Hoseya 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Hoseya yongera kugarukana wa mugore 1 Maz’ Uhoraho arambarira, ati Subira ugende, ukunde wa mugore akundwa n’umwūzure wiwe, kandi w’umusambanyikazi, nk’uk’ Uhoraho nkunda Abisirayeli, naho bo bāhindukiriye izindi mana, bagakunda uturobe tubumbabumbge mu nzabibu zumye. 2 Nuko ndamutangakw intete z’ifeza cumi na zitanu, n’ingero yitwa homeru ya sayiri imwe n’igice. 3 Maze ndamubarira, nt’ Uzomara imisi myinshi undorereye; ntuz’ uje mu busambanyi, ntuz’ uje ku wundi mugabo wese: nanje nzokumerera ntyo. 4 Kukw Abisirayeli bazomara imisi myinshi ata mwami, ata n’ūganza, ata n’ikimazi batanga, ata n’inkingi y’ikigirwamana, ata n’umwambaro witwa efodi cank’ ibigirwamana vyitwa terafimu: 5 maz’ amaherezo Abisirayeli bazogaruka, barondere Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo; bazoba mu gatengo baje k’Uhoraho no ku migisha yiwe mu misi y’iherezo. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi