Hoseya 8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ibihano bizoba ku Bisirayeli 1 Shira inzamba ku munwa! Araje nk’inkukuma, gutera ingoro yanje, jewe Uhoraho! Kuko bishe isezerano ryanje, bagacumura ku vyagezwe vyanje. 2 Bazontakambira, bati Mana yacu, twebge Abisirayeli turakuzi. 3 Ereg’ Abisirayeli bataye ivyiza: umwansi azobakinagiza. 4 Biyimikiye abami ntabibageze; bitoranirije abaganwa nanje ntabizi: bikoreye ibigirwamana mu mafeza yabo no mu mazahabu yabo, bihamagarira guherengetezwa. 5 Nzinutswe imasa yawe y’ikigirwamana, ewe Samariya! Uburake bganje burabaziriringiye: bazogeza ryari kwanka kwihumanura? 6 Kukw ico kigirwamana candurutse ku Bisirayeli, umukozi ni we yagikoze: ereg’ ico s’Imana nya mana: mber’ iyo masa y’i Samariya izovunagurwa. 7 Ko bābivye umuyaga bazokwimbura agashururu: nta n’agahundo bazoronka; ikizomera ntikizohunda impeke; n’icohunda, coyongobezwa n’abanyamahanga. 8 Abisirayeli barayongobejwe: ubu bari mu mahanga bameze nk’urwavya rudahimbaye. 9 Kuko bādūze, bakaja muri Ashuri, nk’ indogoba y’inyeshamba yīgunze ukwayo: Efurayimu yironkeshereje abūzure impēra. 10 Mbere naho batanga impēra mu mahanga, sinzobura kubakoranya; kandi bazotangura gukeha kubg’ umutwaro umwami ari hejuru y’abaganwa azogenda abaremēka. 11 Efurayimu ko yakwiragije ibicaniro vyo gukora ivyaha, ivyo bicaniro bizomubera ivyaha nyene. 12 Naho nomwandikira ivyagezwe vyanje nkabigira isinzi, yovyita nk’ikintu c’icaduka. 13 Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa. 14 Kuko Isirayeli yibagiye Umuremyi wiwe, kandi yiyubakiye utunyabugoro; kandi na Yuda yakwiragije ibisagara vyubakiwe inzitiro; ariko nzorekurira umuriro ku bisagara vyiwe, utōngōre n’ibihome vyavyo. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi