Imigani 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Imbuto z’ubgenge 1 Mwana wanje, ni wemera amajambo yanje, Ukabīka amabgirizwa yanje muri wewe, 2 Bigatuma utega ugutwi ubgenge, Ugashira umutima ku gutahura; 3 Mbere ni wahamagara ubgenge, Ugashira ijwi hejuru uririra ugutahura; 4 Ni waburondera nk’ifeza, Ukabusesangura nk’ūrondera izahabu zanyegejwe; 5 Ni ho uzotahura ukwubaha Uhoraho ukw ari kwo, Ukaronka ukumenya Imana. 6 Kuk’ Uhoraho atanga ubgenge, Mu kanwa kiwe havamw’ ukumenya n’ugutahura. 7 Abīkira abagororotsi ubgenge buroranye, Ni we nkinzo y’abagenda batunganye. 8 Kugira ngw arinde inzira z’ imanza ziroranye, Kand’ azigame urugendo rw’ abayoboke biwe. 9 Ni ho uzotahura ubugororotsi n’imanza ziroranye, N’ibitunganye, mbere n’inzira nziza yose. 10 Kuk’ ubgenge buzokwinjira mu mutima wawe, Kand’ ukumenya kuzohimbara ubugingo bgawe. 11 Amakenga azogushibamira, Ugutahura kuzokuzigama, 12 Ngo bigukize inzira y’ikibi, N’abantu badadika, 13 Bata inzira zo kugororoka, Ngo bagendere mu nzira z’ umwiza; 14 Banezererwa gukora ikibi, Bahimbarwa n’ibidadi vy’ikibi; 15 Inzira zabo ziragoramanze, N’ingendo zabo n’izinguzingu. 16 Kandi ngo bigukize umugore w’icigenze, Mber’ igukize umunyamahangakazi ahemanisha amagambo yiwe, 17 Yataye umukunzi wo mu buto bgiwe, Yibagiye isezerano ry’Imana yiwe: 18 Kukw inzu yiwe ihengamiye mu rupfu, Kand’ inzira ziwe zija mu bāpfuye. 19 Abaja i we nta ho bagaruka ukundi, Kandi ntibashikīra inzira z’ ubugingo. 20 Ni ho uzogendera mu nzira y’abagira neza, Ukitondera inzira z’abagororotsi. 21 Kukw abagororotsi bazokwībēra mu gihugu, Kand’ abatunganye bazokwamayo. 22 Arikw abanyavyaha bazokomborwa mu gihugu, Kand’ abaguranyi bazorandurwa muri co. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi