Hoseya 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Igihano ca Isirayeli wa musambanyikazi 1 Mwite barumuna banyu, Bantubanje, na bashiki banyu, ba Inambabazi. 2 Ni mwībūranire na nyoko, ni mwībūranire; kukw atar’ umugore wanje, nanje sind’ umugabo wiwe: n’akūre ubushegabo bgiwe mu maso hiwe, n’ubumaka bgiwe abukūre hagati y’amabere yiwe; 3 kugira ngo sinze ndamusige amēnya, akamera nk’umusi yavutseko, nkamuhindura nk’ubugaragwa, nkamusiga ngaho ameze nk’ ubgeranyange, nkamwicisha inyota. 4 Mbere sinzogirira abana biwe imbabazi, kukw ar’ abana b’abasambanano, 5 nyina akaba yarīhinduye maraya, uwabavyaye akaba yarakoze ibiteye isoni: kuko yavuze, ati Ndikurikirira abūzure banje, bampa ivyo ndya n’ivyo nnywa, bakampa ubgoya bg’intama n’ipampa, bo n’amavuta n’ibinyobga. 6 Ni co gituma ngira nsākize amahwa inzira yiwe, ndamuzitirire uruzitiro rwo kumubuza, ngo yoye kubona ah’ aca. 7 Azokwirukira abūzure biwe, ariko ntabahamvye, azobarondera, ariko ntababone. Ni ho azovuga, ati Hinge nsubire ku mugabo wanje wa mbere, kuk’ ubga mbere nari mmerewe neza kuruta ubu. 8 Erega ntiyamenye kw ari jewe namuha za ngano na vino n’amavuta, nkamusenyurirakw ifeza n’izahabu, ivyo bākoreshereje Bayali. 9 Ni co gituma nzosubira ku ngano zanje mu gihe zokweze, no kuri vino yanje mu gihe yoganiwe, kandi nzomushikura bga bgoya bganje bg’intama n’ipampa yanje, vyari kumumara ubgambure bgiwe. 10 Noneho ngira ngaragarize ibiteye isoni vyiwe imbere y’abūzure biwe, kandi nta n’umwe azomurokora ngw amunkūre mu maboko. 11 Nzomucakw ibitwengo, n’imisi mikuru yaziririza, bo n’ imboneko z’amezi n’amasabato n’ imisi mikuru yose yashinzwe. 12 Kandi nzoririka imizabibu yiwe n’imisukoni yiwe, ivyo yahora avuga, at’ Izi n’impēra zanje nahawe n’abūzure banje. Nukw ivyo ngira ndabihindure ishamba, vyōnwe n’ibikōko vyo mw ishamba. 13 Nzomuhōra imisi yamaze yosereza za Bayali imibavu, yisakaye impeta n’utugenegene, agakurikira abūzure biwe, nanje jeho akanyibagira, ni k’Uhoraho agize. 14 Nuko rero, ehe ngira ndamukwēgēre, mmushikane mu bugaragwa, ndamuremeshe. 15 Nzohamukomōrera imizabibu yiwe, ndamuhe ca kiyaya c’i Akori ngo kimubere irembo ry’ivyizigiro: na we azoharirimbira, nko mu gihe c’ubuto bgiwe, nko mu gihe yadūga, avuye mu gihugu ca Egiputa. 16 Kandi kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho agize, uzonyita umugabo wawe, ntuzoba ukinyita shobuja. 17 Kuko nzokūra mu kanwa kiwe amazina ya za Bayali, kandi n’amazina yazo ntazokwongera kwibukwa ukundi. 18 Maze kur’ uwo musi nzosezerana isezerano n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibisīga vyo mu kirēre, n’ivyikwega hasi, kubganyu: kandi nzoca umuheto n’inkota n’intambara bibavire mu gihugu, ntume baryama amahoro. 19 Kandi nzokwikwerera ube uwanje ibihe bidashira; mbere nzokwikwerera mu bugororotsi no mu kuroranya no mu kugira neza no mu mbabazi. 20 Ni koko nzokwikwerera mu kuba umwizigirwa: nawe uzommenya jewe Uhoraho. 21 Kandi kur’ uwo musi nzokwitaba ijuru, ni jewe Uhoraho mbivuze, na ryo ryitabe isi, 22 isi na yo yitabe ingano na vino n’amavuta, na vyo vyitabe Yezireli. 23 Ni jewe nzomwibibira mu gihugu; kandi Ntambabazi nzomugirira imbabazi, mbarire Sabantubanje, nti Mur’ abantu banje; na bo bazovuga, bat’ Ur’ Imana yacu. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi