina i kuzimu. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi